-
Ukwamamaza Ubwami ni agateka ntangereIgikorwa dukorera Ubwami—2005 | Myandagaro
-
-
Ukwamamaza Ubwami ni agateka ntangere
1 Ku musi ku musi, abantu amamiliyaridi baba kw’isi barungukira ku bintu umuyoro Yehova atanga kugira bibungabunge ubuzima (Mat. 5:45). Ariko rero, abari ku rushi ni bo bafise agateka kadasanzwe ko gukengurukira Umuremyi wabo mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana (Mat. 24:14). Ako gateka ntangere ugaha agaciro kangana iki?
2 Ukwamamaza Ubwami biratera iteka Imana kandi biratuma abantu batuntujwe n’ibi bihe bidurumbanye bagira icizigiro be n’amahoro (Heb. 13:15). Abakira ubwo butumwa bararonka icizigiro c’ubuzima budahera (Yoh. 17:3). Hari uwundi mwuga canke akandi kazi kozana ivyiza nk’ivyo? Intumwa Paulo yarerekanye ko akenguruka ubusuku mu kuntu yaburanguye. Yabubona nk’ubutunzi.—Ivyak. 20:20, 21, 24; 2 Kor. 4:1, 7.
3 Duhe agaciro ako gateka ntangere twatewe: Uburyo bumwe twerekana ko dukenguruka agateka twatewe ko kwamamaza, ni mu kwitwararika ukuntu umurimo turangura umeze. Twoba dufata akanya ko gutegura uburyo bwo gushikiriza ikiganiro bukora ku mutima abatwumviriza? Twoba dushobora kuryohora ubuhanga bwacu bwo gukoresha Ivyanditswe no gufasha abantu kuzirikana? Twoba dukorera mu cibare cacu mu buryo bunogangije? Twoba dushobora gutanguza inyigisho ya Bibiliya no kuyirongora? Nka kumwe kw’abakirisu b’intahemuka, baba aba kera canke abo muri iki gihe, ukubona mu buryo bwiza ico gikorwa kuratuvyurira umutima wo kugikora kandi turaha agaciro ako gateka twatewe.—Mat. 25:14-23.
4 Kumenya yuko utwigoro tugira mu busuku dushimwa cane, biraduhumuriza igihe turiko turanyinyana n’ingorane zituruka ku busaza, ku magara make canke ku bindi bintu bitoroshe. Ijambo ry’Imana riradukura amazinda ko Yehova ashima utwigoro nk’utwo ugira mu kumusukurira, naho nyene twoba dusa n’utudahambaye ku bandi.—Luka 21:1-4.
5 Ukwamamaza Ubwami ni isôko ry’umunezero mwinshi. Hari umuvukanyikazi w’imyaka 92 yavuze ati: “Ese ukuntu numva nezerewe iyo nsubije amaso inyuma mu myaka irenga 80 iheze nkorera Imana! Emwe, sinicuza! Iyo biba vyashoboka ko nongera gutangura ubuzima, nohisemwo kubaho nk’ukwo nyene kubera ko vy’ukuri ‘ubuntu-mvarukundo bw’Imana bundutira ubuzima’ ” (Zab. 63:3, NW). Ese natwe twoha agaciro ako gateka ntangere twatewe n’Imana, na ko kakaba ari igikorwa co kwamamaza Ubwami!
-
-
Igice ca 12: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbereIgikorwa dukorera Ubwami—2005 | Myandagaro
-
-
Igice ca 12: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
Gufasha abatohoji gutanguza no kurongora inyigisho za Bibiliya
1 Igihe abo twigana Bibiliya batanguye kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro, iciyumviro co gutanguza no kurongora inyigisho za Bibiliya coshobora kubahagarika umutima. Twobafasha gute kubona neza uwo muce uhambaye w’ubusuku bwacu?—Mat. 24:14; 28:19, 20.
2 Iyo umutohoji wa Bibiliya akwije ibisabwa vyo kuba umwamamaji atarabatizwa, ashobora kuba amaze kuja mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Ukumenyerezwa aronka mu gutegura no mu gushikiriza ibigabu umunyeshure ahabwa, kuzomufasha gutsimbataza ubuhanga bwo kwigisha bukenewe ku “mukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri”.—2 Tim. 2:15.
3 Niwigishe biciye ku karorero utanga: Yezu yaramenyereje abigishwa biwe mu kubaha inyigisho zitomoye no mu kubaha akarorero keza. Yavuze ati: “Umwigishwa wese arangije azoba nk’umwigisha wiwe” (Luka 6:40). Birahambaye ko wigana Yezu mu gutanga akarorero keza mu busuku urangura. Uko uwo mwigana Bibiliya yibonera akarorero utanga mu busuku, ni ko azotahura ko intumbero yo gusubira kugendera abo twayaze ari iyo gutanguza inyigisho za Bibiliya.
4 Numusigurire ko iyo dusavye umuntu ngo twigane Bibiliya, bitama biba ngombwa ko tuvuga ido n’ido ukuntu inyigisho igirwa. Akenshi birarushiriza kuba vyiza kwerekana ukuntu inyigisho igenda mu gukoresha ingingo imwe canke kumbure zibiri zo mu gitabu dukoresha mu kurongora inyigisho. Inama ngirakimazi z’ukuntu ivyo twobigira twoshobora kuzisanga ku rupapuro rwa 8 rw’iki Gikorwa dukorera Ubwami be no ku rupapuro rwa 6 rw’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2002.
5 Igihe ubona ko bibereye, nusabe uwo mutohoji ko mwojana ku zindi nyigisho za Bibiliya canke ko yojana n’uwundi mwamamaji azi utuntu n’utundi. Yoshobora kugira ico avuze ku ngingo canke ku canditswe nyamukuru. Gutyo, igihe uwo mutohoji yihweza, azomenya vyinshi ku bijanye n’ukuntu inyigisho za Bibiliya zitera imbere zirongorwa (Imig. 27:17; 2 Tim. 2:2). Numukeze mwongere muganire ukuntu yoryohora ibintu.
6 Ukumenyereza abamamaji bashasha kuba abigisha b’Ijambo ry’Imana bizobafasha kuronka ivyangombwa bituma bakora “igikorwa ciza” co gutanguza no kurongora inyigisho za Bibiliya bo ubwabo (2 Tim. 3:17). Urazi ukuntu biryoshe gukorana na bo mu gushikiriza ubu butumire bwuzuye urukundo bugira buti: “Ūgomba ni yākīre amazi y’ubugingo ku buntu”!—Ivyah. 22:17.
-