24-30 Mukakaro
EZEKIYELI 21-23
Ururirimbo rwa 99 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Ubwami bwahawe uwubifitiye uburenganzira”: (Imin. 10)
Ezk 21:25—“Umukuru wa Isirayeli w’umubisha” yari Umwami Zedekiya (w07 1/7 13 ing. 11)
Ezk 21:26—Abami bo mu muryango wa Dawidi ntibobandanije kuganza (w11 15/8 9 ing. 6)
Ezk 21:27—Yezu Kristu ni we afise “uburenganzira ahabwa n’amategeko” (w14 15/10 10 ing. 14)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Ezk 21:3—Iyo “nkota” Yehova asokora mu rwubati rwayo igereranya iki? (w07 1/7 14 ing. 1)
Ezk 23:49—Abisirayeli bakoze ikosa irihe rishimikwako mu kigabane ca 23, kandi bitwigisha iki? (w07 1/7 14 ing. 6)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Ezk 21:1-13
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Mugihura: (Imin. 2 canke idashika) fg—Koresha akavidewo Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya, mukaganireko (ariko nturinde kukerekana).
Usubiyeyo: (Imin. 4 canke idashika) bh—Koresha akavidewo Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya igihe uganira n’uwo uhora ushira ibinyamakuru, mukaganireko (ariko nturinde kukerekana).
Inyigisho: (Imin. 6 canke idashika) bh 215 ing. 3–216 ing. 1
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
“Twigenze neza mu ndimiro”: (Imin. 15) Ikiganiro co guhana ijambo gishikirizwa n’umucungezi w’umurimo. Banza werekane akavidewo kerekana ivyo twokwirinda igihe dushitse ku muhana w’umuntu.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) kr ikig. 15 ing. 18-28
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 29 n’isengesho