ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/05 rup. 3-6
  • Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibisohokayandikiro bisabwa gukoreshwa
  • Uburyo bwo kwitegura:
  • Guhuza icigwa n’ivyo umutohoji akeneye
  • Kwigisha ufatiye kw’Ijambo ry’Imana
  • Guca umurongo ku nyishu no kugira utwo wanditse
  • Guca ku masonga be n’isubiramwo
  • Kwubaka ukwizera gukomeye
  • Kutaja mu bindi mu gihe c’inyigisho
  • Kuba umuntu azi kuraba ikibereye
  • Kwifata ruto
  • Ingene wotangura kuza urasenga mu gihe c’inyigisho
  • Ivyo woshira mw’isengesho
  • Amakoraniro y’ishengero
  • Gukoresha amavidewo kugira ukomeze ugukenguruka kwabo
  • Kubaremesha gushinga intahe
  • Kubamenyereza kubwira abandi ivyo bemera
  • Kwitegura muri kumwe
  • Kwamamaza muri kumwe
  • Kwitegurira gusubirayo
  • Kubandanya gusubira kugendera abantu ubigiranye ubwira
  • Gusaba umuntu ngo twigane Bibiliya
  • Kumenyereza abatohoji kuba abigisha
  • Ingene twokwigisha umuntu Bibiliya agashika ku kubatizwa​—Igice ca mbere
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Nufashe abo wigisha Bibiliya gutera imbere babatizwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Ingene twokwigisha umuntu Bibiliya agashika ku kubatizwa​—Igice ca kabiri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Twitegurire neza kwigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 9/05 rup. 3-6

Bika neza iyi nyongera

Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere

Iyi nyongera irimwo ivyiyumviro nyamukuru vyo mu rukurikirane rw’ibiganiro bishingiye ku kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere vyasohotse mu Gikorwa dukorera Ubwami. Twese turemeshejwe kubika neza iyi nyongera no kuza turayisuzuma igihe cose turongora inyigisho za Bibiliya. Vyongeye, ivyiyumviro biri muri iyi nyongera vyoshimikwako mu gihe c’amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro, kandi abacungezi b’umurimo boyikoresha nka yo shimikiro y’insiguro bashikiriza igihe bagendera imigwi y’inyigisho y’igitabu.

Igice ca 1: Inyigisho ya Bibiliya ni iki?

Igihe ugiranira n’umuntu ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya udahorereza kandi mu buryo buri ku rutonde, naho vyoba ari bigufibigufi, mukoresheje Bibiliya na kimwe mu bisohokayandikiro bisabwa gukoreshwa, uba uriko urarongora inyigisho ya Bibiliya. Iyo nyigisho yoshobora gushirwa kuri raporo igihe iba yarongowe incuro zibiri inyuma y’aho mumariye kugira icigwa c’akarorero co kumwereka ingene bigenda, kandi hakaba hariho ivyemeza ko iyo nyigisho izobandanya.—km 7/04 rup. 1.

Ibisohokayandikiro bisabwa gukoreshwa

◼ Ni Ibiki Imana Idusaba?

◼ Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera

◼ Senga Imana Yonyene y’Ukuri

◼ Agatabu Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana! karashobora gukoreshwa mu kwigana n’abantu bize amashure make be n’abatazi gusoma neza.

Igice ca 2: Kwitegurira kurongora inyigisho

Turakeneye gushikiriza amayagwa mu buryo bukora ku mutima umutohoji. Ivyo bisaba ko twitegura mu buryo bunogangije tuzirikana uwo mutohoji.—km 8/04 rup. 1.

Uburyo bwo kwitegura:

◼ Nusuzume umutwe w’ikigabane canke w’icigwa, udutwe dutoduto be n’ivyo umuntu ashobora kubonesha amaso vyofasha inyigisho.

◼ Nurabe inyishu z’ibibazo vyanditswe, ushire akamenyetso gusa ku majambo canke ku mvugo nyamukuru.

◼ Nucagure ivyanditswe mu vyatanzwe, vyosomwa mu gihe c’inyigisho. Nugire utwo wanditse mu ncamake ku mubari w’ico gisohokayandikiro mwigamwo.

◼ Niwitegurire kugira isubiramwo rigufi ry’ivyiyumviro nyamukuru.

Guhuza icigwa n’ivyo umutohoji akeneye

◼ Nusenge ku biraba uwo mutohoji be n’ivyo akeneye.

◼ Nuzirikane imbere y’igihe ku vyiyumviro vyohava bigora uwo mutohoji gutahura canke kwemera.

◼ Rimbura ibi bibazo: ‘Ni ibiki akeneye gutahura no kuryohora kugira atere imbere mu vy’impwemu? Noshobora gute kumukora ku mutima?’.

◼ Nimba bikenewe, nutegure akarorero canke urukurikirane rw’ibibazo bifasha uwo mutohoji gutahura insobanuro y’iciyumviro kinaka canke y’icanditswe kinaka.

Igice ca 3: Gukoresha Ivyanditswe mu buryo bushika ku nyota

Intumbero tuba dufise igihe turongora inyigisho za Bibiliya ni iyo ‘guhindura abantu abigishwa’ mu kubafasha gutahura no kwemera inyigisho z’Ijambo ry’Imana no kuzishira mu ngiro mu buzima bwabo (Mat. 28:19, 20; 1 Tes. 2:13). Ku bw’ivyo, iyo nyigisho ikwiye kuba ishingiye ku Vyanditswe.—km 11/04 rup. 4.

Kwigisha ufatiye kw’Ijambo ry’Imana

◼ Niwereke uwo mutohoji uburyo bwo gutora ivyanditswe muri Bibiliya yiwe.

◼ Nimurabire hamwe imirongo yo muri Bibiliya yerekana ishingiro ryo mu Vyanditswe ry’ivyo twemera mwongere muyiganireko.

◼ Nukoreshe ibibazo. Aho gusigurira nya mutohoji ivyanditswe vyo muri Bibiliya, musabe abe ari we abigusigurira.

◼ Nturemereze insobanuro. Ntugerageze gusigura buri gace kose k’icanditswe. Nuvuge gusa ibikenewe kugira utomore iciyumviro kiriko kirihwezwa.

◼ Niwerekana ingene icanditswe kanaka coshirwa mu ngiro mu buryo ngirakimazi. Nufashe uwo mutohoji kubona ingene ivyanditswe vyo muri Bibiliya bimuraba ubwiwe.

Igice ca 4: Kwereka abatohoji uburyo bwo gutegura

Umutohoji asoma icigwa imbere y’igihe, agaca akarongo ku nyishu kandi akiyumvira ukuntu azivuga mu majambo yiwe bwite, akenshi aratera imbere ningoga mu vy’impwemu. Ku bw’ivyo, inyigisho ya Bibiliya idahorereza imaze gutanguzwa neza, nimutegurire hamwe n’uwo mutohoji icigwa kanaka kugira ngo umwereke ingene umuntu abigenza. Ku batohoji nka bose, vyoba ngirakamaro muteguriye hamwe ikigabane cose uko kingana canke icigwa cose.—km 12/04 rup. 1.

Guca umurongo ku nyishu no kugira utwo wanditse

◼ Nusigure uburyo bwo gutora inyishu zidomako z’ibibazo vyanditswe.

◼ Niwereke uwo mutohoji agatabu kawe canke igitabu cawe ukoresha mu gihe c’inyigisho, waciyemwo akarongo munsi y’amajambo canke ivyiyumviro nyamukuru.

◼ Numufashe kubona ko icanditswe cose casubiwemwo hari iciyumviro kanaka gishigikira muri iyo ngingo, wongere umwereke uburyo bwo kugira utwo yiyandikiye ku mubari w’agatabu canke igitabu yigamwo.

Guca ku masonga be n’isubiramwo

◼ Niwereke uwo mutohoji ingene asuzuma umutwe-shimikiro w’ikigabane canke w’icigwa, udutwe dutoduto be n’amafoto canke amashusho imbere y’uko atangura gutegura mu buryo bwimbitse.

◼ Nuremeshe uwo mutohoji gusubiramwo ivyiyumviro nyamukuru vy’ico cigwa imbere y’uko arangiza ivyo ariko arategura.

Igice ca 5: Kuraba ivyo mwokwiga ingene vyoba bingana

Ivyo kwigwa ingene vyoba bingana vyovana n’ubushobozi bwa nyene kwigisha n’ubwa nyene kwiga hamwe n’ukuntu ivyabo vyifashe.—km 1/05 rup. 1.

Kwubaka ukwizera gukomeye

◼ Ntushime kwihutagiza kandi umutohoji adatahura neza Ijambo ry’Imana.

◼ Nufate umwanya wose ukenewe kugira ngo ufashe umutohoji gutahura no kwemera ivyo ariko ariga.

◼ Nufate umwanya uhagije wo kurimbura ivyanditswe nyamukuru inyigisho twigisha zishingiyeko.

Kutaja mu bindi mu gihe c’inyigisho

◼ Niba umutohoji asa n’uwushaka kumara umwanya muremure avuga ibimwerekeye, hari aho vyokenerwa ko uraba ukuntu mubiyaga inyigisho iheze.

◼ Ntuvuge ibintu birenze urugero mu gihe c’inyigisho. Igihe ucishijemwo ivyiyumviro canke ivyabonywe kanaka, bikwiye kutaba vyinshi canke ngo bibe birebire cane ku buryo bibuza uwo mutohoji kuronka ubumenyi ntagakosa bwerekeye inyigisho za Bibiliya z’ishimikiro.

Igice ca 6: Igihe umutohoji abajije ikibazo

Inyigisho ya Bibiliya imaze gutangura nya gutangura, mu bisanzwe ni vyiza ko inyigisho zishingiye kuri Bibiliya zirimburwa kurya nyene zikurikirana aho kuza turasimbasimba tuva kuri iki cigwa tuja kuri kiriya. Ivyo birafasha umutohoji gushinga umushinge w’ubumenyi ntagakosa no gutera imbere mu vy’impwemu.—km 2/05 rup. 6.

Kuba umuntu azi kuraba ikibereye

◼ Ibibazo bijanye n’ivyo muriko muriga birashobora mu bisanzwe guca vyishurwa ubwo nyene.

◼ Ibibazo bitajanye n’ivyo muriko muriga canke bisaba ko ugira ubushakashatsi vyoshobora kurimburwa ikindi gihe. Vyofasha ugize aho wanditse mwene ivyo bibazo.

◼ Niba uwo mutohoji bimugora kwemera inyigisho yinaka, nimurimbure ayandi mayagwa aca irya n’ino mu buryo bunogangije ico kibazo.

◼ Niba uwo mutohoji atanyuzwe, ico kibazo nimukibikire ikindi gihe maze mubandanye kwiga nk’uko bisanzwe.

Kwifata ruto

◼ Niba utazi neza inyishu y’ikibazo kanaka, uraraba ntuhave utanga iciyumviro cawe.

◼ Buhorobuhoro, niwigishe uwo mutohoji uburyo bwo kugira ubushakashatsi.

Igice ca 7: Gutura isengesho mu gihe c’inyigisho

Kugira ngo abatohoji ba Bibiliya batere imbere mu vy’impwemu, umuhezagiro wa Yehova ni ntahara. Ni co gituma bibereye ko inyigisho imaze gushinga imizi tuyitanguza tukongera tukayisozera n’isengesho.—km 3/05 rup. 4.

Ingene wotangura kuza urasenga mu gihe c’inyigisho

◼ Akenshi turashobora gutura isengesho tugitangura kwiga n’abantu bakunda ivy’ugusenga.

◼ Ku bandi, twokenera kubanza kuraba igihe kibereye co gutangura kuza turasenga mu gihe c’inyigisho.

◼ Woshobora gukoresha Zaburi 25:4, 5 na 1 Yohana 5:14 kugira ngo usigure igituma isengesho rikwiye guturwa.

◼ Woshobora gukoresha Yohana 15:16 kugira ngo werekane igituma dukwiye gusenga Yehova tubicishije kuri Yezu Kirisitu.

Ivyo woshira mw’isengesho

◼ Birabereye gushemeza Yehova nka we Soko ry’ivyo twiga.

◼ Amajambo yerekana ko witwararika vy’ukuri uwo mutohoji.

◼ Amajambo yerekana ko dukenguruka ishirahamwe Yehova ariko arakoresha.

◼ Ugusaba ko Yehova ahezagira utwigoro uwo mutohoji agira kugira ngo ashire mu ngiro ivyo ariko yiga.

Igice ca 8: Kuyobora abatohoji ba Bibiliya kw’ishirahamwe

Ihangiro tuba dufise igihe turongora inyigisho za Bibiliya si iryo guha abatohoji amakuru ajanye n’inyigisho gusa, ariko kandi harimwo n’ukubafasha gucika abo mu bagize ishengero rya gikirisu. Nuze urafata umwanya w’iminuta mikeyi wo kuganira na we ikintu kanaka cerekeye ishirahamwe rya Yehova.—km 4/05 rup. 8.

Amakoraniro y’ishengero

◼ Nubasigurire ikoraniro rimwerimwe ryose. Nubasabe kwitaba amakoraniro mugitangura kwiga ari bwo bwa mbere.

◼ Nimuganirire hamwe ivyiyumviro vyibonekeje vyashikirijwe ku makoraniro.

◼ Nutume barushiriza kugirira igishika Icibutso, amateraniro be n’ikiringo co kugenderwa n’umucungezi w’umuzunguruko.

◼ Nukoreshe amashusho ari mu bitabu vyacu kugira ubafashe kumera nk’ababona mu bwenge ingene bigenda.

◼ Nubaremeshe gusoma ka gatabu Ivyabona vya Yehova—Ni Bande? Bemera Ibiki?

Gukoresha amavidewo kugira ukomeze ugukenguruka kwabo

◼ Ya videwo yitwa Les Témoins de Jéhovah: Un nom, une organisation (Ivyabona vya Yehova—Ni izina n’ishirahamwe)

◼ Iyitwa Toute la communauté des frères (Umuryango wacu wose w’abavukanyi)

◼ Iyitwa Unis grâce à l’enseignement divin (Barafatanye mu nda bivuye ku nyigisho iva ku Mana)

◼ Iyitwa Jusqu’aux extrémités de la terre (Gushika ku mpera y’isi)

Igice ca 9: Gufasha abatohoji kwitegurira gushinga intahe akaryo kizanye

Igihe abatohoji ba Bibiliya batanguye kugaragaza ukwizera bafitiye ivyo bariko bariga, baravyurirwa umutima wo kubiyagira abandi.—km 5/05 rup. 1.

Kubaremesha gushinga intahe

◼ Hoba hariho abagenzi be n’abo mu muryango ashobora gusaba nimba boza kwifatanya na we mu nyigisho?

◼ Nta we bakorana, bigana canke uwundi muntu uwo ari wese bazinanye yoba yarashimishijwe?

Kubamenyereza kubwira abandi ivyo bemera

◼ Mu gihe c’inyigisho, ugeze ku vyiyumviro wahisemwo hakiri kare, nubaze uwo mutohoji uti: “Ubona wokoresha gute Bibiliya mu gusigurira umuryango wawe uku kuri?”.

◼ Nufashe uwo mutohoji gutegera ko igihe abwira abandi ivyerekeye Imana be n’imigambi yayo, akeneye kugaragaza icubahiro no kuba umugwaneza.

◼ Abatohoji boshobora gukoresha ka gatabu Ivyabona vya Yehova—Ni Bande? Bemera iki? kugira ngo bafashe abagenzi n’incuti gutahura ivyo twemera n’ivyo dukora bishingiye kuri Bibiliya.

Igice ca 10: Kumenyereza abatohoji mu busuku bw’inzu ku nzu

Igihe abakurambere babonye ko umutohoji wa Bibiliya akwije ibisabwa vyo kuba umwamamaji atarabatizwa, arashobora gutangura kwifatanya n’ishengero mu gikorwa co kwamamaza ku mugaragaro.—km 6/05 rup. 1.

Kwitegura muri kumwe

◼ Niwereke uwo mwamamaji mushasha aho ashobora gusanga uburyo bwo gutanguza ikiyago twagiriwe inama gukoresha.

◼ Numufashe guhitamwo uburyo bworoshe kandi ngirakamaro buhuye n’ukuntu ibintu vyifashe mu cibare canyu.

◼ Numuremeshe gukoresha Bibiliya mu busuku bwiwe.

◼ Nimusubiremwo uburyo bwo gutanguza ikiyago muri kumwe. Numwereke ukuntu yovyifatamwo abigiranye ubugenge igihe abo biyaze bavyakiriye uko bakunda kuvyakira.

Kwamamaza muri kumwe

◼ Nureke uwo mutohoji yihweze igihe ushikiriza ikiyago mwempi mwateguriye hamwe.

◼ Ntiwirengagize kamere z’uwo mutohoji be n’ivyo ashoboye. Rimwe na rimwe, biraba vyiza uwo mutohoji ashikirije igice gitoyi c’ico kiyago.

◼ Nufashe uwo mwamamaji mushasha kwishingira urutonde rwo kuja mu busuku adahorereza.

Igice ca 11: Gufasha abatohoji ingene bosubira kugendera abantu

Kwitegurira gusubira kugendera umuntu, bitangura tukimugendera ari bwo bwa mbere. Nuremeshe umutohoji kwitwararika bivuye ku mutima abo baganira. Nugende uramumenyereza buhorobuhoro ingene yotuma abantu baserura iryo bagona, ingene yobatega yompi bariko barashikiriza ivyiyumviro vyabo, be n’ingene yobona ibibaraje ishinga.—km 7/05 rup. 1.

Kwitegurira gusubirayo

◼ Niwibutse uwo mutohoji ukuntu vyagenze igihe mwagendera umuntu ari bwo bwa mbere, uce umufasha guhitamwo ikiganiro kizoshimisha uwo azogendera.

◼ Nimutegurire hamwe ukuntu mwoshikiriza ikiyago kigufi kirimwo icanditswe kimwe co muri Bibiliya be n’ingingo imwe yo mu gisohokayandikiro kanaka.

◼ Nimutegure ikibazo mushobora gusiga mu gusozera ico kiyago.

Kubandanya gusubira kugendera abantu ubigiranye ubwira

◼ Nuremeshe uwo mutohoji gusubira kugendera abashimishijwe adatebaganye.

◼ Nufashe uwo mutohoji kubona ko bisaba yuko ahozako igihe agerageza gushikira abantu bigoye gusanga i muhira.

◼ Niwereke uwo mwamamaji mushasha ingene yosaba amasango kugira aze asubire kubagendera, wongere umufashe gutahura ko bikenewe gusubira kubagendera nk’uko yabisezeranye.

Igice ca 12: Gufasha abatohoji gutanguza no kurongora inyigisho za Bibiliya

Birahambaye ko wigana Yezu mu gutanga akarorero keza mu busuku urangura. Uko uwo mwigana Bibiliya yibonera akarorero utanga mu busuku, ni ko azotahura ko intumbero yo gusubira kugendera abo twayaze ari iyo gutanguza inyigisho za Bibiliya.—km 8/05 rup. 1.

Gusaba umuntu ngo twigane Bibiliya

◼ Nusigurire umutohoji ko mu bisanzwe bitama ari ngombwa yuko tuvuga ido n’ido ry’ukuntu inyigisho igirwa.

◼ Akenshi birarushiriza kuba vyiza kwerekana ukuntu inyigisho igirwa mu gukoresha ingingo imwe canke zibiri zo mu gatabu kibure mu gitabu dukoresha mu kurongora inyigisho.

◼ Nimusubiremwo mwongere mukoreshe uburyo bumwe tugirwa inama gukoresha kugira dutanguze inyigisho za Bibiliya.—km 8/05 rup. 8; km 1/02 rup. 6.

Kumenyereza abatohoji kuba abigisha

◼ Nuremeshe abatohoji kwiyandikisha mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi.

◼ Nutunganye ivy’uko abamamaji bashasha mujana ku zindi nyigisho za Bibiliya aho bashobora na bo nyene kugira ico bigishije.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika