UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MATAYO 16-17
Wiyumvira ivyiyumviro vya nde?
Naho tuzi neza ko ivyo Petero yavuze atabitumwe n’umutima mubi, Yezu yaciye akosora ivyiyumviro vyiwe bitari vyo
Yezu yari azi ko ico kitari igihe co ‘kwibabarira.’ Kwirekerana muri ico gihe kitoroshe ni vyo nyene Shetani yashaka ko akora
Yezu yarerekanye ibintu bitatu dutegerezwa gukora kugira tuyoborwe n’ivyiyumviro vy’Imana. None kimwekimwe cose kidusaba iki?
Niwiyanke
Wikorere igiti cawe co kubabarizwako
Ugume ukurikira Yezu