-
Imfashanyo yawe irakeneweIgikorwa dukorera Ubwami—2004 | Kigarama
-
-
Imfashanyo yawe irakenewe
1 “Ndabashimiye ku vyo mutugirira vyose. Emwe, biri n’ico bitumarira koko”. Ayo majambo araserura neza inyiyumvo dufise zo gukengurukira abakurambere n’abakozi b’ishengero bacu. Uko ishirahamwe ry’Imana ritera ryaguka, haguma hakenerwa abagabo bahumuye mu vy’impwemu bosukurira mu mashengero hafi 100.000 yo kw’isi yose. Nimba uri umuvukanyi amaze kubatizwa, imfashanyo yawe irakenewe.
2 ‘Kurondera gushikira’ amabanga: Woshobora gute gushikira amabanga y’umurimo yiyongereye (1 Tim. 3:1, NW)? Ahanini, ni mu gutanga akarorero keza mu mice yose y’ubuzima bwawe (1 Tim. 4:12; Tito 2:6-8; 1 Pet. 5:3). Nugire uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kwamamaza wongere ufashe abandi kubigira (2 Tim. 4:5). Niwitwararike bimwe bivuye ku mutima ineza y’abo musangiye ukwizera (Rom. 12:13). Nube umuntu yigana ubwira ijambo ry’Imana wongere utsimbataze ‘ubuhanga bwo kwigisha’ (Tito 1:9, NW; 1 Tim. 4:13). Nukorane ubwira igikorwa cose ushingwa n’abakurambere (1 Tim. 3:10). Nimba uri serugo, ‘nuganze neza abo mu rugo rwawe’.—1 Tim. 3:4, 5, 12.
3 Kurangura amabanga ujejwe birimwo gukora ugatama kandi bisaba agatima ko kwitanga (1 Tim. 5:17). Igihe rero urondera gushikira amabanga, niwibande ku gukorera abandi wicishije bugufi (Mat. 20:25-28; Yoh. 13:3-5, 12-17). Nuzirikane ku gatima Timoteyo yari afise, kandi urondere kukigana (Flp. 2:20-22). Nka kumwe kwa Timoteyo, nureke ukwigenza neza kwawe kube ari kwo kukurata (Ivyak. 16:1, 2). Uko utsimbataza kamere zo mu vy’impwemu zikenewe kugira urangure amabanga yiyongereye kandi ugashira mu ngiro impanuro yose uhabwa kugira ugire ivyo uryohoye, “kuja imbere kwawe [kuzoheza] kubonekere bose”.—1 Tim. 4:15.
4 Bavyeyi, nimwereke abakiri bato ingene bofasha: Abana barashobora gutangura kumenya ingene bofasha kuva bakiri bato cane. Bigishe gukurikira neza mu makoraniro, kwamamaza, no kuba intangakarorero mu buryo bigenza ku Ngoro y’Ubwami canke kw’ishure. Baremeshe kugira uruhara mu vyo gukorera abandi, bakore nko mu bijanye no gusukura Ingoro y’Ubwami, gufasha abashaje, n’ibindi. Nimutume bumva muri bo agahimbare kazanwa n’ugutanga (Ivyak. 20:35). Iyo nyigisho irashobora kubafasha kuba abatsimvyi, abakozi b’ishengero be n’abakurambere b’ejo.
-
-
Igice ca 4: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbereIgikorwa dukorera Ubwami—2004 | Kigarama
-
-
Igice ca 4: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
Kwereka abatohoji uburyo bwo gutegura
1 Umutohoji asoma icigwa imbere y’uko inyigisho iba, agaca akarongo ku nyishu kandi akiyumvira ukuntu azozivuga mu majambo yiwe bwite, akenshi aratera imbere ningoga mu vy’impwemu. Ku bw’ivyo, inyigisho ya Bibiliya idahorereza imaze gutanguzwa neza, nimutegurire hamwe n’uwo mutohoji icigwa kanaka kugira ngo umwereke ingene umuntu abigenza. Ku batohoji batari bake, vyoba ngirakamaro muteguriye hamwe ikigabane cose canke icigwa cose.
2 Guca umurongo ku nyishu no kugira utwo wanditse: Nusigure uburyo bwo gutora inyishu zidomako z’ibibazo vyanditswe. Niwereke nya mutohoji agatabu kawe canke igitabu cawe ukoresha mu gihe c’inyigisho, waciyemwo akarongo musi y’amajambo canke imvugo nyamukuru gusa. Uko murimbura ayo mayagwa, hari aho uwo mutohoji yoshima kukwigana, agaca akarongo mu gatabu kiwe canke mu gitabu ciwe musi y’ibikenewe gusa bizomufasha kwibuka inyishu (Luka 6:40). Numusabe rero kwishura mu majambo yiwe bwite. Ivyo bizogufasha kubona aho ageza mu gutahura ayo mayagwa.
3 Gusuzuma yitonze ivyanditswe vyatanzwe bitasubiwemwo mu majambo ni ikintu gihambaye kiri mu vyo umutohoji agira mu gihe ategura inyigisho (Ivyak. 17:11). Numufashe kubona ko icanditswe cose casubiwemwo hari iciyumviro kanaka gishigikira muri iyo ngingo. Numwereke uburyo bwo kugira utwo yiyandikiye ku mubari w’agatabu canke igitabu yigamwo. Mufashe kugumiza mu muzirikanyi ivy’uko Bibiliya ari yo shimikiro ry’ivyo ariko ariga. Muremeshe gukoresha cane mu nsasanuro atanga mu gihe c’inyigisho, ivyanditswe vyasubiwemwo.
4 Guca ku masonga be n’isubiramwo: Imbere y’uko nya mutohoji atangura gutegura mu buryo bwimbitse amayagwa yo kwiga, vyomubera ngirakamaro aciye ku masonga ico cigwa. Numwereke ko ashobora guca ku masonga ayo mayagwa mu gusuzuma muri make umutwe-shimikiro w’ikigabane, udutwe dutoyi be n’amafoto canke amashusho. Numusigurire ko imbere y’uko arangiza ivyo ariko arategura, vyoba biranga ubukerebutsi afashe akanya agasubiramwo ivyiyumviro nyamukuru vyerekanywe muri ico cigwa, kumbure mu gukoresha rwa ruzitiro rurimwo ibibazo vy’isubiramwo nimba ruhari. Ukwo gusubiramwo kuzomufasha kwibuka nya mayagwa.
5 Kwereka umutohoji uburyo bwo kwitegurira neza inyigisho yiwe bizomufasha gutanga insasanuro z’ingirakamaro ku makoraniro y’ishengero. Bizomufasha no gutsimbataza utumenyero two kwiga tuzomugirira akamaro mu gihe kirekire inyigisho yiwe ya Bibiliya imaze kurangira.
-