ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/12 rup. 24-28
  • “Ingenzi” zunze ubumwe mu gusenga kw’ukuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ingenzi” zunze ubumwe mu gusenga kw’ukuri
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “INGENZI” NKA ABURAHAMU
  • BARARENGERA IMBIBE Z’IBIHUGU
  • ISI ITAGIRAMWO ABANYAMAHANGA
  • Yehova yamwise “umugenzi wanje”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Intsinzi y’Insengo y’Ukuri Iri Hafi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • ‘Nimureme mu Mitima Yanyu’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Aburahamu yari nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/12 rup. 24-28

“Ingenzi” zunze ubumwe mu gusenga kw’ukuri

“Abanyamahanga bazobabera abarimyi n’abakozi bo mu mirima y’imizabibu. Nayo mwebwe, muzokwitwa abaherezi ba Yehova.”​—YES. 61:5, 6.

WOKWISHURA GUTE?

  • Abantu bamwebamwe babona gute abanyamahanga, mugabo Bibiliya ibabona gute?

  • Ni ubutumire ubuhe buriko burahabwa abantu bo mu mahanga yose?

  • Ni mu buryo ubuhe twamaze guhonja isi itagiramwo abanyamahanga?

1. Abantu bamwebamwe babona gute abanyamahanga, mugabo ni kubera iki ivyo ata shingiro bifise?

NK’UKO vyavuzwe mu kiganiro c’imbere y’iki, abantu bakoresha ijambo “umunyamahanga” mu buryo bwo gutyoza umuntu, bwerekana ko bamusuzuguye, eka mbere bamugaye bimwe biboneka. Ntibiranga icubahiro ko umuntu abona yuko abantu bo mu kindi gihugu bari hasi y’abo mu gihugu avamwo. Vyongeye, iyo nyifato igaragaza ukutamenya. Igitabu kimwe (The Races of Mankind) kivuga giti: “Abantu bo mu bwoko butandukanye ni bo Bibiliya ivuga ko ari abavukana.” Abavukana akenshi usanga batandukanye rwose, mugabo uko biri kwose baba bavukana.

2, 3. Yehova abona gute abanyamahanga?

2 Ariko ntiwumve, aho twoba tuba hose, ntihabura abanyamahanga tubana. Ivyo ni na ko vyari bimeze mu Bisirayeli ba kera, bano bakaba bari bafitaniye na Yehova Imana ubucuti budasanzwe biciye kw’isezerano ry’Itegeko. Uburenganzira abatari Abisirayeli bari bafise hari ukuntu bwari n’aho bugarukira, ariko Abisirayeli basabwa kububaha no kutabarenganya. Mbega akarorero keza twokurikiza! Ukugira nkunzi canke ukwinubana nta kibanza bifise mu bakirisu b’ukuri. Uti kubera iki? Intumwa Petero yavuze ati: “Ni ukuri ndatahuye yuko Imana itagira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”​—Ivyak. 10:34, 35.

3 Abanyamahanga baba muri Isirayeli ya kera barungukira ku kuba bari bafitaniye imigenderanire ya hafi n’Abisirayeli b’imvukira. Ivyo vyarerekana ukuntu Yehova abona ico kintu nk’uko mu nyuma intumwa Paulo yabigaragaje igihe yabaza ivyerekeye Yehova ati: “Yoba ari Imana y’Abayuda gusa? Mbega si iy’abanyamahanga na bo? Egome, ni iy’abanyamahanga na bo.”​—Rom. 3:29; Yow. 2:32.

4. Ni kubera iki vyovugwa ko ata banyamahanga bari muri “Isirayeli y’Imana”?

4 Biciye kw’isezerano rishasha, ishengero ry’abakirisu barobanuwe ryarasubiriye Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri, ari na ryo hanga Imana yari ifitaniye na ryo ubucuti budasanzwe. Iryo shengero ryaciye ryitwa “Isirayeli y’Imana.” (Gal. 6:16) Kandi nk’uko Paulo yabisiguye, muri iryo hanga rishasha, “[ntihagira] Umugiriki canke Umuyuda, ukugenyerwa canke ukutagenyerwa, umunyamahanga canke Umusikite, umushumba, uwidegemvya; mugabo Kristu ni vyose kandi muri vyose.” (Kol. 3:11) Muri ubwo buryo, nta banyamahanga bobwirijwe kuba mw’ishengero ry’abakirisu barobanuwe.

5, 6. (a) Ni ikibazo ikihe kijanye na Yesaya 61:5, 6 coshobora kuvyuka? (b) “Abaherezi ba Yehova” be n’“abanyamahanga” bavugwa na Yesaya ni bande? (c) Iyo migwi yompi ihuriye ku ki?

5 Ariko rero, hari uwoshobora kuvyura ikibazo ku bivugwa muri Yesaya ikigabane ca 61, ikirimwo ubuhanuzi bwarangukiye kw’ishengero rya gikirisu. Umurongo wa 6 w’ico kigabane uvuga ivy’abantu bobaye “abaherezi ba Yehova.” Ariko rero umurongo wa 5, uvuga ivy’“abanyamahanga” bosenyeye ku mugozi umwe n’abo “baherezi” kandi bagakorana na bo. None ivyo bikwiye gutahurwa gute?

6 Turatahura ko abo “baherezi ba Yehova” ari abakirisu barobanuwe bafise umugabane “mw’izuka rya mbere” kandi “bazoba abaherezi b’Imana n’aba Kristu, kandi bazoganzanya na we . . . imyaka igihumbi.” (Ivyah. 20:6) Vyongeye, hariho abakirisu b’intahemuka benshi bafise icizigiro co kuba kw’isi. Ariko rero, abo bakirisu bakorana bakongera bakagiranira imigenderanire ya hafi n’abazosukurira mw’ijuru, ni abanyamahanga mu buryo bw’ikigereranyo. Barahimbarwa no gushigikira be no gukorana n’“abaherezi ba Yehova,” bakababera nk’“abarimyi” n’“abakozi bo mu mirima y’imizabibu.” Egome, barafasha kurima mu buryo bw’impwemu ku bw’ubuninahazwa bw’Imana, mu gukuza abantu no mu kubimbura. Mu vy’ukuri, abarobanuwe be n’abo mu “zindi ntama” bararondera abantu b’inziraburyarya bipfuza gukorera Imana ibihe bidahera maze bakabaragira babigiranye urukundo.​—Yoh. 10:16.

“INGENZI” NKA ABURAHAMU

7. Ni mu buryo ki abakirisu bo muri iki gihe bameze nka Aburahamu n’abandi bantu b’abizigirwa ba kera?

7 Nk’uko vyavuzwe mu kiganiro giheruka, abakirisu b’ukuri ni nk’abanyamahanga, ari zo ngenzi, mw’isi mbi ya Shetani. Muri iyo si, bameze nk’abantu b’abizigirwa ba kera, harimwo na Aburahamu, abavugwa yuko “bari ba kavantara n’ingenzi [mu] gihugu.” (Heb. 11:13) Twaba dufise icizigiro ikihe ku bwa kazoza, turafise agateka ko kugiranira na Yehova ubucuti nk’ubwo Aburahamu yari afitaniye na we. Yakobo asigura ko “‘Aburahamu yizeye Yehova, abiharurwako nk’ubugororotsi,’ araheza yitwa ‘umugenzi wa Yehova.’”​—Yak. 2:23.

8. Ni igiki Aburahamu yasezeraniwe, kandi yabona gute iranguka ryaco?

8 Imana yasezeranye ko biciye kuri Aburahamu n’abomukomotseko, imiryango yose yo kw’isi, atari ihanga rimwe gusa, yohezagiwe. (Soma Itanguriro 22:15-18.) Naho ico kintu Imana yasezeranye cari kuranguka haciye igihe kirekire cane, Aburahamu yagumye yizigiye ko corangutse. We n’umuryango wiwe bamaze ikiringo kirenga ica kabiri c’imyaka yamaze bimukanga. Muri ico gihe cose, Aburahamu yagumye ari umugenzi wa Yehova.

9, 10. (a) Twokwigana akarorero ka Aburahamu mu buryo butandukanye ubuhe? (b) Ni ubutumire ubuhe twoshikiriza abandi?

9 Naho Aburahamu atari azi igihe yobwirijwe kurindira kugira abone icizigiro ciwe kirangutse, urukundo yakunda Yehova n’ukuba yari yaramwihebeye ntivyigeze bihungabana. Yagumye ahanze amaso imbere, aho gushira umutima ku kuguma aba mu gihugu kanaka. (Heb. 11:14, 15) Ese ukuntu vyoba biranga ubukerebutsi twiganye akarorero ka Aburahamu, mu kugira ubuzima busanzwe no mu kutareka ngo turazwe ishinga birenze n’ibijanye n’amatungo, ibibanza mu kibano, canke imigambi ijanye n’akazi. Kubera iki none twokwirirwa turihatira kugira ubuzima bwitwa ngo ni bwiza mw’isi iri mu kuvaho? Kubera iki none twokwirirwa turumira ku bintu vy’igihe gito gusa? Nk’uko vyari biri kuri Aburahamu, turindiriye ikintu ciza kuruta. Turafise umutima ukunze wo kwiyumanganya no kurindira gushika icizigiro cacu kirangutse.​—Soma Abaroma 8:25.

10 Yehova aracatumira abantu bo mu mahanga yose ngo bahezagirwe biciye ku ruvyaro rwa Aburahamu. Kandi “abaherezi ba Yehova” barobanuwe be n’“abanyamahanga” bagize izindi ntama bariko barashikiriza abantu bo kw’isi yose ubwo butumire mu ndimi zirenga 600.

BARARENGERA IMBIBE Z’IBIHUGU

11. Ni iciyumviro ikihe Salomo yashikirije kitari cerekeye gusa Abisirayeli?

11 Igihe rwa rusengero rwegurirwa Imana mu 1026 B.G.C., kandi mu buryo buhuye na ca kintu Yehova yari yarasezeraniye Aburahamu, Salomo yavuze ko abantu bo mu mahanga yose bogize uruhara mu gushemeza Yehova. Mw’isengesho rivuye ku mutima yatuye, yavuze ati: “N’umunyamahanga, atari uwo mu bantu bawe Isirayeli, azoza koko avuye mu gihugu ca kure kubera izina ryawe (kuko bazokwumva ivyerekeye izina ryawe rihambaye n’ivyerekeye ikiganza cawe gikomeye be n’ivyerekeye ukuboko kwawe kuramvuye), akaza koko gusenga yerekeje kuri iyi nzu, wewe ubwawe uze wumvirize uri mu majuru, ahantu hashimangiye uba, maze ukore wisunze ivyo uwo munyamahanga azoba aguhamagariye vyose; kugira ngo ibisata vyo kw’isi vyose bimenye izina ryawe maze bigutinye nk’uko igisata cawe Isirayeli kigutinya.”​—1 Abm. 8:41-43.

12. Ni kubera iki abantu bamwebamwe boshobora kubona Ivyabona vya Yehova nk’ivyaduka canke nk’“abanyamahanga”?

12 Muri rusangi umunyamahanga ni umuntu aba mu gihugu kitari ic’iwabo canke umuntu aza mu kibano kinaka canke mu mugwi munaka w’abantu avuye ahandi. Ivyo biradondora neza ukuntu ivy’Ivyabona vya Yehova vyifashe. Bayobokera ahanini intwaro yo mw’ijuru, na yo ikaba ari Ubwami bw’Imana burongowe na Kristu. Ni co gituma baguma ata ho bahengamiye na gato mu vya politike, naho nyene abantu bamwebamwe bababona nk’ivyaduka mu kibano ca none.

13. (a) Ni mu buryo ubuhe ijambo “umunyamahanga” akenshi rivana gusa n’ukuntu umuntu abona ibintu? (b) Umugambi Yehova yari afise mu ntango woba warimwo ivy’abanyamahanga? Sigura.

13 Abanyamahanga akenshi bamenyekanira ku bintu biranga umugwi wabo ugizwe n’abantu b’inkehwa. Bishobora kuba ari ururimi bavuga, imico yabo, ibintu bibaranga ku mubiri, mbere n’ukuntu bambara. Naho ari ukwo, ibintu bahuriyeko n’abandi bantu bose, tutaravye ivy’ubwenegihugu, usanga bihambaye kuruta ivyo bintu bibaranga. Mu vy’ukuri rero, umunyamahanga ni umuntu abonwa gusa gutyo kubera ko hari ukuntu atandukanye n’abandi. Mu gihe tugerageje kurengera ivyo bintu bimutandukanya n’abandi, vyaba ari ivy’ukuri canke ivyo twiyumviriye, ijambo “umunyamahanga” riraheza rikagira ikintu kinini ritakaje ku nsobanuro yaryo. Iyaba abantu bose bo kw’isi batwarwa n’intwaro imwe, nta n’umwe yoba umunyamahanga twisunze insobanuro intwaro ziha iryo jambo. Kukaba nkako, mu ntango Yehova yari afise umugambi w’uko abantu bose bunga ubumwe bameze nk’umuryango umwe utwarwa n’ubutegetsi bumwe, ni ukuvuga ubutegetsi bwiwe. Ikintu kigomba kumera nk’ico coba coshoboka ubu ku bantu bo mu mahanga yose yo kw’isi?

14, 15. Ni ibiki Ivyabona vya Yehova uko bagize umugwi batahuye?

14 Muri iyi si irangwa ubwikunzi n’ugukunda igihugu birenze urugero, biraruhura kubona abantu bashobora kurengera koko imbibe z’ibihugu. Ariko ntiwumve, kurengera ivyo kwinubana birashobora kuba urugamba. Uwashinze televiziyo yitwa CNN, ari we Ted Turner, aragira ico avuze ku bijanye n’igikorwa yakoranye n’abantu batari bake bafise ububangukirwe bo mu bihugu bitandukanye, ati: “Gukorana n’abo bantu cari ikintu giteye igomwe. Abantu bo mu bindi bihugu sinari nkibabona nk’‘abanyamahanga,’ ahubwo nababona nk’abanyagihugu bagenzanje dusangiye umubumbe. Ijambo ‘umunyamahanga’ natanguye kuribona nk’agasuzuguro maze nshinga itegeko muri CNN yuko iryo jambo ridakwiye gukoreshwa haba mu biganiro bicishwa kuri yo canke mu biyago abantu bagiranira ku kazi. Ijambo ‘mvamakungu’ ni ryo ryabwirizwa gukoreshwa.”

15 Mu bihugu vyose vyo kw’isi, Ivyabona vya Yehova uko bagize umugwi ni bo bonyene babona ibintu nk’uko Imana ibibona. Mu kubigenza gutyo, barashoboye guhindura ukuntu babona abantu bo mu bindi bihugu n’ukuntu babiyumvamwo. Aho kutizigira abantu bo mu bindi bihugu, kubikeka canke mbere kubanka bimwe vyibonekeje, barize kubona ko ibintu bitandukanye biranga abo bantu be n’ububangukirwe bafise ari ikintu ciza cane. Woba umaze kuzirikana ico kintu no ku kuntu cagufashije mu vyo ugiranira n’abandi?

ISI ITAGIRAMWO ABANYAMAHANGA

16, 17. Iranguka ry’ibivugwa mu Vyahishuwe 16:16 no muri Daniyeli 2:44 risobanura iki kuri wewe?

16 Vuba ibihugu vyose biriho ubu bizohangana na Yezu Kristu be n’ingabo ziwe zo mw’ijuru ku ntambara ya nyuma yo kurwanya ubutegetsi bw’Imana, iyo ntambara ikaba “yitwa Haru-Magedoni mu giheburayo.” (Ivyah. 16:14, 16; 19:11-16) Haraheze imyaka irenga 2.500 umuhanuzi Daniyeli ahumekewe kugira amenyeshe ibizoshikira intwaro z’abantu zirwanya umugambi w’Imana. Yanditse ati: “Mu misi y’abo bami, Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. Kandi ubwo bwami ntibuzohabwa ikindi gisata c’abantu. Buzojanjagura ubwo bwami bwose bubuherengeteze, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.”​—Dan. 2:44.

17 Woba ushobora kwiyumvira ico iranguka ry’ico kintu rizoba risobanura kuri wewe? Imbibe z’ibihugu zashizweho n’abantu, akaba ari na zo mu buryo bunaka zerekana ko umuntu ari umunyamahanga, ntizizoba zikihari. Ibintu ivyo ari vyo vyose abantu bashobora kuba batandukaniyeko mu kuntu basa canke ibintu ivyo ari vyo vyose bazosigarana bisanzwe bibaranga ku mubiri, bizokwerekana gusa ko Imana yaremye ibintu bitangaje bitandukanye. Ico cizigiro giteye umunezero kirakwiye kutuvyurira umutima twese wo kubandanya gushemeza no gutera iteka uko dushoboye kwose Umuremyi wacu Yehova Imana.

18. Ni ibintu ibihe biheruka gukorwa vyerekana ko abantu bashobora gutsinda intambamyi ijanye no kuba ‘umunyamahanga’?

18 Vyoba bitumvikana kwemera yuko ihinduka ryo kw’isi yose nk’iryo rishobora gushika? Si ko biri vy’ukuri. Ahubwo nyabuna, birumvikana rwose kwemera yuko rizoshika. Insobanuro y’ijambo “umunyamahanga” yaramaze kugira ikintu kinini itakaje ku Vyabona vya Yehova, bano bakaba batarazwa ishinga n’ibijanye n’ubwenegihugu hagati yabo. Nk’akarorero, ibiro vy’amashami vyabo bitobito biheruka gushirwa hamwe kugira ngo bagabanye igikorwa co kubicungera no kugira ngo ivyo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami birushirize kurangurwa neza. (Mat. 24:14) Mu gihe amategeko yaba avyemeye, imbibe z’ibihugu zarirengagizwa igihe ivyo biro vyaba bishizwe hamwe. Ico ni ikindi kimenyamenya kiboneka cerakana ko Yezu Kristu, Umutegetsi yimitswe na Yehova mu buryo bubereye, ariko arasambura imbibe zashizweho n’abantu, kandi ni we agiye ‘guheraheza intsinzi yiwe.’​—Ivyah. 6:2.

19. Ni igiki ururimi rutyoroye rw’ukuri rwatumye gishoboka?

19 Naho Ivyabona vya Yehova baturuka mu bihugu vyinshi bakaba rero bavuga indimi zitandukanye, barihatira kuguma bavuga ururimi rutyoroye rw’ukuri. Ivyo bituma bunga ubumwe bw’intamenwa. (Soma Zefaniya 3:9.) Uwo ni umuryango ukwiye kw’isi yose uri mw’isi mbi ya kino gihe mugabo utandukanye na yo. Uwo muryango wunze ubumwe ni imponjo y’isi igiye kuza, ni ukuvuga isi itagiramwo abanyamahanga. Ico gihe abazoba bariho bose ata n’umwe avuyemwo bazohimbarwa no kumenya ko amajambo yo muri ca gitabu twavuga mu ntango ari ay’ukuri, akaba yagira ati: “Abantu bo mu bwoko butandukanye ni bo Bibiliya ivuga ko ari abavukana.”​—The Races of Mankind.

Woba urindiranye igishika igihe ata mbibe z’ibihugu zashizweho n’abantu zizoba zikiriho, igihe ivyo kuba “umunyamahanga” bizoba bitakiriho?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika