ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/10 rup. 2
  • Agatabu gashasha tuzoshikiriza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Agatabu gashasha tuzoshikiriza
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twokoresha agatabu Inkuru nziza iva ku Mana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Woba uriko urakoresha utu dutabu?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Bumwe mu buryo butwereka ingene twokoresha ka gatabu Ubutumwa bwo muri Bibiliya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Woba Uriko Urakoresha Agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? mu Gutanguza Inyigisho?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 10/10 rup. 2

Agatabu gashasha tuzoshikiriza

1. Ni agatabu akahe tuzoshikiriza muri Munyonyo, kandi gafise iyihe ntumbero?

1 Kuri rya Hwaniro ry’intara ryataziriwe ngo ‘Mugume muri maso!’ twagira mu 2009, harasohotse agatabu gashasha kitwa ngo Bibiliya irimwo ubutumwa ubuhe? Muri Munyonyo, amashengero yo hirya no hino kw’isi azogashikiriza ari bwo bwa mbere. None ako gatabu kazofasha gute abantu bo mu cibare cacu? Abantu benshi, na canecane abari mu madini atari aya gikirisu, usanga ata vyinshi bazi ku bijanye na Bibiliya. Ni co gituma ku rupapuro rwa 3 rw’ako gatabu hasigura yuko kagenewe gutanga “amakuru y’ishimikiro y’ibiri muri Bibiliya.”

2. Twoshikiriza gute ako gatabu?

2 Ingene twogashikiriza: Twoshobora kuvuga amajambo nk’aya ngo: “Twoshima kumenya ico wiyumvira ku vyo uyu murongo uvuga. [Soma 2 Timoteyo 3:​16.] Abantu benshi tuyaga baremera ayo majambo, ariko abandi bakabona ko Bibiliya ari igitabu ciza gusa. Wewe Bibiliya uyibona gute? [Rindira yishure.] Ivyo twemera mu vy’idini vyaba ari ibi canke biriya, turi n’imvo zumvikana zo kwisuzumira Bibiliya. [Soma ingingo y’intangamarara itangura hejuru ku rupapuro rwa 3.] Uko usoma muri aka gatabu incamake ngufi ivuga ibiri muri Bibiliya mu buryo bushimishije, hari ikintu ciza cane uzobona: Bibiliya ifise ikintu nyamukuru kimwe ivuga, ikagira ubutumwa bumwe ishikiriza.”

3. Ni ubundi buryo ubuhe twokoresha, na canecane mu cibare usanga abantu benshi batari mw’idini rya gikirisu?

3 Ng’ubu ubundi buryo twokoresha, na canecane igihe twamamaza mu cibare usanga abantu benshi batari mw’idini rya gikirisu. Twoshobora kuvuga duti: “Twoshima kumenya ico wiyumvira kuri iki kintu kivugwa mu Vyanditswe (canke muri iki gitabu ceranda). [Soma Zaburi 37:​11.] Wibaza ko isi izomera gute ibi bivuzwe nivyaranguka? [Rindira yishure.] Ako ni akarorero kamwe k’icizigiro n’uruhoza abantu bo mu mico yose no mu madini yose bashobora kuronka biciye kuri Bibiliya.” Soma ingingo itangura hejuru ku rupapuro rwa 3, uheze ushikirize ako gatabu.

4. Twokoresha gute ako gatabu kugira ngo dutanguze inyigisho ya Bibiliya?

4 Nutanguze inyigisho ya Bibiliya: Dusubiye kuraba uwo twayaze, turashobora kumwibutsa ivyo twaganiriyeko ubuheruka maze tugaca irya n’ino ingingo imwe canke zibiri zijanye n’ivyo twayaze, tukabigira dukoresheje ibibazo biri ku mpera y’igihimba kibereye twahisemwo. Nimba na ho twipfuza guca ubwo nyene dukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, twoshobora gusomera hamwe ibiri ku rupapuro rwa nyuma rw’ako gatabu, tukamushikiriza nya gitabu hanyuma tukamubaza ikigabane kimushimisha ico ari co, tugaca turabira hamwe ingingo imwe canke zibiri. Ese twese twogira uruhara bimwe bishitse mu gushikiriza ako gatabu mu kwezi kwa Munyonyo!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika