Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza muri Gitugutu: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Munyonyo na Ndamukiza: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? canke Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?, Imibabaro yoba izoteba igahera?, Ni igiki cotuma mu rugo harangwa agahimbare?, Ni nde vy’ukuri aganza isi?, Ubona gute Bibiliya?, Ubona gute kazoza? be na Woba ushaka kumenya ukuri? Nzero na Ruhuhuma: Kamwe muri utu dutabu bw’impapuro 32: Inkuru nziza iva ku Mana, Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera.
◼ Nk’uko vyasiguwe mw’ikete ryarungikiwe amashengero yose ryo ku wa 7 Munyonyo 2013, udupapuro twose tw’inkuru nziza turakwiye gushirwa kuri raporo y’umurimo ya buri kwezi, aho hakaba harimwo ubutumire bw’Icibutso be n’ubw’Ihwaniro ry’akarere. Turabasavye muzogume mwibuka ayo makuru.