ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb16 Ntwarante rup. 2
  • 7-13 Ntwarante

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 7-13 Ntwarante
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
mwb16 Ntwarante rup. 2

7-13 Ntwarante

ESITERI 6-10

  • Ururirimbo rwa 131 n’isengesho

  • Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

  • “Esiteri yarakoreye Yehova n’abantu biwe ata bwikunzi”: (Imin. 10)

    • Est 8:3, 4​—Naho Esiteri yari ahatagira inkomanzi, yarashize ubuzima bwiwe mu kaga kugira arokore abandi (ia 142 ing. 24-25)

    • Est 8:5​—Esiteri yakoranye ubugenge imbere ya Ahasuwerusi (w06 1/3 11 ing. 8)

    • Est 8:17​—Abantu benshi barinjiye idini ry’Abayuda (w06 1/3 11 ing. 3)

  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)

    • Est 8:1, 2​—Igihe Yakobo yari ku mpfiro yavuze ko Benyamini ‘yogabuye isahu ku mugoroba.’ Ivyo vyarangutse gute? (ia 142, uruzitiro)

    • Est 9:10, 15, 16​—Naho itegeko ryari ryatanzwe ryabarekurira gusahura, ni kubera iki Abayuda birinze gukora ico kintu? (w06 1/3 11 ing. 4)

    • Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi kinyigisha iki ku vyerekeye Yehova

    • Ni ivyiyumviro ibihe vyo mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi nokoresha mu ndimiro?

  • Igisomwa ca Bibiliya: Est 8:1-9 (Imin. 4 canke idashika)

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

  • Tegura uburyo bwo gutanguza ibiyago muri uku kwezi: (Imin. 15) Guhana ijambo. Kuri bumwe bwose mu buryo bwo gutanguza ibiyago muri uku kwezi, nimwerekane ividewo bijanye muce muganira ku bintu nyamukuru mwabonye. Nimwaheza muce muyaga ku kiganiro kivuga ngo “Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Tegura uburyo bwawe bwo gushikiriza ibinyamakuru.”

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

  • Ururirimbo rwa 118

  • “Duhe ikaze abashitsi”: (Imin. 15) Guhana ijambo. Nusabe abamamaji bavuge ibintu vyiza biboneye kubera ko bibwirije bagaha ikaze abashitsi bari bitavye Icibutso giheruka. Nimugire agakino gasubiramwo ivyabaye bishimishije.

  • Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: ia ikig. 10 ing. 12-21, n’isubiramwo ry’ikigabane (Imin. 30)

  • Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)

  • Ururirimbo rwa 147 n’isengesho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika