Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 5 Gitugutu
INDWI ITANGURA KU WA 5 GITUGUTU
Ururirimbo rwa 13 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 31 ing. 13-20 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Ngoma 1-4 (Imin. 8)
No. 1: 1 Ngoma 1:28-42 (Imin. 3 canke idashika)
No. 2: Eli—Umutwe: Kurekerana ibintu ntibitera iteka Imana—ia rup. 62 ing.13-15 (Imin. 5)
No. 3: Imvugo “Antikristo” yerekeza kuri bande?—w06 1/12 rup. 4-7 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: “Gushingira intahe inogangije inkuru nziza.”—Ivyak. 20:24.
Imin. 10: Gushikiriza ibinyamakuru muri Gitugutu. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimuhere ku kugira imyerekano ibiri mukoresheje ubwo buryo bwo kubishikiriza buri kuri uru rupapuro. Nimuce muca irya n’ino ubwo buryo bwo kubishikiriza bwose kuva mu ntango gushika ku mpera.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Twakoze gute? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abamamaji bavuge ingene bungukiye ku gushira mu ngiro ivyiyumviro vyo mu kiganiro “Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Kwamamaza mu bibanza bikorerwamwo ivy’ubudandaji.” Nusabe abumviriza bigane ivyabonywe biremesha.
Ururirimbo rwa 98 n’isengesho