Nuzigame aya Magirenama
Inama Tugiriwe yo Gushikiriza Inkuru Nziza mu Murimo wo mu Ndimiro
Uburyo bwo Gukoresha Iyi Nyongera
Uburyo bwinshi bwo gushikiriza inkuru nziza bukurikira bwarerekanywe mu nomero zaheze zo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Nugerageze uburyo bwinshi uko ubishoboye kwose mu gikorwa cawe co gushinga intahe, maze urabe ico bivamwo. Nuzigame iyi nyongera kandi wame uyiraba igihe uriko uritegurira kuja mu busuku.
Woshobora gukwegera umuntu agashimishwa n’Ijambo ry’Imana nimba uduze kw’ijambo udatevye. Nuvyure ikibazo gitomoye, maze mu kucishura usome Icanditswe kigufi. Urashobora kugerageza izi nama tugirirwa:
“Uko wiyumvira kazoza, woba wumva ufise ivyizigiro canke wumva ufise amakenga? [Numureke yishure.] Bibiliya yari yaramenyesheje imbere y’igihe ivy’ibi bintu bitesha umutwe tubona muri iki gihe be n’ico bizovamwo.”—2 Tim. 3:1, 2, 5; Imig. 2:21, 22.
“Muri iki gihe ivy’ukubungabunga amagara biraraje ishinga abantu cane. Wari uzi ko Imana isezerana yuko izotorera umuti ingorane zose z’amagara y’abantu rimwe rizima?”—Yes. 33:24; Ivyah. 21:3, 4.
“Wari uzi ko Bibiliya yari yaravuze imbere y’igihe yuko amaherezo hazobaho intwaro imwe rudende iganza isi yose?”—Dan. 2:44; Mat. 6:9, 10.
“Wibaza ko vyomera gute Yezu Kirisitu aramutse aganjije isi?”—Zab. 72:7, 8.
“Abantu benshi baracumukuzwa n’ivangura rishingiye ku gitsina cabo, kw’idini barimwo canke kw’ibara ry’urukoba. Wibaza ko Imana yiyumva gute ku vyerekeye imyikeko mwene iyo?”—Ivyak. 10:34, 35.
“Turazi ko Yezu Kirisitu yakoze ibitangaro vyinshi mu gihe ciwe. Iyo uba woshobora kumusaba gukora ikindi gitangaro, ni ikihe womusaba gukora?”—Zab. 72:12-14, 16.
“Abantu benshi bararuhijwe no kwumva ivyerekeye ingorane. Bashaka kwumva ivyerekeye umuti wazo. Mugabo, ni hehe dushobora gukura umuti nyakuri w’ingorane zacu?”—2 Tim. 3:16, 17.
“Woba uzi bwa Bwami uhora usaba muri rya Sengesho rya Dawe wa Twese?”—Ivyah. 11:15.
Uburyo bwo Gutanguza Ikiganiro
Urutonde rw’ibibazo vyatororokanijwe bivuye mu biganiro biri mu bitabu Comment raisonner na Kutowa Sababu, ruri aho hepfo, rurerekana inomero y’urupapuro aho usanga inyishu imwimwe yose muri ivyo bitabu:
Ni kuki dusaza kandi tugapfa? (rs-F 253; rs-SW 100)
Abapfuye bamerewe gute? (rs-F 255; rs-SW 101)
Hoba hariho imvo zumvikana z’ukwemera Imana? (rs-F 106; rs-SW 218)
Ubwo vy’ukuri Imana iritwararika ibidushikira twebwe abantu? (rs-F 107; rs-SW 219)
Imana yoba ari umuntu buntu? (rs-F 108; rs-SW 220)
Abagwaneza bose baja mw’ijuru? (rs-F 61; rs-SW 189)
Umuntu yoba ategerezwa kuja mw’ijuru kugira ngo azogire agahimbare nyakuri? (rs-F 62; rs-SW 190)
Ni kuki bihambaye kumenya no gukoresha izina ry’uruharo ry’Imana? (rs-F 200; rs-SW 425)
Yezu Kirisitu ni Imana? (rs-F 205; rs-SW 430-431)
Ni ibiki Ubwami bw’Imana buzokora? (rs-F 336; rs-SW 327)
Ubuzima bw’abantu bufise iyihe ntumbero? (rs-F 434; rs-SW 341)
Ni igiki coshobora gufasha mu kuryohora umubano w’ababiranye? (rs-F 229; rs-SW 246)
Amadini yose yoba yemerwa n’Imana? (rs-F 310; rs-SW 67)
Umuntu yomenya gute idini y’ukuri? (rs-F 316; rs-SW 73)
Shetani yoba afise ububasha bungana gute mw’isi ya kino gihe? (rs-F 368; rs-SW 287)
Ni kuki Imana ireka abantu bagacumukura? (rs-F 375; rs-SW 132)
Ni kuki ubukozi bw’ikibi ari bwinshi? (rs-F 237; rs-SW 369)
Ni inde ategeka iyi si—Ni Imana canke ni Shetani? (rs-F 250; rs-SW 359)
Inama Tugirwa mu Gushikiriza Agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?
“Nta nkeka wokwemera yuko abantu benshi bemera Imana. Abayemera bose baremera yuko hari ikintu Imana idusaba. Ico abantu badashobora kwemera kuri ivyo ni iki kivuga ngo: Ni Ibiki Imana Idusaba?” Nuce werekana agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, uzingurure ku cigwa ca 1, hanyuma mukiganire.
“Uravye ingorane nyinshi ziri mu buzima bwo mu rugo muri kino gihe, woba urigera wibaza akabanga ko gushikira ubuhirwe bwo mu rugo ako ari ko?” Amaze kwishura, nusigure yuko muri Bibiliya, Imana ihishura akabanga nyako ko kugira ubuhirwe mu muryango. Soma Yesaya 48:17. Maze uce uzingurura ku cigwa c’8 mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, hanyuma uce udoma urutoke ku mirongo imwimwe yo muri Bibiliya yasubiwemwo itanga ubuyobozi bwo kwizigirwa bufasha umwumwe wese mu bagize umuryango. Nusome urutonde rw’ibibazo bitangura kuri ico cigwa. Nubaze uwo muntu nimba yoshima gusoma inyishu.
“Aka gatabu karimwo inyigisho yumvikana neza igizwe n’inyigisho z’ishimikiro za Bibiliya. Ku rupapuro rumwerumwe rwose, uzohasanga inyishu z’ibibazo bimaze ibinjana n’ibindi bitesha umutwe abantu. Nk’akarorero, Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?” Nuzingurure ku cigwa ca 5, hanyuma usome ibibazo biri ku ntango y’ico cigwa. Nubaze uwo munyamuhana icamushimishije kuruta ibindi vyose, hanyuma uce usoma ingingo zijanye n’ico kibazo, urondera gutora ivyanditswe bibereye. Nusigure yuko inyishu zishika ku nyota z’ibindi bibazo umuntu ashobora kuzitora bitagoranye nk’uko vyagenze kuri ico muhejeje. Nuvuge yuko uzogaruka kugira ngo muganire ku kindi kibazo.
“Wiyumvira yuko ubukazi bwose bubera ku mashure ya Leta buterwa n’iki? Mbega vyoba biva ku vy’uko abavyeyi batabatojeje indero? Canke bishobora kuba biterwa n’ikindi kintu, nk’akarorero akosho ka Shetani?” Mureke yishure. Nimba uwo muntu avuze ko vyoba ari kubera akosho ka Shetani, nusome Ivyahishuriwe 12:9, 12. Niwerekane uruhara Shetani afise mu kuremesha uruhagarara mw’isi. Maze nuzingurure agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? ku cigwa ca 4 hanyuma uce ubaza uwo muntu nimba yarigeze kwibaza aho Shetani yakomotse. Nimuce musoma mwongere muganire ku ngingo zibiri zitangura. Nimba umuntu atoye ko “abavyeyi badatoza indero abana” nk’aho ari yo mvo ituma haba ubukazi ku mashure, nusome 2 Timoteyo 3:1-3 hanyuma uce udoma urutoke ku ngeso biboneka ko zituma haba iyo ngorane. Nuce uzingurura agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? ku cigwa c’8, usome ingingo ya 5, hanyuma mubandanye ikiganiro.
“Woba wiyumvira ko vyumvikana kwitega yuko Umuremyi yoduha ubumenyi dukeneye kugira ngo twererwe mu buzima bwo mu muryango?” Amaze kwishura, nuce werekana agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? Nuzingurure ku cigwa c’8 hanyuma usigure yuko karimwo ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zifasha umwe wese mu bagize umuryango. Numusabe kumwereka uburyo ako gatabu gakoreshwa yifashishije Bibiliya kugira ngo uwo muntu arushirize kwunguka vyinshi.
“Mu ngorane zose duhangana na zo mu buzima bwo mu misi ya none, woba wumva ko isengesho rishobora vy’ukuri kudufasha? [Nimureke yishure.] Benshi bavuga yuko isengesho rituma bagira inguvu. [Soma Ab’i Filipi 4:6, 7.] Naho ari ukwo, umuntu yoshobora kwumva yuko amasengesho yiwe atishurwa. [Nuzingurure agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? ku cigwa c’7.] Aka gatabu karasigura ukuntu isengesho rishobora kurushiriza kutugirira akamaro.”
“Twariko turaganira n’ababanyi bacu ku vyerekeye igituma hari amadini menshi atandukanye mw’isi. Yamara, hari Bibiliya imwe gusa. Ku bwawe, ni kuki hari urwo rusobangane rw’amadini? [Reka yishure. Nuzingurure agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? ku cigwa ca 13, hanyuma usome ibibazo bitangura.] Uzoronka inyishu ziheza akanyota kuri ibi bibazo mu gusoma iki cigwa.”
Umaze gushikiriza umuntu ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous !, mubaze nimba woshobora kumusomera ingingo imwe ngufi. Nimba akuretse ngo uyisome, nuce uzingurura agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? ku cigwa ca 5. Nushire ahabona urutonde rw’ibibazo bitangura kuri ico cigwa, maze umusabe gutega amatwi inyishu y’ikibazo ca mbere uko usoma ingingo itangura. Umaze gusoma ingingo, nubaze ikibazo uheze wumve inyishu atanga. Nushikirize ako gatabu hanyuma, nimba akakiriye, nuce utunganya ivy’ugusubira kumugendera kugira ngo wumve inyishu atanga ku bibazo bibiri bikurikira biri kuri urwo rutonde.
Inama Tugirirwa mu Gushikiriza Igitabu Ubumenyi
Ufise Bibiliya mu minwe, nutangure uvuga uti: “Uyu musi turiko tuganira ku canditswe n’umuntu wese aba kuri iri barabara ryanyu. Kivuga ngo . . . ” Soma Yohana 17:3, uce ubaza uti: “Woba wabonye ico dusezeranirwa igihe twoba dufise ubumenyi nyakuri? [Numureke yishure.] Ni hehe umuntu yoronkera mwene ubwo bumenyi?” Amaze kwishura, niwerekane igitabu Ubumenyi, hanyuma uvuge uti: “Iki gitabu kirerekana ubumenyi bujana mu buzima budahera. Kikaba kibigira mu kwishura ibibazo abantu bakunda kwibaza ku vyerekeye Bibiliya.” Niwerekane ibirimwo, hanyuma ubaze uwo muntu nimba hariho ikibazo na kimwe yaramaze kwibaza muri vyo.
“Woba wari umaze kwibaza nimba Imana yitwararitse vy’ukuri akarenganyo n’ugucumukura tubona hirya no hino canke mbere bikaba bidushikira ubwacu? [Numureke yishure.] Bibiliya iradukura amazinda yuko Imana idukunda kandi ko izodufasha mu bihe vy’umubabaro.” Soma Zaburi 72:12-17. Zingurura igitabu Ubumenyi ku kigabane c’8, hanyuma werekane yuko hatanga inyishu ihumuriza ku kibazo abantu benshi bibaza, ari co c’iki: Ni Kuki Imana Ireka Abantu Bagacumukura? Nimba bishoboka, nimuganire ku vyiyumviro bimwebimwe vyo mu Vyanditswe biri mu ngingo ya 3 gushika ku ya 5, canke ubigire igihe usubiye kumugendera.
“Benshi muri twebwe barabuze ababo bakunda. Woba wari bwiyumvire nimba tuzosubira kubabona? [Numureke yishure.] Yezu yaremeje yuko abacu bapfuye bashobora kuzurwa mu bapfuye. [Soma Yohani 11:11, 25, 44.] Iki gitabu naho kimaze ibinjana n’ibindi, kirerekana ico Imana yadusezeraniye.” Nuzingurure igitabu Ubumenyi kw’ishusho iri ku rupapuro rwa 85, hanyuma usome amajambo ayisigura. Niwerekane ishusho iri ku rupapuro rwa 86, uheze ugire ico uyivuzeko. Nucire inzira ikiyago muzogira ugarutse kumugendera mu kubaza uti: “Woba uzi igituma abantu basaza kandi bagapfa?” Uzogaruke kugira muzoganire ku kigabane ca 6.
“Woba wari bwiyumvire igituma abantu bipfuza ubuzima bw’igihe kirekire?” Amaze kwishura, nuzingurure igitabu Ubumenyi ku kigabane ca 6, maze usome ingingo ya 3. Nimuzirikane ku vyanditswe vyasubiwemwo. Wisunze ibibazo bibiri biri ku mpera y’ingingo, nubaze uwo muntu nimba yoshima kwibonera inyishu. Nimba abishimye, nimuganire ku ngingo nkeyi zikurikira.
“Turiko turabaza abantu ko ibi boba bavyemera . . . ” Soma Itanguriro 1:1, maze uce ubaza uti: “Woba wemera aya majambo?” Nimba uwo muntu yemeye, nuce uvuga uti: “Na jewe ndayemera. Ariko none, wiyumvira ko nimba Imana ari yo yaremye ibintu vyose, ari na yo kandi yobazwa ubukozi bw’ikibi?” Umaze kumenya inyishu y’uwo muntu, nusome Umusiguzi 7:29. Nuzingurure igitabu Ubumenyi ku kigabane c’8, maze usome ingingo ya 2. Nimba uwo muntu atemeranije n’ivyanditswe mw’Itanguriro 1:1, numuhimirize kwihweza ibigararaza ko hariho Umuremyi. Raba igitabu Comment raisonner, urupapuro rwa 72-74 (canke Kutowa Sababu, urupapuro rwa 397-399).
“Woba wemera yuko dukeneye ubuyobozi bwizigirwa mu buzima kubera ko ivy’ukwigenza runtu vyo muri iki gihe bihinduka ningoga na ningoga? [Numureke yishure.] Naho Bibiliya ari igitabu ca kera kuruta ibindi vyose, iraduha impanuro ngirakimazi mu vy’ukubaho kwa kino gihe no mu vy’ukugira ubuzima bwo mu rugo burimwo agahimbare.” Nuce uzingurura ku kigabane ca 2 mu gitabu Ubumenyi, hanyuma usome ingingo y’10 n’iryungane rya mbere ry’ingingo ya 11, ushiremwo na 2 Timoteyo 3:16, 17.
“Woba wipfuza kumenya ico kazoza katubikiye n’ico kabikiye isi? [Numureke yishure.] Bibiliya ivuga mu ncamake ivya kazoza mw’ijambo rimwe ngo: Iparadizo! Aho ni ho Imana yashize umugabo n’umugore ba mbere, igihe yabarema. Nurabe ingene bidondorwa ukuntu bitegerezwa kuba vyari bimeze.” Nuzingurure igitabu Ubumenyi ku rupapuro rw’8, maze usome ingingo y’9, munsi y’agatwe kavuga ngo: “Ubuzima mw’Iparadizo.” Nimuce muganira ku vyiyumviro biri mu ngingo y’10, hanyuma musome icanditswe casubiwemwo, Yesaya 55:10, 11. Numusabe ko mwobandanya ikiganiro ku vyerekeye uko ubuzima mw’iparadizo buzoba bumeze, biri mu ngingo y’11-16.
Igihe usubira kugendera abo washikirije ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, ushobora kuvuga ibi:
“Igihe duherukira kuyaga, narashimishijwe no kugusigira ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi. Kumbure warabonye yuko umutwe w’ico kinyamakuru ari Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami Bwa Yehova. Uyu musi noshima kugusigurira ubwo Bwami ico ari co hamwe n’ico bushobora kukugirira wewe n’umuryango wawe.” Nuce uzingurura agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? ku cigwa ca 6, maze usome hanyuma muganire ukurikije umwanya uwo muntu afise.
“Igihe mperukira kukugendera naragusigiye ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Ivyo binyamakuru birubaka ukwubaha Bibiliya kandi ni ubuyobozi itanga mu vy’ukwigenza runtu. Kubera ko numva yuko ari ibihambaye ku muntu wese atahura Ijambo ry’Imana, ngarutse kugira ngo ndakwereke ikintu kizogufasha kubikora.” Numwereke agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu Ubumenyi, hanyuma umusabe kugirirwa inyigisho ya Bibiliya.
Igihe ushikiriza ico ari co cose mu bitabu vya kera vy’impapuro 192, woshobora kugerageza ubu buryo bwo gushikiriza:
“Harashimitswe cane ko hakenewe inyigisho y’agaciro. Ukurikije uko ubona ibintu, ni inyigisho bwoko ki umuntu akwiye gukurikirana yomuzanira ubuhirwe burushirije n’ukuroranirwa mu buzima? [Numureke yishure. Hanyuma uce usoma Imigani 9:10, 11.] Iki gitabu [nuvuge umutwe w’ico gitabu uriko urashikiriza.] gishingiye kuri Bibiliya. Kirerekana isoko rimwe gusa ry’ubumenyi bushobora kudushikana ku buzima budahera.” Niwerekane akarorero gatomoye ko muri ico gitabu, hanyuma umuremeshe kugasoma.
Ibindi Bisohokayandikiro
Inama tugirirwa z’uburyo bwo gushikiriza ibindi bitabu n’udutabu ushobora kuzisanga muri Index des publications de la société Watch Tower ahavuga ngo:
Présentations (Uburyo Bwo Gushikiriza Ibisohokayandikiro)
Liste des publications (Urutonde rw’Ibisohokayandikiro)
Kuganiriza mu Buryo Burashe
Kugira ngo utangure inyigisho ya Bibiliya, nugerageze gukoresha bumwe muri ubu buryo bw’ukuganira burashe:
“Wari uzi yuko ufashe iminuta mikeyi gusa ushobora kuronka inyishu ku kibazo gihambaye kiri muri Bibiliya? Nk’akarorero, . . . ” Nuce ubaza ikibazo kimwe mu biboneka mu ntango ya kimwe mu vyigwa vyo mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? ubona ko cokwegera uwo muntu.
“Nciye ngaha kugira ngo ndakwereke porogarama yacu yo kurongorera abantu inyigisho za Bibiliya. Bitwara iminuta nk’itanu kugira ndakwereke ingene bigenda. Woba ufise iyo minuta itanu? Nimba yemeye, nukoreshe icigwa ca 1 mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? mu kwerekana ingene icigwa kirongorwa, mu gusoma icanditswe carobanuwe kimwe gusa canke bibiri. Muhejeje nubaze uti: “Ni ryari woshobora kuzoronka nk’iminuta 15 kugira dushobore kwihweza icigwa gikurikira?”
“Abantu benshi barafise Bibiliya, ariko ntibamenye yuko irimwo inyishu z’ibibazo bihambaye twese twibaza ku vyerekeye kazoza. Ukoresheje aka gatabu gakoreshwa mu kwiga [agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu Ubumenyi] nko mw’isaha imwe gutyo mu mushamvu, urashobora kuronka ubumenyi bwa Bibiliya bw’ishimikiro mu mezi makeyi gusa. Nohimbarwa no kukwereka ukuntu iyo nyigisho igirwa.”
“Ndakugendeye kugira ngusabe ngo ugirirwe inyigisho ya Bibiliya aha ku muhana ata co urinze kuriha. Nimba uvyemeye, noshima kukwereka mu mwanya mutoyi ukugene mu bihugu nk’200, abantu batohoza Bibiliya bari iwabo bafatanije n’abagize umuryango wabo. Dushobora kwihweza ikigabane ico ari cose wewe ubwawe wihitiyemwo. [Niwerekane ibiri mu gitabu Ubumenyi.] Hoba harimwo ikigushimisha gusumba?” Nureke uwo muntu yihitiremwo. Nituzingurure ico gitabu ku kigabane kimushimishije hanyuma dutangure inyigisho duhereye ku ngingo ya mbere.
“Ndatanga ivyigwa vya Bibiliya ata co ndihishije kandi ndacari n’umwanya w’abandi bigishwa ku rutonde rw’ivyo nkora. Iki gitabu ni co dukoresha mu kwiga Bibiliya. [Niwerekane igitabu Ubumenyi.] Ivyo vyigwa bimara amezi makeyi gusa kandi biratanga inyishu ku bibazo nk’ibi: Ni kuki Imana ireka abantu bagacumukura? Ni kuki dusaza kandi tugapfa? Abo dukunda iyo bapfuye ni igiki kibashikira? Hamwe na twokwiyegereza Imana gute?” Niduheze tumubaze tuti: Mbega noshobora kukwereka ukuntu bigenda?”
Nimba umaze kubona ko uburyo bunaka ari ngirakimazi mu vy’ugushikiriza ibisohokayandikiro, bugira ico buvuyemwo mu gutsimbataza ugushimishwa, ese wobandanya ubukoresha cane! Bube gusa buhuje n’igisohokayandikiro gishikirizwa muri ukwo kwezi.