ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb18 Nzero rup. 8
  • Ingene wobanza kwikiranura na mugenzawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene wobanza kwikiranura na mugenzawe
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Ivyo bijanye
  • Nutunganye ingorane mu rukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Niwirinde gutsitaza “aba batoyi”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • “Dukurikirane ibintu biremesha amahoro”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Hari Aho Worokora Umuvukanyi Wawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
mwb18 Nzero rup. 8

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ingene wobanza kwikiranura na mugenzawe

Umugabo asize ikimazi ciwe ku gicaniro, akaja kwikiranura na mugenziwe

Dufate ko ari mu gihe ca Yezu, ukaba uba i Galilaya. Urafashe urugendo, ugiye i Yeruzalemu guhimbaza Umusi mukuru w’insago. Ico gisagara cuzuye abandi bantu baje gusenga bavuye mu mihingo ya kure. Ugomba gushikanira Yehova ikimazi. Uratoye impene maze werekeje ku rusengero uca mu tuyira tw’ico gisagara twuzuyemwo abantu benshi. Ushitse ku rusengero, uhasanze amasinzi y’abandi baje gutanga ibimazi. Ubu na ho ni wewe uramukiwe guha abaherezi ikimazi cawe. Ubwo nyene uciye wibuka ko hari mugenzawe afise ico apfa nawe, akaba ashobora kuba ari muri iryo sinzi canke mu gisagara. Yezu aravuga ico ukwiye guca ukora. (Soma Matayo 5:24.) None mwokora iki n’uwo mugenzawe kugira ngo musubize hamwe nk’uko Yezu abivuga? Muri ibi bivugwa ng’aha munsi, nushire akamenyetso imbere y’inyishu ibereye.

UKWIYE . . .

  • kuvugana na we igihe gusa woba ubona ko afise imvo yumvikana yo kugushavurira

  • kugerageza kumukosora nimba ubona ko ashavuzwa n’ubusa canke ko na we nyene afise uruhara muri iyo ngorane

  • kumutega ugutwi igihe agusigurira ivyiwe, mbere naho woba utemeranya na we ukamusaba imbabazi kubona wamubabaje canke kubona ivyo wakoze vyamugizeko ingaruka utipfuza

MUGENZAWE AKWIYE . . .

  • kurondera abamushigikira mw’ishengero mu kubabwira ingene wamubabaje

  • kukwagiriza, akavuga akantu kose kamubabaje agaca agusaba kwemera ikosa

  • gushima ukwicisha bugufi n’umutima rugabo wagize ukaja kumuraba, agaca akubabarira bivuye ku mutima

Naho muri kino gihe tutagisabwa gutanga ibimazi, Yezu yashaka kutwigisha iki ku bijanye n’isano riri hagati y’ugusubiza hamwe n’abavukanyi bacu be n’ugusenga Imana mu buryo yemera?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika