ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb21 Rusama rup. 11
  • Kwigisha ushwashwanutse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwigisha ushwashwanutse
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Ivyo bijanye
  • Ubushwashwanutsi
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gushwashwanuka
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Nubaze ibibazo
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Gukora umutohoji ku mutima
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
mwb21 Rusama rup. 11
Umuvukanyi ariko aramwenyura yongera akoresha ibimenyetso vy’umubiri igihe yigisha umutama Bibiliya.

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU

Kwigisha ushwashwanutse

Ubushwashwanutsi burandukira. Buratuma abatwumviriza badutega yompi. Burerekana kandi ko duha agaciro ubutumwa twamamaza. Naho twoba duturuka he canke dufise kamere zimeze gute, turashobora kugaragaza ubushwashwanutsi. (Rm 12:11) Uti gute?

Ubwa mbere, nuzirikane agaciro k’ubutumwa wamamaza. Ufise agateka ko ‘kumenyesha inkuru nziza!’ (Rm 10:15) Ubwa kabiri, nuzirikane ukuntu inkuru nziza ishobora gufasha abakwumviriza kubaho neza. Barakeneye vy’ukuri kwumviriza ivyo ubabwira. (Rm 10:13, 14) Ubwa nyuma, nuvugane igishika ukoresheje ibimenyetso bibereye vy’umubiri no mu maso.

RABA IVIDEWO IVUGA NGO NIWIRONKERE UMUNEZERO WO GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA​—NURYOHORE UBUHANGA BWAWE: KWIGISHA USHWASHWANUTSE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Niwironkere umunezero wo guhindura abantu abigishwa​—Nuryohore ubuhanga bwawe: Kwigisha ushwashwanutse.’ Neeta aracitse intege kubera Jade amubwiye ko ataza kwiga Bibiliya.

    Ni igiki catumye Neeta atakaza ubushwashwanutsi ariko arayoborera inyigisho Jade?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Niwironkere umunezero wo guhindura abantu abigishwa​—Nuryohore ubuhanga bwawe: Kwigisha ushwashwanutse.’ Jade asa n’uwarambiwe igihe ariko ariga Bibiliya.

    Ni igiki cafashije Neeta gusubirana ubushwashwanutsi yahorana?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Niwironkere umunezero wo guhindura abantu abigishwa​—Nuryohore ubuhanga bwawe: Kwigisha ushwashwanutse.’ Jade na Neeta bariko baganira baryohewe cane inyuma yo kwiga Bibiliya.

    Ubushwashwanutsi burandukira

    Kubera iki dukwiye kwibanda kuri kamere nziza abatwumviriza bafise?

  • Igihe tugaragaza ubushwashwanutsi, bishobora gute kugira ico bifashije abo twigisha Bibiliya be n’abandi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika