Twitegurire neza kwigisha
1. Ni kubera iki dukwiye kwitunira ku gufasha uwo twigana Bibiliya guha agaciro ivyo yiga igihe tumurongorera inyigisho?
1 Igihe turongora inyigisho ya Bibiliya, dutegerezwa kuba twiteguye neza nimba twipfuza kuvyurira uwo twigana Bibiliya umutima wo gukorera Yehova? Utwigoro twacu tuzoba ngirakamaro nitwafasha uwo twigana Bibiliya guha agaciro ukuri yiga. Ivyo bizoca bimuvyurira umutima wo kugira ico akoze. (Gus. 6:5; Imig. 4:23; 1 Kor. 9:26) None ivyo twobigira gute?
2. Isengesho rigira uruhara uruhe mu bijanye no kwitegura neza?
2 Twitegure tubijanishije n’isengesho: Kubera ko Yehova ari we atuma imbuto y’ukuri ikura mu mutima w’umutohoji, birabereye yuko dutangura kwitegurira iyo nyigisho mu gusenga tuvuga uwo mutohoji tudomako, twongera tudoma ku bintu binaka akeneye. (1 Kor. 3:6; Yak. 1:5) Bene iryo sengesho ryoshobora kandi kudufasha kumenya ukuntu dushobora kurushiriza kumufasha kugira ngo yuzuze mu mutima wiwe “ubumenyi butagira amakosa” bw’ukugomba kwa Yehova.—Kol. 1:9, 10.
3. Twoshobora gute gutegura dufise uwo twigana Bibiliya mu muzirikanyi?
3 Twiyumvire uwo twigana Bibiliya: Yezu yari azi yuko kwigisha neza birimwo kwitwararika abumviriza. N’imiburiburi incuro zibiri, Yezu yarabajijwe ikibazo kimwe kigira giti: “Nokora iki ngo nze ntorane ubuzima budahera?” Mu gihe kimwekimwe cose, mu kwishura, yakoresha uburyo butandukanye. (Luka 10:25-28; 18:18-20) Turakwiye kuba dufise uwo twigana Bibiliya mu muzirikanyi igihe dutegura. Ni ivyanditswe ibihe mu vyatanzwe bitasubiwemwo mu majambo tuzosomera hamwe? Tuzokwiga ibingana iki? Ni ivyiyumviro ibihe vyo muri iki cigwa vyoshobora kugora uwo mwigishwa gutegera canke kwemera? Nitwagerageza kubona imbere y’igihe ibibazo bimwebimwe vyoshobora kuvyuka, tuzoba twiteguriye neza kuvyishura mu buryo ngirakamaro.
4. Kwitegura neza birimwo iki?
4 Twihweze ivyo tuza kumwigisha: Naho twoba tumaze kuvyiga incuro nzingana iki, buzoba ari bwo bwa mbere tuvyiganye n’uwo mutohoji. Nimba twipfuza kumukora ku mutima, kwitegura neza igihe cose tugiye kwiga n’umuntu birahambaye. Ivyo bisobanura ko dukora ivyo turemesha uwo twigana gukora. Twihweze ivyo tuza kumwigisha, tutibagiye n’ivyanditswe vyatanzwe bitasubiwemwo mu majambo, dufise ku muzirikanyi uwo mutohoji kandi kumbure duce umurongo ku vyiyumviro nyamukuru.—Rom. 2:21, 22.
5. Twoshobora gute kwigana Yehova?
5 Yehova aritwararika cane iterambere ry’umutohoji wa Bibiliya umwumwe wese. (2 Pet. 3:9) Dufashe umwanya wo kwitegura igihe cose tugiye kurongora inyigisho ya Bibiliya, tuba twerekanye ko dufise bene ubwo bwitwararitsi buranga urukundo.