Nugume wituniye ku guhindura abantu abigishwa
1. Ni igiki gikenewe kugira ngo abantu bazorokoke?
1 Raporo y’umwaka w’umurimo wa 2014 irerekana umwete n’umwiyemezo abasavyi b’Imana bafise mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. (Mat. 24:14) Biciye ku kwamamaza inzu ku nzu, ku masekeza adasanzwe yo gutanga udupapuro tw’inkuru nziza be n’ubutumire, hamwe n’uburyo bwo kwamamaza ku mugaragaro, ubu turiko turabwira abantu benshi ubutumwa bwo muri Bibiliya kuruta ikindi gihe cose. Ariko rero, kugira abantu bazorokoke, dutegerezwa kubafasha babe abigishwa ba Yezu mu kubigisha Bibiliya.—1 Tim. 2:4.
2. Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza kugira ngo tube abantu bama barondera gutanguza inyigisho ya Bibiliya?
2 Niwame urondera gutanguza inyigisho ya Bibiliya: Igihe umuntu yerekanye ko ashimishijwe, woba ugerageza kumusaba aderese yiwe kandi ugaca usubira ku mugendera udatebaganye ufise intumbero yo gutanguza inyigisho ya Bibiliya? Ni ryari uheruka kugerageza gutanguza inyigisho ya Bibiliya ugendeye umuntu ari bwo bwa mbere? Ni ryari uheruka gusaba abo uhora ushira ibinyamakuru ko mwokwiga Bibiliya? Abo mukorana, abo mwigana, ababanyi, incuti, be n’abandi muzinanyi woba umaze kubereka ividewo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? be n’ividewo Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya? Igihe uba uriko urakoresha imeza canke ka kantu gafise amapine, woba wihatira kubwira abatoye igisohokayandikiro c’ukwiga ko kino gifasha umuntu kwiga Bibiliya ku buntu?
3. Kugira ngo turoranirwe mu kwigisha ukuri, twokora iki?
3 Yehova na Yezu baradufasha: Kuba Yezu yabanje kuvuga ngo “Nimugende” igihe yatanga itegeko ryo ‘guhindura abantu abigishwa,’ yerekanye ko dukwiye kugira utwigoro kandi tukibwiriza. Yamara, ntiyaturetse ngo twibeko, ahubwo yadusezeraniye ko ari kumwe natwe. (Mat. 28:19, 20) N’ikindi kandi, Yehova yaraduhaye impwemu yiwe nyeranda, yongera araduha ibikoresho be n’ukumenyerezwa dukeneye kugira ngo twigishe abantu ukuri. (Zek. 4:6; 2 Kor. 4:7) Turashobora gusenga dusaba ko twogira ugushaka n’ububasha kugira ngo tugire uruhara muri ico gikorwa gihambaye.—Flp. 2:13.
4. Kubera iki dukwiye kwitunira ku guhindura abantu abigishwa?
4 Kwamamaza inkuru nziza biratuma tugira umunezero mwinshi. Ariko rero, umunezero wacu urongerekana mu gihe twigisha umuntu ukuri tukongera tukamufasha kwifatanya natwe guca mu ‘nzira ijana mu buzima.’ (Mat. 7:14; 1 Tes. 2:19, 20) N’ikiruta vyose, tugumye twitunira ku guhindura abantu abigishwa, turanezereza Yehova, uno akaba “adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya.”—2 Pet. 3:9.