Dukoreshe: (1) Ikibazo, (2) Icanditswe, be na (3) Ikigabane
Uburyo bworoshe bwo gushikiriza igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? ni (1) ukubaza ikibazo gituma umuntu aserura iryo agona, (2) gusoma icanditswe kibereye, be no (3) kwerekana ikigabane co muri ico gitabu gica irya n’ino ivyo muriko muraganirako, umuntu akabigira mu gusoma ibibazo vy’intangamarara biri munsi y’umutwe-shimikiro w’ico kigabane. Igihe uwo muriko muraganira ashimishijwe, woshobora guca umwereka ingene inyigisho ya Bibiliya irongorwa ukoresheje ingingo za mbere z’ico kigabane. Ubwo buryo bushobora gukoreshwa mu gutanguza inyigisho igihe ugendeye umuntu ari bwo bwa mbere canke igihe usubiye kumugendera.
◼ “Wibaza ko bishoboka yuko abantu buntu bamenya Umuremyi wacu Mushoboravyose nk’uko bivugwa ngaha muri Bibiliya?” Soma Ivyakozwe n’intumwa 17:26, 27, hanyuma urindire yishure. Ca werekana ikigabane ca 1.
◼ “Uravye ingorane ziduhanze muri iki gihe, wibaza ko bishoboka yuko umuntu ahumurizwa akongera akagira icizigiro nk’uko bivugwa ngaha?” Soma Abaroma 15:4, hanyuma urindire yishure. Ca werekana ikigabane ca 2.
◼ “Iyo uba wari ufise ubushobozi, ubwo ntiwohinduye ibintu bikamera gutya?” Soma Ivyahishuriwe 21:4, hanyuma urindire yishure. Ca werekana ikigabane ca 3.
◼ “Wibaza ko abana bacu bazoruha bakabaho bamerewe nk’uku bivugwa muri iyi ndirimbo ya kera?” Soma Zaburi 37:10, 11, hanyuma urindire yishure. Ca werekana ikigabane ca 3.
◼ “Woba wibaza ko hazoteba hagashika igihe aya majambo aranguka”? Soma Yesaya 33:24, hanyuma urindire yishure. Ca werekana ikigabane ca 3.
◼ “Woba urigera wibaza nimba abapfuye boba bazi ivyo abariho bariko barakora?” Rindira yishure. Nuce usoma Umusiguzi 9:5, hanyuma werekana ikigabane ca 6.
◼ “Wibaza ko bishoboka yuko umusi uri izina tuzokwongera kubona abacu basandavye nk’uko Yezu yabivuze muri iyi mirongo?” Soma Yohana 5:28, 29, hanyuma urindire yishure. Ca werekana ikigabane ca 7.
◼ “Wibaza ko vyogenda gute kugira ivyo Imana igomba bibe ngaha kw’isi nk’uko biriko biraba mw’ijuru, twisunze ibivugwa muri ca gisabisho abantu benshi bazi?” Soma Matayo 6:9, 10, hanyuma urindire yishure. Ca werekana ikigabane ca 8.
◼ “Wibaza ko tubayeho muri iki kiringo kivugwa muri ubu buhanuzi?” Soma 2 Timoteyo 3:1-4, hanyuma urindire yishure. Ca werekana ikigabane ca 9.
◼ “Abantu benshi baribaza igituma ingorane zihanze umuryango w’abantu bisa n’uko ziguma zunyuka. Woba wiyumvira ko ibivugwa ngaha bizoranguka?” Soma Ivyahishuriwe 12:9, hanyuma urindire yishure. Ca werekana ikigabane ca 10.
◼ “Woba warigeze wipfuza kumenya inyishu y’iki kibazo?” Soma Yobu 21:7, hanyuma urindire yishure. Ca werekana ikigabane ca 11.
◼ “Woba wibaza ko gushira mu ngiro iyi mpanuro dusanga muri Bibiliya vyofasha abantu kugira ubuzima bwo mu rugo burangwa agahimbare?” Soma Abanyefeso 5:33, hanyuma urindire yishure. Ca werekana ikigabane ca 14.
Inyigisho ya Bibiliya yoshobora gushirwa kuri raporo igihe iba yarongowe incuro zibiri inyuma y’aho mumariye kugira icigwa c’akarorero co kumwerekana ingene bigenda, kandi hakaba hariho ivyemeza ko iyo nyigisho izobandanya.