Woba Uriko Urakoresha Agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? mu Gutanguza Inyigisho?
1 Woba waratahuye yuko mu gihe ugira ibiganiro vyerekeye Bibiliya udahorereza kandi mu buryo buri ku rutonde, naho vyoba ari bigufi n’umuntu ashimishwa, maze mugahetura amayagwa ari muri kimwe mu bisohokayandikiro tugirwa inama gukoresha, uba uriko urarongora inyigisho ya Bibiliya? Nkako, ivyo ni na ko bimeze mbere n’igihe inyigisho igirirwa ku muhana canke biciye kuri telefone. Ni kuki none tutogira akigoro kadasanzwe muri Rusama na Ruheshi kugira dutanguze inyigisho nk’iyo dukoresheje agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?
2 Niwitegure Kugira ngo Wererwe: Igihe ushikiriza agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, nugumize neza mu bwenge ico ushaka kuganirako. Nimba uriko ugira isubirayo, niwiyumvire ikiganiro mwagize igihe wahagendera ari bwo bwa mbere. Niwibaze uti: ‘Ni ingingo izihe zo muri ako gatabu nshobora gushingirako kugira ngo ntsimbataze ico kiyago maze binshikane ku nyigisho ya Bibiliya?’ Nimba uriko urava ku nzu uja ku yindi, raba ibiganiro bija gukwegera umuyabaga, umuntu ageze mu zabukuru, umugabo, canke umukenyezi. Nusubire wihweze imitwe y’ibiganiro y’ako gatabu, maze utore ikiganiro c’uwashimishijwe. Umaze guhitamwo uburyo uja gukoresha, niwimenyereze kenshi. Ico ni kimwe mu bintu nyamukuru bituma umuntu yererwa.
3 Inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Nzero 2002 yaratanze “Inama Tugirwa mu Gushikiriza Agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?” zishika ku munani. Uruzitiro ruvuga ngo: “Kuganiriza mu Buryo Burashe” rurerekana uburyo bwo gukoresha ako gatabu mu gutanguza inyigisho. Woshobora gukoresha inama ya mbere uku gukurikira:
◼ ‘Wari uzi yuko mu minuta mikeyi gusa, ushobora kuronka inyishu y’ikibazo gihambaye co muri Bibiliya? Nk’akarorero, ni kuki hari amadini menshi yirarira ngo ni aya gikirisu? Ivyo wari bwigere uvyibaza?’ Uwo muntu amaze kwishura, nuzingurure icigwa ca 13 maze muganire ku ngingo zibiri za mbere. Umwanya ubibakundiye, nimusome kandi muganire ku canditswe kimwe canke bibiri. Maze nusome ikibazo ca nyuma kiri ku mutwe w’urupapuro, hanyuma uvuge uti: “Igice c’iki cigwa gisigaye kirerekana ibimenyetso bitanu biranga idini y’ukuri. Nonezerwa no kugaruka kugira ngo tuvyihwereze hamwe.”
4 Nukomere ku Muheto: Nufatire ku karyo kose kabonetse kugira ngo werekane ukuntu inyigisho ya Bibiliya igirwa mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? Nusabe umuhezagiro wa Yehova. (Mat. 21:22) Ukomeye ku muheto mu twigoro ugira, urashobora kwibonera umunezero uva mu gufasha umuntu kwakira neza inkuru nziza!