20-26 Ruhuhuma
YESAYA 58-62
- Ururirimbo rwa 142 n’isengesho 
- Intangamarara (Imin. 3 canke idashika) 
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
- “Gutangaza umwaka w’ubutoni wa Yehova”: (Imin. 10) - Yes 61:1, 2—Yezu yarobanuwe kugira atangaze “umwaka w’ubutoni wa Yehova” (ip-2 322 ing. 4) 
- Yes 61:3, 4—Yehova araturonsa “ibiti bininibinini vy’ubugororotsi” kugira ashigikire igikorwa ciwe (ip-2 326-327 ing. 13-15) 
- Yes 61:5, 6—“Abanyamahanga” barasenyera ku mugozi umwe n’“abaherezi ba Yehova” mw’isekeza ry’akataraboneka ryo kuvuga inkuru nziza (w12 15/12 25 ing. 5-6) 
 
- Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8) - Yes 60:17—Yehova yashikije gute uwo muhango mu misi ya nyuma? (w15 15/7 9-10 ing. 14-17) 
- Yes 61:8, 9—Iryo “sezerano ryamaho” ni irihe, kandi abagize urwo “ruvyaro” ni bande? (w07 15/1 11 ing. 5) 
- Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi kinyigisha iki ku vyerekeye Yehova? 
- Ni ivyiyumviro ibihe vyo mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi nokoresha mu ndimiro? 
 
- Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Yes 62:1-12 
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
- Mugihura: (Imin. 2 canke idashika) g17.1 rup. 3-7 
- Usubiyeyo: (Imin. 4 canke idashika) g17.1 rup. 3-7 
- Inyigisho: (Imin. 6 canke idashika) bh 16 ing. 19—Inabibondo niyigishe akigeme kiwe, nimba boboneka. 
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
- Nukoreshe amavidewo mu ndimiro: (Imin. 6) Insiguro. Nimurabe akavidewo kavuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki? Nuremeshe bose kwerekana ako kavidewo kajanye n’ivyo tuzoshikiriza muri Ntwarante na Ndamukiza, igihe bagihura n’umuntu canke basubiye kumugendera. 
- “Dukoreshe neza ibitabu vyacu”: (Imin. 9) Guhana ijambo. Nimurabe akavidewo Ingene ibitabu bishingiye kuri Bibiliya bikwiragizwa muri Kongo. 
- Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) kr ikig. 8 ing. 14-18, uruzitiro “Guhindura Bibiliya biriko birihutishwa”, n’uruzitiro rw’isubiramwo “Woba ubona ko Ubwami bw’Imana bubaho koko?” 
- Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3) 
- Ururirimbo rwa 114 n’isengesho