UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ingene twotanguza ibiyago dukoresheje udupapuro tw’inkuru nziza
Kuva muri Nzero 2018, urupapuro rwa mbere rw’agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu ruba ruriko uburyo bwo gutanguza ibiyago. Twaremeshejwe kwitwararika kuganira n’abantu aho kubaha gusa ibitabu. Kugira abamamaji biborohere, harateguwe amavidewo y’ingene twotanguza ibiyago dukoresheje Bibiliya gusa. None ivyo vyoba bisobanura ko tudakwiye gukoresha ibitabu igihe twamamaza inzu ku nzu? Habe namba! Nk’akarorero, udupapuro tw’inkuru nziza turashobora kuba ngirakamaro mu gutanguza ikiyago. Igihe ukoresha agapapuro k’inkuru nziza ako ari ko kose, urashobora kwisunga ubu buryo:
Baza uwo muyaga kirya kibazo gitangura gifise inyishu zo guhitamwo.
Mwereke inyishu Bibiliya itanga iri mu canditswe (mu vyanditswe) dusanga hejuru ku rupapuro rwa kabiri. Umwanya ubikunze, nimusome mwongere muyage ku makuru amwamwe ari muri ako gapapuro.
Numuhe ako gapapuro, uce umuremesha gusoma amakuru asigaye niyaronka akanya.
Imbere y’uko muvana, mwereke ikibazo kiri ahavuga ngo “Zirikana kuri ibi bintu” muce mupanga ingene mwoyaga ku nyishu Bibiliya itanga ubukurikira.
Ugarutse, nimuyage ku nyishu Bibiliya itanga uce usiga ikibazo muzoyagako ubukurikira. Woshobora kugihitamwo kuri jw.org canke mu gatabu kerekanwa mu mpera z’ako gapapuro. Ubonye ko bibereye, woshobora kumwinjiza mu gatabu Inkuru nziza iva ku Mana canke ikindi gitabu dukoresha mu kwigisha.