Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza muri Nyakanga na Gitugutu: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi be na Be maso! Munyonyo na Kigarama: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? canke kamwe muri utu dupapuro tw’inkuru nziza: Imibabaro yoba izoteba igahera? (T-34) na Ubwami bw’Imana ni iki? (T-36)
◼ Insiguro idasanzwe izoshikirizwa mu kiringo c’Icibutso co mu 2016 izoshikirizwa mu ndwi yo ku wa 28 Ntwarante. Umutwe-shimikiro w’iyo nsiguro uzomenyeshwa hanyuma. Amashengero azoba afise iteraniro kuri iyo mpera y’umushamvu canke yagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko, azoshikirizwa iyo nsiguro idasanzwe ku ndwi ikurikira. Nta shengero na rimwe rikwiye kuzoshikirizwa iyo nsiguro imbere yo ku wa 28 Ntwarante.
◼ Twashaka kubibutsa ko buri mwaka abakurambere bakwiye kurabira hamwe n’ishengero ivyiyumviro biri mw’ikete ryo kw’igenekerezo rya 6 Nzero 2012 rivuga ibijanye no kwitegurira ivyago vy’ivyaduka n’icokorwa igihe biteye.
◼ Ukwezi kwa Gitugutu gufise imisi ya gatandatu itanu, kuzoba ari ukwezi kworoshe gukoramwo ubutsimvyi.