Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
6-12 RUHUHUMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YESAYA 47-51
“Kugamburukira Yehova bituzanira imihezagiro”
ip-2 131 ing. 18
Yehova atwigisha ibitwungura
‘Niwumvirize amabwirizwa yanje’
18 Uwo muhanuzi ahumekewe n’impwemu ya Yehova agira ati: “Umukama Segaba Yehova ubwiwe arantumye, mbere impwemu yiwe. Ibi ni vyo Yehova avuze, Umucunguzi wawe, wa Mweranda wa Isirayeli: ‘Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura, Umwe agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo.’” (Yesaya 48:16b, 17) Ayo majambo aranga urukundo n’ukwitwararikana yari gukura amazinda Abisirayeli ko Yehova yari yimirije kubakura i Babiloni. Ni Umucunguzi wabo. (Yesaya 54:5) Yehova aripfuza cane ko Abisirayeli basubira kugiriranira ubucuti bwiza na we kandi bakumviriza amabwirizwa yiwe. Ugusenga kw’ukuri gushingiye ku kugamburuka ivyo Imana itwigisha. Abisirayeli ntibashobora kugendera mu nzira nziza igihe batoba barigishijwe ‘inzira bakwiye kugenderamwo.’
ip-2 131 ing. 19
Yehova atwigisha ibitwungura
19 Icipfuzo Yehova afise c’uko abasavyi biwe birinda ivyago maze bakabaho banezerewe, kiraseruka neza muri aya majambo agira ati: “Ese iyaba wokwumviriza koko amabwirizwa yanje! Amahoro yawe rero yomera nk’uruzi, ubugororotsi bwawe na bwo nk’imipfunda y’ikiyaga.” (Yesaya 48:18) Mbega akamo kavuye ku mutima Umuremyi mushoboravyose abateye! (Gusubira mu vyagezwe 5:29; Zaburi 81:13) Abisirayeli barashobora kwiberaho mu mahoro nka kurya kw’uruzi, aho kuja mu bunyagano. (Zaburi 119:165) Ibikorwa vyabo vy’ubugororotsi birashobora kuba vyinshi nk’imipfunda y’ikiyaga. (Amosi 5:24) Kubera ko Yehova yitwararika Abisirayeli, arabinginga, akabereka inzira bakwiye kugenderamwo abigiranye urukundo. Ese iyaba bomwumvirije!
ip-2 132 ing. 20-21
Yehova atwigisha ibitwungura
20 Ni imihezagiro iyihe Abisirayeli bari kuronka iyo bigaya? Yehova agira ati: “Uruvyaro rwawe rwocika nk’umusenyi, abamuka imbere muri wewe na bo nk’udutete twawo. Izina ryawe ntiryorandurwa canke ngo rizimanganywe imbere yanje.” (Yesaya 48:19) Yehova aributsa abantu umuhango yatanze w’uko abakomoka kuri Aburahamu bazoba benshi “nk’inyenyeri zo mu majuru, nk’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga.” (Itanguriro 22:17; 32:12) Ariko rero, abakomoka kuri Aburahamu baragararije, bituma uwo muhango utarangukira kuri bo. Vy’ukuri, barakoze ibintu bibi ku buryo twisunze Itegeko rya Yehova, ihanga ryabo ryari rikwiye kurandurwa. (Gusubira mu vyagezwe 28:45) Naho biri ukwo, Yehova ntiyipfuza guherengeteza abasavyi biwe canke kubaheba buhere.
21 Ingingo ngenderwako dusanga muri ico canditswe zirerekeye n’abasavyi ba Yehova muri iki gihe. Yehova ni we yaturemye, kandi ni we azi neza ingene dukwiye gukoresha ubuzima bwacu. (Zaburi 36:9) Yaraduhaye ubuyobozi, atari kugira butubuze umunezero, ahubwo kugira butwungure. Abakirisu b’ukuri baremera ubuyobozi Yehova aduha mu kurondera kwigishwa na we. (Mika 4:2) Ubwo buyobozi buratuma tuguma dukomeye mu kwizera kandi dufitaniye na Yehova ubucuti bwiza, bukongera bukadukingira inyosha mbi ziva kuri Shetani. Igihe dutahuye ingingo ngenderwako zinyegeje mu mategeko ya Yehova, turabona ko atwigisha ibitwungura be n’uko ‘amabwirizwa yiwe atari umuzigo.’ Bisubiye, ntituzozimanganywa.—1 Yohani 2:17; 5:3.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya—Igice ca 2
49:6—Ko ubusuku Mesiya yaranguriye kw’isi bwagarukiye ku Bisirayeli, ni mu buryo ki ari “umuco wākira amahanga”? Mesiya ni umuco wakira amahanga bivanye n’ivyabaye inyuma y’urupfu rwiwe. Bibiliya irerekeza amajambo yo muri Yesaya 49:6 ku bigishwa biwe (Ivyakozwe n’intumwa 13:46, 47). Muri iki gihe, abakirisu basizwe, bafashijwe n’abasavyi b’Imana bo mu bagize ishengero ryinshi, barasukura ari “umuco wākira amahanga” mu kumurikira abantu “bo ku mpera y’isi”.—Matayo 24:14; 28:19, 20.
it-1 660 ing. 4-5
Kwahukana
Kwahukana mu buryo bw’ikigereranyo. Ubucuti buri hagati y’abubakanye burakoreshwa mu Vyanditswe mu buryo bw’ikigereranyo. (Yes 54:1, 5, 6; 62:1-6) Ivyanditswe biravuga kandi ukwahukana canke kwirukana umugore mu buryo bw’ikigereranyo.—Yr 3:8.
Mu 607 imbere ya Kristu, ubwami bwa Yuda bwaratembagajwe, Yeruzalemu irasangangurwa, abanyagihugu baho baca batwarwa kuba abaja i Babiloni. Hagisigaye imyaka myinshi ngo ivyo bibe, Yehova yari yarabwiye ubu buhanuzi Abayuda bogizwe abaja, ati: “Kiri hehe none icete c’ukwahukana ca nyoko wanyu, uwo nirukanye?” (Yes 50:1) Yehova yari yarirukanye ‘nyina’ wabo, ni ukuvuga iryo hanga ryose uko ryakabaye, abitumwe n’imvo ifadika. Si we yarenze kw’isezerano yari yaragize ngo atangure kurondera kwahukana, ahubwo yirukanye iryo hanga kubera ryari ryararenze kw’isezerano ry’Itegeko. Bamwe mu Bisirayeli barigaye bongera barasaba Yehova ngo asubire kugiriranira na bo ubucuti ari umugabo wabo, baba mu gihugu cabo. Mu 537 imbere ya Kristu, Yehova yarasubije abasavyi biwe mu gihugu cabo nk’uko yari yarabisezeranye, kikaba cari kimaze imyaka 70 ari umusaka. Ivyo vyose yabigize ku bw’izina ryiwe.—Zb 137:1-9; raba ahavuga ngo UBUGENI.
13-19 RUHUHUMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YESAYA 52-57
“Kristu yababajwe ku bwacu”
Umusavyi wa Yehova ‘yacumitiwe ibicumuro vyacu’
‘Yarakengerwa’ kandi abantu ‘nta co bamwibazako’
3 Soma Yesaya 53:3. Zirikana gatoyi ico bitegerezwa kuba vyarasavye Umwana w’ikinege w’Imana mu guheba umunezero yari afise wo gusukura ari kumwe na Se wiwe, maze akaza ng’aha kw’isi kugira ngo atange ubuzima bwiwe kw’ikimazi ngo akize umuryango w’abantu icaha n’urupfu! (Flp. 2:5-8) Ico kimazi yotanze cari kigenewe gutuma abantu baharirwa vy’ukuri ibicumuro, kino kikaba gusa cagereranywa n’ibimazi vy’ibitungwa vyatangwa mu gihe c’Itegeko rya Musa. (Heb. 10:1-4) None ntiyari akwiye kwakirwa neza no guterwa iteka n’imiburiburi n’Abayuda, abari bamaze igihe barindiriye Mesiya yari yarasezeranywe? (Yoh. 6:14) Ahubwo riho, nk’uko Yesaya yari yarabivuze, Kristu ‘yarakengerwa’ n’Abayuda, kandi ‘nta co bamwibazako.’ Intumwa Yohani yanditse ati: “Yaje iwe bwite, mugabo abantu biwe bwite ntibamwakiriye.” (Yoh. 1:11) Intumwa Petero yabwiye Abayuda ati: “Imana ya ba sogokuruza bacu, yaninahaje Umusavyi wayo Yezu, uwo mwebwe mwatanze mukamwihakanira imbere ya Pilato, mu gihe yari yafashe ingingo yo kumurekura. Egome, mwarihakanye uwo mweranda akaba n’umugororotsi.”—Ibik. 3:13, 14.
4 Yesaya yari yaravuze kandi ko Yezu yobwirijwe ‘kumenyera indwara.’ (NW) Mu gihe c’ubusuku bwiwe, nta gukeka ko Yezu vyashika akumva arushe, ariko nta kintu na kimwe cerekana ko yigeze arwara. (Yoh. 4:6) Yamara rero, yaramenyereye indwara abo yabwira inkuru nziza bari barwaye. Yarabumviye akagongwe yongera arakiza abatari bake. (Mrk. 1:32-34) Yezu rero yarashikije ubuhanuzi buvuga buti: “N’ukuri n’izacu [“ndwara,” NW] yishizeko, n’iyacu mibabaro yikoreye.”—Yes. 53:4a; Mat. 8:16, 17.
Yabaye nk’aho ‘acumiswe n’Imana’
5 Soma Yesaya 53:4b. Abantu benshi bo mu gihe ca Yezu, ntibatahura igituma yababajwe kandi akicwa. Babona ko Imana yariko iramuhana, akaba ari nk’aho yariko imuteza indwara iteye ishishi. (Mat. 27:38-44) Abayuda bagirije Yezu ko ari umurogosi. (Mrk. 14:61-64; Yoh. 10:33) Mu vy’ukuri, Yezu ntiyari umucumuzi canke ngo abe umurogosi. Ariko, dufatiye ku rukundo ruhambaye yakunda Se wiwe, kuba yabwirijwe kwicwa ahowe ko ngo yari umurogosi bitegerezwa kuba vyaratumye arushiriza kugira umubabaro mwinshi narirya yari Umusavyi wa Yehova. Naho vyari ukwo, yari afise umutima ukunze wo kuyoboka ivyo Yehova agomba.—Mat. 26:39.
Umusavyi wa Yehova ‘yacumitiwe ibicumuro vyacu’
Yajanywe “nk’umwagazi w’intama ujanwa mw ibāgiro”
10 Soma Yesaya 53:7, 8. Igihe Yohani Umubatizi yabona Yezu aza amugana, yaciye avuga ati: “Raba, Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho igicumuro c’isi!” (Yoh. 1:29) Mu kuvuga yuko Yezu ari Umwagazi w’intama, Yohani ashobora kuba yari afise mu muzirikanyi amajambo yavuzwe na Yesaya, agira ati: “[Yajanywe] nk’umwagazi w’intama ujanwa mw ibāgiro.” (Yes. 53:7) Yesaya yari yavuze ati: “Yasutse ubugingo bgiwe, [ageza] ku gupfa.” (Yes. 53:12) Birashimishije kubona muri rya joro Yezu yatanguza Icibutso c’urupfu rwiwe, yarahaye igikombe kirimwo umuvinyu za ntumwa 11 z’intahemuka maze avuga ati: “Iki kigereranya ‘amaraso yanje y’isezerano,’ agiye guseswa ku bwa benshi ku bwo kubabarirwa ibicumuro.”—Mat. 26:28.
(Yesaya 53:11, 12) Kubera ivyago vyiwe, azobona, azohaga. Biciye ku bumenyi bwiwe, umugororotsi, umusavyi wanje, azozanira abantu benshi impagararo igororotse; kandi amakosa yabo we ubwiwe azoyikorera. 12 Ku bw’iyo mvo, nzomuha umugabane muri benshi, kandi azogabanganya isahu kumwe n’abanyabushobozi, kubera ko yasutse ubuzima bwiwe gushika ku rupfu, agaharurwa mu bagabitanya; kandi ubwiwe yiremetse igicumuro c’abantu benshi, aja hagati ku bw’abagabitanya.
Umusavyi wa Yehova ‘yacumitiwe ibicumuro vyacu’
Uwo Musavyi atuma “benshi baheshwa ukugororoka”
13 Soma Yesaya 53:11, 12. Yehova yavuze ku vyerekeye Umusavyi wiwe yitoranirije ati: “[“Umusavyi,” NW] wanje agororoka azotuma benshi baheshwa ukugororoka.” Mu buhe buryo? Amajambo asozera umurongo wa 12 aradufasha kwishura ico kibazo. Agira ati: “Kandi [uwo Musavyi] asabira abanyabicumuro.” Abakomoka kuri Adamu bose bavuka ari “abanyabicumuro,” akaba ari co gituma baronka “impembo igicumuro gitanga,” iyo na yo akaba ari urupfu. (Rom. 5:12; 6:23) Birakenewe ko abantu b’abanyabicumuro basubiza hamwe na Yehova. Mu kigabane ca 53 c’ubuhanuzi bwa Yesaya haradondora mu buryo bwiza igitangaza ingene Yezu ‘yasabiye’ abantu b’abanyabicumuro. Hagira hati: ‘Igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we, kandi [“inguma,” NW] ziwe ni zo zidukiza.’—Yes. 53:5.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
“Inkuru y’ikigereranyo” idufitiye akamaro
None uwo “mugore bgite” wa Aburahamu, ari we Sara, be n’umwana wiwe Isaka, bagereranya bande? Paulo yarerekanye yuko Sara, uwari “umugore w’ingumba”, yagereranya umugore w’Imana, ari co gice co mw’ijuru c’ishirahamwe ryayo. Uwo mugore wo mw’ijuru yari ingumba mu buryo bw’uko ata “bana” basizwe impwemu yari afise kw’isi imbere y’uko Yezu aza (Ab’i Galatiya 4:27; Yesaya 54:1-6). Ariko rero, kuri Pentekote yo mu 33 G.C., impwemu yera yarasutswe ku mugwi ugizwe n’abagabo be n’abagore, gutyo baba baravutse ubugira kabiri bacika abana b’uwo mugore wo mw’ijuru. Abo bana bavyawe n’iryo shirahamwe barahinduwe abana b’Imana maze bacika abaraganwa na Yezu Kirisitu bafitaniye ubucuti n’Imana bushingiye kw’isezerano rishasha (Abaroma 8:15-17). Umwe muri abo bana, ari we ntumwa Paulo, yarashoboye kwandika ati: “Yerusalemu wo hejuru ni wo mugore bgite, ni wo mama wa twese”.—Ab’i Galatiya 4:26.
Nutsimbataze ukwicisha bugufi nyakuri
Akarorero ruheta k’ukwicisha bugufi
3 Yehova afise ubukuru budaserangurika be n’ikibanza kiri hejuru cane bimwe bidaserangurika. Yamara, “inyonga z[iwe] zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye” (2 Ngoma 16:9). Yehova akora iki igihe abonye abasavyi biwe baciye bugufi bafise imitima imenetse kubera ibigeragezo bitari bimwe bacamwo? Mu buryo bunaka, ‘arabana’ na bo biciye ku mpwemu yiwe yera “kugira ngo [ah]ēmbūre imitima y’abicisha bugufi, [ah]ēmbūre n’abafise imitima imenetse” (Yesaya 57:15). Gutyo, abasavyi biwe bamaze guhemburwa canke kugarurirwa agatege, baca bashobora gusubira kumukorera banezerewe. Umve yemwe ingene Imana yicisha bugufi!
20-26 RUHUHUMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YESAYA 58-62
“Gutangaza umwaka w’ubutoni wa Yehova”
ip-2 322 ing. 4
I Siyoni hanaga ubugororotsi
“Umwaka w’ubutoni”
4 Yesaya yandika ati: “Impwemu y’Umukama Segaba Yehova iri kuri jewe, kuko Yehova yandobanuje amavuta kugira ngo mbwire inkuru nziza abatekereza. Yantumye gutubika abavunitse umutima, gutangaza ukurekurwa ku batwawe ari imbohe, n’uguhumurwa amaso rwose ku banyororo.” (Yesaya 61:1) Ni nde yahawe igikorwa co kuvuga inkuru nziza? Biboneka ko mu ntango yari Yesaya, uwahumekewe n’Imana kwandikira inkuru nziza abari barajanywe mu buja i Babiloni. Ariko rero, Yezu yarerekanye iranguka rikomeye ry’ayo majambo ya Yesaya igihe yayiyerekezako we ubwiwe. (Luka 4:16-21) Birumvikana ko Yezu yarungitswe kubwira inkuru nziza abitonda, kikaba ari co gituma yarobanujwe impwemu nyeranda igihe yabatizwa.—Matayo 3:16, 17.
ip-2 326-327 ing. 13-15
I Siyoni hanaga ubugororotsi
13 Kuva kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu, Imana yarateye mwene ivyo “biti bininibinini vy’ubugororotsi,” ni ukuvuga abakirisu barobanuwe b’umutima rugabo, ibagira ihanga rishasha yigabira, ari ryo “Isirayeli y’Imana.” (Abagalatiya 6:16) Inyuma y’imyaka amajana, igitigiri c’ivyo “biti” cari guteba kigashika ku 144.000. Ivyo biti birama icamwa c’ubugororotsi giha ubuninahazwa Yehova Imana. (Ivyahishuwe 14:3) Ivya nyuma muri ivyo “biti” bininibinini vyaramye kuva mu 1919, igihe Yehova yakangura abari basigaye mu bagize Isirayeli y’Imana inyuma y’ikiringo gito bari bamaze batariko barakora. Yehova yarabahaye amazi menshi yo mu buryo bw’impwemu, bituma haboneka ico twokwita ishamba ry’ibiti vy’ubugororotsi kandi vyama.—Yesaya 27:6.
14 Yesaya arerekana igikorwa c’ivyo “biti” mu kuvuga ati: “Bazosubira koko kwubaka ibibanza bimaze igihe kirekire vyaratikijwe; bazoduza ibibanza vyagizwe umusaka vya kera, kandi bazosanura koko ibisagara vyatikijwe, ibibanza vyagizwe umusaka uko iyaruka ryagiye rikurikira irindi.” (Yesaya 61:4) Bivuye kw’itegeko rya Kuro Umwami w’Ubuperesi, Abayuda b’abizigirwa bari bavuye i Babiloni barasubiye kwubaka Yeruzalemu n’urusengero rwaho, bikaba vyari bimaze imyaka myinshi ari umusaka. Ibikorwa bisa n’ivyo vyokozwe kandi kuva mu 33 inyuma ya Kristu no kuva mu 1919.
15 Mu 33 inyuma ya Kristu, abigishwa ba Yezu barababaye cane igihe yafatwa, agacirwa urubanza hanyuma akicwa. (Matayo 26:31) Ariko rero, baranezerewe cane igihe yabiyereka amaze kuzuka. Bamaze gusukwako impwemu nyeranda, baciye bamamaza inkuru nziza n’umwete mwinshi “i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyakozwe 1:8) Gutyo, bari batanguye gusubizaho ugusenga kw’ukuri. Muri ubwo buryo nyene, kuva mu 1919 Yezu Kristu yaratumye amasigarira ya bene wabo barobanujwe impwemu basubira kwubaka “ibibanza vyagizwe umusaka uko iyaruka ryagiye rikurikira irindi.” Abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu bobo barananiwe kuronsa abantu ubumenyi bwerekeye Yehova kuva mu myaka amajana iheze; ahubwo babigisha imigenzo y’abantu n’inyigisho zidashingiye ku vyanditswe. Abakirisu barobanuwe barakuye mu mashengero imigenzo yandujwe n’idini ry’ikinyoma, kugira basubizeho ugusenga kw’ukuri. Baciye batangura isekeza rikomeye ryo kwamamaza ritaribwigere riboneka kw’isi.—Mariko 13:10.
“Ingenzi” zunze ubumwe mu gusenga kw’ukuri
5 Ariko rero, hari uwoshobora kuvyura ikibazo ku bivugwa muri Yesaya ikigabane ca 61, ikirimwo ubuhanuzi bwarangukiye kw’ishengero rya gikirisu. Umurongo wa 6 w’ico kigabane uvuga ivy’abantu bobaye “abaherezi ba Yehova.” Ariko rero umurongo wa 5, uvuga ivy’“abanyamahanga” bosenyeye ku mugozi umwe n’abo “baherezi” kandi bagakorana na bo. None ivyo bikwiye gutahurwa gute?
6 Turatahura ko abo “baherezi ba Yehova” ari abakirisu barobanuwe bafise umugabane “mw’izuka rya mbere” kandi “bazoba abaherezi b’Imana n’aba Kristu, kandi bazoganzanya na we . . . imyaka igihumbi.” (Ivyah. 20:6) Vyongeye, hariho abakirisu b’intahemuka benshi bafise icizigiro co kuba kw’isi. Ariko rero, abo bakirisu bakorana bakongera bakagiranira imigenderanire ya hafi n’abazosukurira mw’ijuru, ni abanyamahanga mu buryo bw’ikigereranyo. Barahimbarwa no gushigikira be no gukorana n’“abaherezi ba Yehova,” bakababera nk’“abarimyi” n’“abakozi bo mu mirima y’imizabibu.” Egome, barafasha kurima mu buryo bw’impwemu ku bw’ubuninahazwa bw’Imana, mu gukuza abantu no mu kubimbura. Mu vy’ukuri, abarobanuwe be n’abo mu “zindi ntama” bararondera abantu b’inziraburyarya bipfuza gukorera Imana ibihe bidahera maze bakabaragira babigiranye urukundo.—Yoh. 10:16.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Nukore kugira uryohore iparadizo yo mu buryo bw’impwemu
14 Uko imyaka yagiye irarengana, abageze mu zabukuru bari muri twebwe bariboneye amahinduka amwamwe yabaye mw’ishirahamwe agatuma igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova kirushiriza kuba ciza. Baribuka igihe amashengero yari ahagarikiwe n’umusuku w’ishengero aho guhagarikirwa n’inama y’abakurambere, igihe ibihugu vyari bihagarikiwe n’umusuku w’ishami aho guhagarikirwa na Komite y’ishami be n’igihe ubuyobozi bwatangwa na prezida w’ishirahamwe Watch Tower aho gutangwa n’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Naho abo bavukanyi bari bafise ababafasha b’abizigirwa, umuntu umwe ni we ahanini wasanga afata ingingo mw’ishengero, ku biro vy’ishami no ku cicaro gikuru. Mu myaka ya 1970, haragizwe amahinduka ajanye n’uko ibanga ry’ubuhagarikizi rishingwa umugwi w’abakurambere aho gushingwa umuntu umwe.
15 None ayo mahinduka yoba yaravuyemwo ivyiza? Cane nyene, kandi birumvikana. Uti kubera iki? Kubera ko ayo mahinduka bayagira bisunze uburorero bwo mu Vyanditswe barushirije gutahura. Aho kureka ngo umuntu umwe abe ari we afata ingingo zose, zifatwa n’umugwi w’abakurambere, gutyo ishirahamwe rikungukira kuri kamere nziza z’abo bakurambere bose, ari bo “ngabirano z’abagabo” Yehova yatanze.—Ef. 4:8; Imig. 24:6.
16 Zirikana kandi ku mahinduka aheruka kuba, nk’ayajanye n’ukuntu ibisohokayandikiro vyacu bisa, ayajanye n’ibiri muri vyo be n’uburyo bishikirizwa. Ese ukuntu bihimbaye gushikiriza mu busuku ibisohokayandikiro ngirakimazi kandi bikwegera! Vyongeye, igihe dukoresha ubuhinga bugezweho mu gukwiragiza ukuri, nk’akarorero biciye kuri jw.org, tuba twerekanye ukuntu Yehova yitwararika guha abantu bo mihingo yose ubuyobozi benshi muri bo bakeneye cane mugabo ntibaburonke.
17 Ntitwokwibagira amahinduka yagizwe ku makoraniro yacu bigatuma turonka umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango canke umwanya wiyongereye wo kwiyigisha. Turakenguruka kandi amahinduka yagizwe kuri porogarama z’amateraniro n’amahwaniro. Buri mwaka twama tuvuga ko vyarushirije kuba vyiza! Vyongeye, nta gukeka ko turyoherwa n’uko amashure menshi ya gitewokarasi tugira arushiriza kutumenyereza. Turabona neza ko Yehova ashigikiye ayo mahinduka yose. Agenda arongereza ubwiza bw’ishirahamwe ryiwe be n’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu twibereyemwo no muri iki gihe!
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya—Igice ca 2
Inyishu y’ikibazo gishingiye ku Vyanditswe:
61:8, 9—Iryo “sezerano ritazoshira” ni irihe, kandi abagize urwo “ruvyaro” ni bande? Iryo sezerano rishasha ni iryo Yehova yagiranye n’abakirisu basizwe. Abagize urwo “ruvyaro” ni “izindi ntama”, ni ukuvuga abantu amamiliyoni bakira neza ubutumwa abakirisu basizwe bashikiriza.—Yohana 10:16.
27 RUHUHUMA–5 NTWARANTE
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YESAYA 63-66
“Amajuru mashasha n’isi nshasha bizozana umunezero mwinshi”
ip-2 383 ing. 23
“Munezererwe ibihe bidahera ivyo ndiko ndarema”
23 Igitabu c’Ivyahishuwe kiradondora ibintu intumwa Yohani yeretswe bijanye na wa musi wa Yehova wimirije, aho ivy’iyi si bizokurwaho. Inyuma y’ivyo, Shetani azoca atabwa mu nyenga. (Ivyahishuwe 19:11–20:3) Yohani ahejeje kudondora ivyo bintu, aca asubiramwo amajambo y’umuhanuzi Yesaya, ati: “Mbona ijuru rishasha n’isi nshasha.” Imirongo ikurikira ica ivuga ibijanye n’igihe Yehova Imana azotuma ibintu bihinduka kw’isi bikamera neza. (Ivyahishuwe 21:1, 3-5) Biragaragara ko umuhango uvugwa muri Yesaya ujanye n’“amajuru mashasha n’isi nshasha” uzoranguka bimwe bishitse mw’isi nshasha y’Imana! Igihe hazoba haganza ubutegetsi bushasha bwo mw’ijuru, abazoba bari mw’isi nshasha bazokwibera mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri. Nta gukeka ko turemeshwa cane n’uyu muhango ugira uti: “Ivya kera [indwara, imibabaro, n’izindi ngorane zihanze abantu] ntibizokwibukwa, eka mbere ntibizoza mu mutima.” Ibintu dushobora kuzokwibuka vyose ico gihe ntibizodutuntuza, nk’uko biri ku bantu benshi ubu.
ip-2 384 ing. 25
“Munezererwe ibihe bidahera ivyo ndiko ndarema”
25 No muri iki gihe Yehova aragira Yeruzalemu “imvo yo kunezerwa.” Uti gute? Nk’uko twamaze kubibona, amajuru mashasha yashinzwe mu 1914 azoba arimwo n’abantu 144.000 bazofadikanya na Yezu kuganza mu ntwaro yo mw’ijuru. Abo bantu ubuhanuzi buvuga ko ari “Yeruzalemu Nshasha.” (Ivyahishuwe 21:2) Imana ivuga ku bijanye na Yeruzalemu Nshasha iti: “Ehe ndiko ndema Yeruzalemu ibe imvo yo kunezerwa, n’abantu bayo babe imvo yo kwigina.” Imana izokoresha Yeruzalemu Nshasha mu gusuka imihezagiro ku bantu bagamburuka. Ntihazosubira kwumvikana urwamo rw’amarira canke urwamo rw’akaruru k’amaborogo, kuko Yehova azoduha “ivyo umutima wa[cu] usaba.”—Zaburi 37:3, 4.
Amahoro mu kiringo c’imyaka igihumbi n’inyuma y’aho!
‘BAZOKWUBAKA AMAZU BONGERE BATERE IMIRIMA Y’IMIZABIBU’
4 Ni nde atoshima kuronka inzu yiwe bwite, ahantu we n’umuryango wiwe bashobora kwumva batekaniwe? Ariko rero, mw’isi ya none biragoye cane kuronka uburaro bubereye. Usanga abantu barundaniye mu bisagara. Benshi babwirizwa kuba mu tururi no mu tuzu tw’ivyondo dushaje. Usanga badashobora kuronka inzu yabo bwite.
5 Igihe Ubwami buzoba buganza, icipfuzo umuntu wese afise co kuronka inzu yiwe bwite kizoranguka, kuko Yehova yabivuze abicishije kuri Yesaya ati: “Emwe, bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo.” (Yes. 65:21) Yamara, kuronka inzu yabo bwite, si co kintu conyene biteze. Nakare, muri iki gihe hari ababa mu nzu yabo bwite, bamwebamwe mbere ugasanga baba mu ruzu amahero canke ugasanga bafise urupangu runini. Mugabo bama bafise ubwoba bw’uko bashobora gutakaza iyo nzu bitumwe n’uko ivy’ubutunzi vyifashe nabi canke bagatinya ba rumenanzugi. Ese ukuntu ibintu bizoba bitandukanye n’ivyo igihe Ubwami buzoba buganza! Umuhanuzi Mika yanditse ati: “Bazokwicara umwe wese munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni, kandi nta n’umwe azobajugumiza.”—Mika. 4:4.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya—Igice ca 2
63:5—Ni mu buryo ki ubushangashirwe bw’Imana buyishigikira? Ubushangashirwe bw’Imana ni inyiyumvo Imana icungera. Ni ishavu ryayo ribereye. Ubushangashirwe bwayo burayihagarikira, ni ukuvuga bukayishigikira, mu bijanye n’ugushitsa imanza zayo zigororotse, bukongera bugatuma izishitsa.
Tureke indero Yehova adutoza itubumbabumbe
INGENE UMUBUMVYI AKORESHA UBUBASHA BWIWE
3 Mu kudondora mu buryo bw’ikigereranyo ubukuru Yehova afise ku bantu no ku mahanga, muri Yesaya 64:8 hagira hati: “Ewe Yehova, uri Data. Twebwe turi ibumba, nawe uri Umubumvyi wacu; kandi twese turi igikorwa c’ukuboko kwawe.” Umubumvyi arafise ububasha bwose bwo kubumbabumba ibumba akarikoramwo icombo yipfuza. Iryo bumba ntirishobora kumubwira ico akwiye gukora. Ukwo ni ko biri ku bijanye n’umuntu be n’Imana. Umuntu nta burenganzira afise bwo guharira n’Imana nka kurya nyene ibumba ridashobora guharira n’umubumvyi aba ariko arariha imero.—Soma Yeremiya 18:1-6.
4 Biciye kuri Isirayeli ya kera, Yehova yarerekanye ubushobozi afise bwo gukora ico umubumvyi akora kw’ibumba. Mugabo hariho itandukaniro riboneka. Umubumvyi arashobora kubumba mu kimanyu c’ibumba ubwoko ubwo ari bwose bw’icombo ashoboye guhingura. Yehova yoba apfa kubumbabumba abantu canke amahanga, bamwe akabagira beza abandi akabagira babi? Bibiliya yishura ko atari ko biri. Yehova yarahaye abantu ingabirano y’agaciro kanini, iyo na yo ikaba ari ubushobozi bwo kwihitiramwo. Ntakoresha ububasha bwiwe ruheta bwo kuganza mu buryo butuma abantu badakoresha iyo ngabirano yabahaye. Bategerezwa guhitamwo kubumbabumbwa n’uwo Muremyi Yehova.—Soma Yeremiya 18:7-10.
5 Bite ho mu gihe abantu banse n’akagagazo kubumbabumbwa na wa Mubumvyi Ahambaye? None aca akoresha gute ububasha bwiwe? Iyumvire ibishikira ibumba igihe ridashoboye gukorwamwo ico ryateguriwe. Umubumvyi arashobora kurihinguramwo ubundi bwoko bw’icombo canke akarita. Ariko rero, igihe iryo bumva ridashoboye gukoreshwa, ahanini uwo mubumvyi ni we aba ari mw’ikosa. Ivyo ntivyigera bimera gutyo ku bijanye na wa Mubumvyi wacu. (Gus. 32:4) Igihe umuntu atemeye ko Yehova amubumbabumba, ikosa ryama ari iry’uwo muntu. Yehova akoresha ububasha afise ku bantu, nk’ubwo umubumvyi afise kw’ibumba, mu guhindura ingene abafata bivanye n’ukuntu bavyakiriye igihe ababumbabumba. Abavyakira neza barabumbabumbwa mu buryo ngirakamaro. Nk’akarorero, abakirisu barobanuwe ni “ivyombo vy’imbabazi” vyabumbabumbwemwo ‘ivyombo bikoreshwa ibiteye iteka.’ Ariko rero, abarwanya Imana n’akagagazo bahingurwamwo “ivyombo vy’uburake vyagizwe ibibereye gutikizwa.”—Rom. 9:19-23.