ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb17 Ruhuhuma rup. 5
  • “Gutangaza umwaka w’ubutoni wa Yehova”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Gutangaza umwaka w’ubutoni wa Yehova”
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Ivyo bijanye
  • ‘Ibiti vya Yehova birahaga’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
mwb17 Ruhuhuma rup. 5

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YESAYA 58-62

“Gutangaza umwaka w’ubutoni wa Yehova”

“Umwaka w’ubutoni wa Yehova” si umwaka w’amezi 12

61:1, 2

  • Ni ikiringo Yehova aha abatekereza kugira bashobore kwitabira akamo abatera ngo baronke umwidegemvyo

  • Mu kinjana ca mbere, uwo mwaka w’ubutoni watanguye igihe Yezu yatangura ubusuku bwiwe mu 29, urangira ku “musi w’ukwihora” wa Yehova igihe Yeruzalemu yasangangurwa mu 70 inyuma ya Kristu

  • Mu gihe cacu, uwo mwaka w’ubutoni watanguye igihe Yezu yimikwa mw’ijuru mu 1914, ukazorangira mu gihe c’amakuba akomeye

Umurongo werekana wa mwaka w’ubutoni kuva mu 29 gushika mu 70 no kuva mu 1914 gushika mu gihe c’amakuba akomeye

Yehova arahezagira abasavyi biwe mu kubaronsa “ibiti bininibinini vy’ubugororotsi”

61:3, 4

  • Ibiti birebire gusumba ibindi kw’isi usanga biba mu bibira, kuko bikura neza biri kumwe n’ibindi

  • Imizi yavyo igenda irazitana bigatuma bifata cane mu kuzimu ku buryo bidapfa kurandurwa n’ibihuhusi

  • Ibiti birebire birakingira uduti tukiri duto kandi amababi yavyo akorotse aca aba intabire

Abagize ishengero rya gikirisu rikwiye kw’isi yose, barashigikirwa bakongera bagakingirwa n’amasigarira y’abarobanuwe agereranywa na vya “biti bininibinini vy’ubugororotsi”

Ibiti binini vy’imizi ikomeye birakingira uduti tukiri duto
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika