Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Nufashe abo wigisha Bibiliya batsimbataze akamenyero keza ko kwiyigisha
Igituma bihambaye: Kugira ngo abiga Bibiliya babe abakomeye mu vy’impwemu, bategerezwa kugaburira imizirikanyi n’imitima yabo ibirenze inyigisho z’ishimikiro zo mw’Ijambo ry’Imana. (Heb. 5:12–6:1) Kwiga bisaba akigoro. Harimwo kurondera isano riri hagati y’ibintu bishasha twize n’ivyo dusanzwe tuzi no kuzirikana ku kuntu ivyo twize ari ngirakamaro. (Imig. 2:1-6) Igihe abariko bariga Bibiliya bamenye kwigirira ubushakashatsi bizobafasha kwishura ibibazo bishingiye kuri Bibiliya bakoresheje ibisohokayandikiro vyacu. Akigoro bagira mu kwihatira gushira mu ngiro ivyo biga kazobafasha gutsinda ibigeragezo bizobashikira mu buzima bwabo bwa gikirisu.— Luka 6:47, 48.
Muri uku kwezi nugerageze iki kintu:
Murangije agatwe canke umutwe, nusabe uwo wigisha Bibiliya avuge muri make ivyo muhejeje kwiga. Niba ata we ufise, niwimenyereze kugira incamake y’igisomwa kinaka co muri Bibiliya canke ingingo yo mu Munara w’Inderetsi kugira ngo uryohore ububasha bwawe bwo gutahura ivyo usoma.