NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU
Koresha Ijambo ry’Imana
Ijambo ry’Imana rirafise ububasha! (Heb 4:12) Rirashobora no gukora ku mutima abatazi Imana. (1Ts 1:9; 2:13) Turanezerwa cane iyo hagize uwugaragaza ko akenguruka ukuri gushasha twamweretse.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWIRONKERE UMUNEZERO WO GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA: NURYOHORE UBUHANGA BWAWE—NUREKE UBUBASHA BW’IJAMBO RY’IMANA BUKORE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Ni gute Neeta yaretse ububasha bw’Ijambo ry’Imana bugakora mu gufasha Jade kubona igituma ari vyiza gusuzuma Ijambo ry’Imana?
Ni gute Neeta yaretse ububasha bw’Ijambo ry’Imana bugakora mu gusaba Jade ngo asome icanditswe n’ijwi ryumvikana no mu guca ashimika ku gace nyamukuru k’uwo murongo?
Ni igiki cerekana ko ico canditswe cakoze ku mutima Jade, kandi wibaza ko vyatumye Neeta yiyumva gute?