UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAKOZWE 6-8
Ishengero ryari riherutse kuvuka rigeragezwa
Abapfakazi bavuga ikigiriki bagumye i Yeruzalemu inyuma y’aho babatirijwe, bariko barakumirwa. Boba baratsitajwe n’ako karenganyo canke bararindiriye bihanganye ko Yehova atorera umuti ico kibazo?
Igihe Sitefano yicishwa amabuye maze uruhamo rukomeye rugatuma abakirisu b’i Yeruzalemu bahungira i Yudaya n’i Samariya, boba baciye bagabanya umwete wo kwamamaza?
Abakirisu bari bagize iryo shengero rishasha, babifashijwemwo na Yehova barihanganiye ibigeragezo kandi babandanya kwongerekana.—Ivk 6:7; 8:4.
NIWIBAZE UTI: ‘Ndiko nihanganira gute ibigeragezo binshikira?’