Bika neza iyi nyongera
Uburyo bwo gutanguza ibiyago mu murimo wo mu ndimiro
Nukoreshe inama tugirwa zikurikira kugira zigufashe gutegura uburyo bwo gutanguza ibiyago bujanye n’igisohokayandikiro gishikirizwa mu kwezi gishikirizwamwo.
Niwiyegereze Yehova
“Abantu benshi bemera Imana baripfuza kwumva bayiyegereje. Wari uzi ko Imana idutumira kuyiyegereza? [Soma Yakobo 4:8.] Iki gitabu kigenewe gufasha abantu gukoresha Bibiliya yabo bwite kugira biyegereze Imana”. Soma ingingo ya 1, ku rupapuro rwa 16.
“Muri iki gihe akarenganyo karuzuye hose. Ibintu vyifashe nk’uko bivugwa hano. [Soma Umusiguzi 8:9b.] Abenshi baribaza niba Imana inabibabaye. [Soma amungane abiri ya mbere y’ingingo ya 4 ku rupapuro rwa 119.] Iki kigabane kirasigura igituma Imana yabaye irareka akarenganyo kakaba”.
Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous?
“Ni hehe twokura impanuro nziza kuruta zijanye n’ukuntu twotorera umuti ingorane dufise zivuruga ubwenge kuruta izindi? [Rindira yishure. Nuce usoma Matayo 7:28, 29.] Aya majambo arerekana ingene abantu bakiriye ya Nsiguro ya Yezu yo ku Musozi. Raba ivyo abandi bavuze. [Niwerekane amajambo yavuzwe ari ku rupapuro rwa 152.] Iki kigabane kiravuga ubuzima bwa Yezu be n’inyigisho ziwe”.
“Woba uribaza uti: ‘Niba hariho Imana, yoba izoteba igahaguruka kugira ikureho ugucumukura n’akarenganyo mw’isi?’. [Rindira yishure. Nuce usoma Ivyahishuriwe 21:3, 4.] Iki gitabu kirasigura ico Imana izokora kugira ikureho ugucumukura be n’ikigutera”. Mwereke ikigabane ca 10.
Mwame mugavye!
“Abantu benshi bararajwe ishinga n’ingorane zikomeye be n’ibintu vy’agacavutu vyeze muri iki gihe. [Vuga akarorero kazwi aho iwanyu.] Wari uzi ko ibintu nk’ivyo biri mu bigize ikimenyetso kibera kw’isi yose cerekana ko intwaro y’Imana vuba igiye kwifatira mu minwe ibintu vyo kw’isi? [Rindira yishure. Nuce usoma icanditswe kibereye, nk’akarorero Matayo 24:3, 7, 8; Luka 21:7, 10, 11; canke 2 Timoteyo 3:1-5.] Aka gatabu karavuga igituma vyihutirwa bimwe bidasanzwe ko dutahura ico ivyo bintu bisobanura”.
“Muri iki gihe abenshi barababazwa n’ibintu bivuna umutima biba canke ibintu vy’agacavutu bishikira umuntu ukwiwe. Hari abibaza igituma Imana itahaseruka kugira ibuze ibintu nk’ivyo ntibishike. Bibiliya idukura amazinda yuko vuba Imana igiye kugira ico ikoze kugira ngo ikize umuryango w’abantu ugucumukura. [Soma Ivyahishuriwe 14:6, 7.] Raba ico urubanza rw’Imana ruzoba rusobanura ku bantu. [Soma 2 Petero 3:10, 13.] Aka gatabu karatanga n’ayandi makuru kuri ico kintu gihambaye”.
Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
“Hamwe wotumirwa kuba ahantu heza nk’aha, wokwemera ubwo butumire? [Mwereke ifoto iri ku rupapuro rwa 4 n’urwa 5, maze urindire yishure.] Raba ikintu Ijambo ry’Imana rivuga ko ari ntahara kugira ngo umuntu abeho amerewe gutyo ibihe bidahera. [Soma Yohana 17:3.] Iki gitabu kizogufasha kuronka ubumenyi bujana mu buzima budahera”. Nuringanize ivy’uko mwoganira ku ngingo zitanu za mbere z’ikigabane ca 1 ubutaha usubiye kumugendera.
Zingurura kw’ifoto iri ku rupapuro rwa 188 n’urwa 189, maze ukoresheje amajambo asigura iyo foto, ubaze uwo muntu muyaga uti: “Woba wizigiye kuzoba mw’Iparadizo, aho ukumenya Imana kuzoba kwuzuye mw’isi? [Rindira yishure. Nuce usoma Yesaya 11:9.] Iki gitabu kizogufasha kumenya ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye Iparadizo be n’ingene dushobora kuzoyibamwo”. Nuringanize ivy’uko mwoganira ku ngingo ya 11-16 z’ikigabane ca 1 ubutaha usubiye kumugendera.
Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
“Woba wibaza ko isi yorushiriza kuba ahantu heza hamwe abantu boba babayeho bisunga ibi bivugwa ngaha? [Soma Matayo 7:12a. Nuce urindira yishure.] Iki gitabu kirimwo ivyigwa vyinshi dukura kuri wa mwigisha ahambaye kuruta ababayeho bose”. Numwereke amashusho n’ibibazo bijanye na yo, biri mu kigabane ca 17.
“Abavyeyi benshi muri iki gihe baragerageza kwinjiza mu bana babo imico myiza. Woba ubona ko ivyo bihambaye? [Rindira yishure. Nuce usoma Imigani 22:6.] Urabona yuko abavyeyi baremeshwa gutangura kwigisha abana babo kuva bakiri bato cane. Iki gitabu kigenewe kubafasha kugira ico kintu”. Numwereke amashusho n’ibibazo bijanye na yo, biri mu kigabane ca 15 canke ca 18.
“Akenshi abavyeyi baratangazwa n’ibibazo abana babo babaza. Bimwebimwe muri ivyo bibazo usanga bigoye kwishura. Si ko none? [Rindira yishure. Nuce usoma Abanyefeso 6:4.] Iki gitabu kirashobora gufasha abavyeyi kwishura ibibazo abana babo babaza muri iki gihe”. Numwereke makeyi mu mashusho be n’ibibazo bijanye na yo biri mu kigabane ca 11 n’ica 12, canke mu kigabane ca 34 gushika ku ca 36.
La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création?
“Twese turahagaritswe umutima n’ubugizi bwa nabi be n’ubukazi bibera mu karere kacu. Woba wibaza ko hari uwushobora gutorera umuti nyawo iyo ngorane? [Rindira yishure.] Imana irafise umuti w’iyo ngorane”. Zingurura ku rupapuro rwa 196. Soma wongere ugire ico uvuze ku canditswe co mu Migani 2:21, 22 kiri mu ngingo ya 19. Mwereke umutwe w’ikigabane ca 16, hanyuma umushikirize ico gitabu.
Zingurura ku rupapuro rwa 6 hanyuma uvuge uti: “Abantu benshi biyumvira yuko iyi si yacu y’akaroruhore be n’ubuzima buri kuri yo vyiyadukije. Wewe ubona ko uburyo bwumvikana bwo gusigura ukuntu ivyo bintu vyabayeho ari ubuhe? [Rindira yishure.] Hari ibimenyamenya vyinshi cane vyemeza inkuru yo muri Bibiliya ivuga yuko hariho Umuremyi afise ububasha bwinshi cane kandi adukunda cane. Ni ya Mana y’ukuri, izina ryayo ni Yehova”. Soma Yesaya 12:2, maze usigure muri make umugambi afise wo guhindura isi yose ikaba iparadizo.
L’humanité à la recherche de Dieu
“Uravye amadini menshi ariho muri iki gihe, nturigera wibaza ukuntu dushobora kumenya idini ryemerwa n’Imana iryo ari ryo?” Amaze kwishura, nuce uzingurura ku rupapuro rwa 377. Nushire ahabona iciyumviro kigira 7, hanyuma ubaze nya muntu muyaga niba yemera yuko idini ry’ukuri rikwiye gutuma abantu bo mu bwoko bwose bunga ubumwe. Nimurabe kimwe mu vyanditswe bitangwa ngaho, maze niba umwanya ubibakundiye muganire kuri bimwebimwe mu bindi vyiyumviro bihatondetswe. Niba yashimishijwe vy’ukuri, numushikirize ico gitabu. Ugira ugende, woshobora kumubaza uti: “Idini ry’ukuri rikwiye kugira ico rihinduye gute ku kuntu umuntu yigenza?”. Nuringanize ivy’ugusubira kumugendera kugira wishure ico kibazo.
Niba umuntu avuze ko ari muri rimwe mu madini makurumakuru, woshobora kuvuga uti: “Biranshimisha iyo mpuye n’abantu bo mu madini atandukanye. Abantu bamye barondera Imana mu buryo butandukanye. [Niba bibereye, soma Ivyakozwe 17:26, 27.] Akenshi abantu usanga bakurikira idini ry’abavyeyi babo. [Soma ingingo ya 12 ku rupapuro rwa 8.] Kwiga vyinshi ku vyerekeye ayandi madini biratuma umuntu amenya vyinshi kandi akahigira vyinshi. Iki gitabu kirasigura inkomoko y’amadini makurumakuru yo kw’isi, imigenzo yayo be n’inyigisho zayo”. Mwereke akarorero k’ivyo ico gitabu kivuga ku vyerekeye idini arimwo, nk’uko tubisanga ku mpapuro zikurikira: abasiki (100-111); abahindu (116-117); ababuda (141); abatawo (164-166); abakomfisiyusi (177); abashinto (190-195); Abayuda (220-221); n’abisilamu (289).
La Révélation: le grand dénouement est proche!
“Ushobora kuba warumvise ivyerekeye [nuvuge ikintu kanaka cavuzwe mu makuru]. Iyo abantu bapfuye urupfu rw’agacavutu, abenshi baribaza ingene imiryango yabuze yohumurizwa. Wewe uvyibazako iki?” Rindira yishure. Nuce uzingurura ku rupapuro rwa 299, maze werekane ishusho ihari yerekana ivy’izuka. Nubandanye mu kuvuga uti: “Abenshi baratangazwa no kumenya yuko abagororotsi n’abagabitanya bazosubizwa bazima mw’Iparadizo ngaha kw’isi. [Soma Ivyakozwe 24:15 nk’uko hasubirwamwo mu ngingo ya 9 ku rupapuro rwa 297, maze uce utanga insobanuro ziri mu ngingo ya 10.] Iki gitabu kiravuga ibindi bintu vyinshi bishimishije vyerekeye umugambi Imana ifise ku bijanye na kazoza”.
La Bible: Parole de Dieu ou des hommes?
“Tubayeho mu gihe aho hafi umuntu wese ahanzwe n’ingorane zikomeye. Abenshi bahindukirira abatanga impanuro b’uburyo bwose kugira babahe ubuyobozi. Bamwebamwe baja kuronderera imfashanyo ku bapfumu. Wibaza ko ari hehe tworonderera impanuro nziza zizotugirira akamaro koko? [Rindira yishure.] Bibiliya iravuga ikintu gihambaye twese dukeneye gutahura. [Soma 2 Timoteyo 3:16. Nuce uzingurura ku rupapuro rwa 187, hanyuma usome ingingo ya 9.] Iki gitabu kizogufasha gutahura ukuntu gukurikiza ivyo Bibiliya ivuga vyama bitugirira akamaro”.
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
“Muri iki kiringo, abantu benshi baba bariko biyumvira ivyerekeye Yezu. Ariko rero, kubera ko hari ibintu vyinshi bibi cane biba mw’isi yose, hari abokwibaza niba Yezu koko atubabaye. Wewe uvyibazako iki?” Rindira yishure. Zingurura ku kigabane ca 24, maze uvuge muri make igituma Yezu yaraje kw’isi. Nuce usoma Yohana 15:13, ushimike ku rukundo ruva ku mutima Yezu yakunda abandi.
“Iyo hagize uwuvuga Yezu Kirisitu, abenshi baca bamubona nk’akayoya canke umugabo ariko acumukura, agira acikane. Ku vyerekeye Yezu, nta kindi bibonera atari ivuka ryiwe n’urupfu rwiwe. Ibintu vyiza igitangaza yavuze be n’ivyo yakoze mu gihe c’ubuzima bwiwe ni nk’akamizwe n’ingoma. Ivyo yaranguye biri n’ico bivuze ku bantu bose bǎbayeho. Ni co gituma bihambaye ko twiga vyinshi bishoboka ku vyerekeye ibintu vyiza igitangaza yatugiriye”. Soma Yohana 17:3. Nuce uzingurura ku rupapuro rwa mbere rw’intangamarara, maze usome ingingo ya kane.
Ni Ibiki Imana Idusaba?
“Wibaza ko Imana yari yashatse ko tubaho mu ngorane nk’izi ziduhanze muri iki gihe? [Rindira yishure. Nuce usoma Matayo 6:10.] Woba urazirikana Ubwami bw’Imana ico ari co koko?” Zingurura ku cigwa ca 6, maze usome ibibazo biri mu ntango z’ico cigwa. Nimuce mutangura kuganira kuri ico cigwa, canke uringanize ivy’uko mwokiganira ubutaha usubiye kumugendera.
“Naho ikibano ca none cagize amaterambere, indwara n’urupfu birabandanya gucumukuza abantu no kubatuntuza. Woba uzi ico Yezu azokorera abarwaye, abageze mu zabukuru, eka mbere n’abapfuye?” Rindira yishure. Niba uwo muntu ashaka kubimenya, zingurura ku cigwa ca 5 maze usome ibibazo bijanye n’ingingo ya 5 n’iya 6. Nimuganire kuri izo ngingo canke uringanize ivy’uko mwoziganira ubutaha usubiye kumugendera.
Inzira Ijana mu Buzima Budahera Woba Warayitoye?
“Woba urigera wibaza uti: Urupfu rwoba ari rwo herezo rya vyose? Canke hoba hari ikindi kintu umuntu yokwitega inyuma y’urupfu?” [Rindira yishure.] “Bibiliya iratomora neza ikibazo cose twoba dufise ku vyerekeye urupfu”. (Soma Umusiguzi 9:5, 10.) Nuce uzingurura ku rupapuro rwa 13 mu gatabu Inzira Ijana mu Buzima maze muganire ku gatwe kavuga ngo “Uko Abapfuye Bamerewe”.
“Woba urigera wibaza ivya ba sokuruza bacu bapfuye? Bari hehe? Boba bashobora kudufasha canke kutugirira nabi?” [Rindira yishure.] “Raba ico Bibiliya ivuga muri Zaburi ya 49 ku vyerekeye abapfuye”. (Soma Zaburi 49:10, 17-19.) Nimuce muganira ku cigwa ca 4 co muri ako gatabu.
Senga Imana Yonyene y’Ukuri
“Wibaza ko ari hehe tworonderera imfashanyo yodufasha kwihanganira imikazo y’ubuzima? [Rindira yishure. Nuce usoma Abaroma 15:4.] Urabona yuko Ivyanditswe vyahumetswe bitwigisha, bikaduhumuriza, bikongera bikaduha n’icizigiro, ivyo bikaba bishobora kudukomeza kugira twihanganire ingorane. Iki gitabu kiratanga inama ngirakamaro zijanye n’ukuntu dushobora kwungukira cane ku gusoma Bibiliya”. Numwereke ivyiyumviro bine biri ku rupapuro rwa 30.
“Kuva igihe Yezu yari kw’isi, abantu benshi bamye basaba ko Ubwami bw’Imana buza. Woba uribaza ico ukuza kw’ubwo Bwami kuzosobanura ku muryango w’abantu? [Rindira yishure. Nuce usoma Daniyeli 2:44.] Iki gitabu kirasigura Ubwami bw’Imana ico ari co, ico buzokora, n’ingene dushobora kwungukira ku ntwaro yabwo igororotse”. Niwerekane ishusho iri ku rupapuro rwa 92 n’urwa 93.