ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb17 Kigarama rup. 7
  • Urukundo nyakuri ni iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urukundo nyakuri ni iki?
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Ivyo bijanye
  • Ibindi vyofasha umuryango
    Be maso!—2018
  • Gushingira Umubano Wanyu Ishimikiro Nyaryo
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Nuzigame umubano wanyu
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
mwb17 Kigarama rup. 7

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Urukundo nyakuri ni iki?

Yehova yashaka ko umugabo n’umugore babana imyaka yose. (It 2:22-24) Bokwahukanye bivuye gusa ku kurenga ibigo. (Ml 2:16; Mt 19:9) Kubera ko Yehova yipfuza ko abubakanye bahimbarwa, yaraduhaye ingingo ngenderwako zodufasha guhitamwo neza uwo twokwubakana, zikanadufasha guhimbarwa mu rugo.​—Ums 5:4-6.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO URUKUNDO NYAKURI NI IKI?, MUCE WISHURA IBI BIBAZO:

  • François ariko aganiriza umukobwa wiwe Lyse

    Kubera iki impanuro François na Béatrice bahaye umukobwa wabo Lyse yari nziza kandi iranga urukundo?

  • Kubera iki kwiyumvira ko uzohindura uwo muriko murareshanya ari ukwihenda?

  • Ni impanuro nziza iyihe Paul na Prisila bahaye Lyse?

  • Jacques na Mireille bari kw’ikoraniro

    Ni kubera iki mu mubano wa Jacques na Mireille hadutse ingorane?

  • Lyse na John bari kw’ikoraniro

    Ni imigambi iyihe John na Lyse bari bahuriyeko?

  • Kubera iki ukwiye kurondera kumenya “umuntu yihishije wo mu mutima” w’uwo mureshanije imbere yuko mwubakana? (1Pt 3:4)

  • Urukundo nyakuri ni iki? (1Kr 13:4-8)

Twokura he ayandi makuru ajanye no kureshanya?

  • Utuvidewo two kuri Televiziyo yacu tuvuga ngo Kwitegurira umubano

  • Akavidewo ko kuri JW.ORG: Rwoba ari urukundo canke ni igihababu?

  • Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1 n’ica 2

  • Igitabu c’ubushakashatsi (Ja ahavuga ngo “Ubuzima bwo mu rugo” / “Ugukundana n’ukureshanya.”)

Abubakanye bokura hehe impanuro zobafasha?

  • Ibiganiro vyo kuri JW.ORG (Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > ICOFASHA UMURYANGO.)

  • Agatabu Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare

  • Igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo

  • Igitabu c’ubushakashatsi (Ja ahavuga ngo “Ubuzima bwo mu rugo” / “Umubano w’ababiranye.”)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika