NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU
Nubaze ibibazo
Yehova “ya Mana ihimbawe,” ashaka ko duhimbarirwa ubusuku. (1Tm 1:11) Umunezero wacu uzokwongerekana nitwaguma turyohora ubuhanga bwacu. Kubaza ibibazo birashobora gutuma umuntu ashimishwa kandi ni uburyo busanzwe bwo gutanguza ikiyago. Ibibazo birafasha umuntu kwiyumvira no kuzirikana. (Mt 22:41-45) Ubajije umuntu ibibazo maze ukamutega yompi, ni nk’aho uba uriko uramubwira uti: ‘Urahambaye kuri jewe.’ (Yak 1:19) Inyishu atanga zirashobora kudufasha kumenya ingene twobandanya ikiyago neza.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWIRONKERE UMUNEZERO WO GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA: NURYOHORE UBUHANGA BWAWE—KUBAZA IBIBAZO, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Ni kamere nziza izihe Jade yagaragaje?
Neeta yakoresheje ibibazo gute mu kwerekana ko yitwararikana?
Neeta yakoresheje ibibazo gute kugira atume Jade ashimishwa cane n’inkuru nziza?
Neeta yakoresheje ibibazo gute kugira afashe Jade kwiyumvira no kuzirikana?