ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/11 rup. 17-19
  • “Dukurikirane ibintu biremesha amahoro”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Dukurikirane ibintu biremesha amahoro”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni kubera iki twokurikirana amahoro?
  • Kuganira mutekanye biragarukana amahoro
  • Dukoreshe neza ururimi
  • Dukorere Imana ‘duhuje inama’
  • Nukurikirane amahoro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Amahoro—Woyaronka gute?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Nutunganye ingorane mu rukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/11 rup. 17-19

“Dukurikirane ibintu biremesha amahoro”

IBARABARA riherutse gukorwa usanga rikomeye, risa n’iridashobora kwononekara. Ariko rero, uko haca igihe rirashobora kwata imigaga no kuzamwo ibinogonogo. Ico gihe birakenerwa ko risanurwa kugira ngo ivyo bikinge impanuka kandi na ryo rikingirwe.

Muri ubwo buryo nyene, ubucuti dufitaniye n’abandi rimwe na rimwe bwoshobora gutosekara canke mbere bukononekara. Intumwa Paulo yaremeje icese ko hariho ukutabona ibintu kumwe mu bakirisu b’i Roma. Yahanuye abakirisu bagenziwe ati: “Dukurikirane ibintu biremesha amahoro be n’ibintu vyubaka abandi.” (Rom. 14:13, 19) Ni kubera iki bikenewe ko “dukurikirana ibintu biremesha amahoro”? Dushobora gute gukurikirana amahoro tubigiranye umutima rugabo kandi mu buryo buri n’ico buvamwo?

Ni kubera iki twokurikirana amahoro?

Igihe utugaga two mw’ibarabara tutazibiwe, turashobora gucika ibinogo biteye akaga. Muri ubwo buryo nyene, igihe turetse gutorera umuti ivyo tudahurizako n’abandi, birashobora gukwega akarambaraye. Intumwa Yohani yanditse ati: “Iyo umuntu avuze ngo: ‘Ndakunda Imana,’ yamara akaba yanka umuvukanyi wiwe, aba ari umubeshi. Kuko uwudakunda umuvukanyi wiwe yabonye adashobora kuba akunda Imana atabonye.” (1 Yoh. 4:20) Igihe ivyo umukirisu adahurizako n’umuvukanyi wiwe bidatorewe umuti, vyoshobora guca bituma amwanka.

Yezu Kristu yarerekanye ko Yehova atemera ugusenga kwacu niba tutabana amahoro n’abandi. Yezu yategetse abigishwa biwe ati: “Nimba rero uzanye ishikanwa ryawe ku gicaniro hanyuma ukahibukira ko umuvukanyi wawe hari ico apfa nawe, nuce usiga ishikanwa ryawe ng’aho imbere ya nya gicaniro, hanyuma ugende; nubanze wikiranure n’umuvukanyi wawe, maze niwagaruka, ubone gushikana ishikanwa ryawe.” (Mat. 5:23, 24) Emwe, imvo nyamukuru ituma dukurikira amahoro ni uko dushaka guhimbara Yehova Imana.a

Ikintu cabaye mw’ishengero ry’i Filipi kirerekana iyindi mvo yotuma dukurikirana amahoro. Ingorane itadomwako urutoke yari hagati y’abavukanyikazi babiri, ari bo Evodiya na Sintike, biragaragara ko yahungabanije amahoro y’iryo shengero ryose. (Filp. 4:2, 3) Igihe abantu badatoreye umuti ivyo badahurizako n’abandi, birashobora kugira ico bikoze ku bandi bidatevye. Icipfuzo co kuzigama amahoro n’ubumwe vy’ishengero kiratuvyurira umutima wo kurondera kugiranira amahoro n’abo dusangiye ukwizera.

Yezu yavuze ati: “Hahiriwe indemeshamahoro.” (Mat. 5:9) Gukurikirana amahoro birazana agahimbare. N’ikindi kandi, amahoro aratuma tugira amagara meza, kubera ko “umutima utekereje [ari] bgo bugingo bg’umubiri.” (Imig. 14:30) Ariko rero, kubika inzika vyoshobora kurushiriza gutuma twonarwara.

Naho nyene abakirisu batari bake babona ko gukurikirana amahoro bikenewe, hari aho woba wibaza ingene wotorera umuti ikintu mudahurizako n’uwundi. Reka twihweze ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zishobora kutuyobora.

Kuganira mutekanye biragarukana amahoro

Ibarabara ryase utugaga dutoduto akenshi usanga rishobora gusanurwa mu kuzibira aho hantu turi. Vyoba bishoboka none ko duharira udukosa tw’abavukanyi bacu kandi tukatwirengagiza? Kumbure, ubwo buryo bwoshobora gukoreshwa mu gutorera umuti ibintu nka vyose vyoshika tudahurizako n’abandi, kubera ko intumwa Petero yanditse yuko “urukundo rupfuka ibicumuro indiri.”​—1 Pet. 4:8.

Ariko rero, rimwe na rimwe wosanga ingorane isa n’iyikomeye ku buryo tutoshobora gupfa kuyirenzako uruho rw’amazi. Rimbura ivyashikiye Abisirayeli gatoyi inyuma y’aho begukiye ca Gihugu c’Isezerano. Imbere y’uko “Abareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’umuryango w’Abamanase” bajabuka Uruzi Yorodani, barubatse “igicaniro . . . kinini cībonekeza.” Abagize iyindi miryango ya Isirayeli babonye ko ico gicaniro cakoreshwa ku bw’ugusenga ibigirwamana kandi ntibashoboye kwirengagiza iyo ngorane. Baciye bategura kuja kubatera.​—Yos. 22:9-12.

Abisirayeli bamwebamwe bashobora kuba babona ko ibimenyamenya bihagije vy’uko hari hakozwe icaha vyari bimaze kuboneka, kandi ko baramutse babubiriye bakabatera vyotumye ku ruhande rwabo hasiga ubuzima bake cane. Ariko abari bagize imiryango yo mu Burengero bwa Yorodani, aho guca bihutira kubatera, bararungitse intumwa kugira ngo ziganire n’abo bavukanyi babo kuri iyo ngorane. Bababajije bati: “Uku kuntu mwahemukiye Imana y’Abisirayeli mwagutewe n’iki, ko mwaciye mureka gukurikira Uhoraho?” Ku bwa ngingo, iyo miryango yari yubatse nya gicaniro ntiyari yahemutse. Ariko none bovyifashemwo gute ku bijanye n’ivyo bagirizwa? Boba baciye baterana amajambo n’abo babagiriza canke baranka kuganira na bo? Iyo miryango yagirizwa icaha yishuranye ubwitonzi, ivuga itomoye yuko ivyo bakoze mu vy’ukuri bari babitumwe n’icipfuzo bari bafise co gukorera Yehova. Inyishu batanze yarazigamye ubucuti bari bafitaniye n’Imana yongera ituma atawuhasiga ubuzima. Kuganira batekanye vyaratoreye umuti nya ngorane vyongera biragarukana amahoro.​—Yos. 22:13-34.

Imbere y’ugufata ingingo ikomeye, abo bandi Bisirayeli babigiranye ubukerebutsi baraganiriye n’abo mu muryango wa Reyubeni, wa Gadi be n’abo mu gice c’umuryango wa Manase ku bijanye n’iyo ngorane bari bafitaniye. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ntukihutire kuraka mu mutima; kuk’uburake bgama mu mushaha w’ibipfu.” (Umus. 7:9) Ivyanditswe bivuga yuko uburyo bwo gutorera umuti ivyo tudahurizako n’abandi ari ukubiganirako dutekanye kandi tudahishanya. Twoba none dushobora vy’ukuri kwitega yuko Yehova aduhezagira niba tubikira inzika umuntu tubona ko yadushayeko kandi bikatwankira ko tumwegera kugira ngo tubitorere umuti?

Yamara rero, bite ho mu gihe umukirisu mugenzi wacu yotwagiriza ko twamukoreye ikibi kinaka, kumbure mbere akaba atwagiriza ibinyoma? Bibiliya ivuga iti: “Ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake.” (Imig. 15:1) Ya miryango y’Abisirayeli yagirizwa icaha yarerekanye aho ihagaze ibigiranye ubwitonzi yamara mu buryo butomoye, gutyo iba itururuje ishavu ryinshi ata gukeka ko benewabo bari bafise. Twaba ari twebwe twibwirije kwegera umuvukanyi wacu canke akaba ari we aje ngo tuvugane ku bijanye n’ingorane dufitaniye, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Ni amajambo ayahe, urugero rw’ijwi uruhe be n’inyifato iyihe bizorushiriza gutuma haba amahoro?’

Dukoreshe neza ururimi

Yehova aratahura ko dukeneye guserura ibituraje ishinga. Ariko rero, nitutatorera umuti ivyo tudahurizako n’abandi, birashoboka ko dusanga turondeye kuvyararaza. Kubika inzika birashobora gushikana bitagoranye ku kunebagura abandi. Ku bijanye no gukoresha nabi ururimi, mu Migani 11:11 hagira hati: ‘Akanwa k’abanyakibi gasangangura igisagara.’ Muri ubwo buryo nyene, kudacungera neza ivyo tuvuga ku vyerekeye umukirisu mugenzi wacu birashobora guhungabanya amahoro y’ishengero rimeze nk’igisagara.

Ariko rero, gukurikirana amahoro ntibisobanura kwirinda kugira ico tuvuze na kimwe ku bijanye n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu. Intumwa Paulo yahanuye abakirisu bagenziwe ati: “Ntihaze hagire ibiyago bibi biva mu kanwa kanyu.” Ariko yaciye yongera ati: “Muvuge gusa ibintu vyiza abantu bakeneye kwumva, ibintu bizobafasha koko. . . . Mugiriranire ubuntu n’impuhwe, kandi muharirane.” (Ef. 4:29-32, The New American Bible) Nka hamwe umuvukanyi yababajwe n’ivyo wavuze canke inyifato yawe yokwegera kugira ngo mubiganire, none ntivyorushiriza kukworohera kumusaba imbabazi no kwikiranura na we niba yahora akuvuga neza ku bandi? Mu buryo busa n’ubwo, niba tuzwi ko dukunda kuvuga amajambo yubaka igihe tuba turiko turavuga ivyerekeye abakirisu bagenzi bacu, bizorushiriza kutworohera kugarukana amahoro nihaduka ivyo tudahurizako n’abandi.​—Luka 6:31.

Dukorere Imana ‘duhuje inama’

Impengamiro twebwe abantu b’abanyavyaha dufise ni iyo guca kure abadushayeko, tukigungira ukwa twenyene. Ariko ingendo nk’iyo ntiranga ubukerebutsi. (Imig. 18:1) Twebwe abasavyi bunze ubumwe bambaza izina rya Yehova, twiyemeje ‘kumukorera duhuje inama.’​—Zef. 3:9.

Amajambo atabereye abandi bavuga canke inyifato yabo itabereye ntibikwiye kwigera na rimwe bituma umwete dufitiye ugusenga gutyoroye ugabanuka. Imisi mikeyi gusa imbere y’uko inkuka ya Yezu isubirira amashikanwa yatangirwa ku rusengero be n’inyuma gatoyi y’aho Yezu yiyamirije atarya umunwa abanditsi, yarabonye umupfakazi w’umworo yashikanye “uburyo bwose [yari] afise bwo kubaho,” akabushira mw’isandugu y’amahera yo ku rusengero. Yezu yoba yaragerageje kumubuza? Ahubwo riho, yaravuze neza ukuntu uwo mupfakazi yashigikira atadohoka ishengero rya Yehova ryo muri ico gihe. (Luka 21:1-4) Ibikorwa bitagororotse abandi bakora ntivyamubujije gushitsa ico yasabwa kugira ngo ashigikire ibijanye n’ugusenga Yehova.

Naho twoba tubona ko umuvukanyi canke umuvukanyikazi yadukoreye ikintu kitabereye, canke mbere akaturenganya, mbega tuzovyakira gute? Twoba tuzoreka ivyo bikagira ico bikoze ku murimo turangurira Yehova n’ubuzima bwacu bwose? Canke twoba tuzokora tubigiranye umutima rugabo kugira ngo dutorere umuti ibintu ivyo ari vyo vyose tudahurizako kugira ngo tuzigame amahoro y’agaciro ishengero ry’Imana ryo muri iki gihe ryifitiye?

Ivyanditswe biduhanura biti: “Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose.” (Rom. 12:18) Ese twokwiyemeza kubigenza gutyo, maze tukaguma tugendera mu nzira ijana mu buzima, ata nkomanzi!

[Akajambo k’epfo]

a Ku bijanye n’impanuro Yezu yatanze dusanga muri Matayo 18:15-17, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 1999, urupapuro rwa 14-19.

[Ifoto ku rup. 17]

Evodiya na Sintike bari bakeneye gukurikirana amahoro

[Ifoto ku rup. 18]

Ni amajambo ayahe, urugero rw’ijwi uruhe be n’inyifato iyihe bizorushiriza gutuma haba amahoro?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika