ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb22 Mukakaro rup. 3
  • Gukora ubutsimvyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gukora ubutsimvyi
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Ivyo bijanye
  • Umugambi mwiza twokwishingira muri uyu mwaka mushasha w’umurimo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Dukwize hose kamere nziza za Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
mwb22 Mukakaro rup. 3
Umukobwa n’abavyeyi biwe hamwe na inakuru wiwe bariko baraganira ku rutonde rwabo.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU | NIWISHINGIRE IMIGAMBI YO MU MWAKA W’UMURIMO UZA

Gukora ubutsimvyi

Turakoresha neza inguvu zacu igihe twishingira imigambi y’ivy’impwemu. (1Kr 9:26) Imigambi iradufasha gukoresha neza umwanya usigaye imbere y’uko umuhero uza. (Ef 5:15, 16) Mu gusenga kwo mu muryango, mubona gute mwishingiye imigambi yo mu mwaka w’umurimo uza? Kugira tubafashe, aka gatabu k’ikoraniro karimwo ibiganiro vyerekana imigambi itari mike mworimbura mubijanishije n’isengesho.​—Yak 1:5.

Nk’akarorero, umuryango wose woba wofasha kugira n’imiburiburi umwe mu bawugize akore ubutsimvyi busanzwe? Nimba utabona neza ko wokwiza amasaha asabwa, nuganire na bamwe mu batsimvyi ivyabo vyifashe nk’ivyawe. (Img 15:22) Wotumira n’umutsimvyi mu gusenga kwo mu muryango ukamubaza uko wobigenza. Nuce wandika intonde zishoboka. Nimba warigeze kubukora, nurabe ko utosubira kubukora.

Hoba hari abo mu muryango wanyu bokora ubutsimvyi bwo gufasha ukwezi kumwe canke kurenga? Nimba ufise utuguvu duke, woshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu kuza uramara umwanya mutomuto mu ndimiro buri musi. Nimba udafise umwanya uhagije wo kuja mu ndimiro mu ndwi hagati kubera ukora imisi yose canke kubera uba uri kw’ishure, woshobora guhitamwo ukwezi kurimwo ikonji canke gufise wikendi zitanu. Ku kirangamisi, nushire akamenyetso ku kwezi utegekanya kuzokora ubutsimvyi bwo gufasha maze wandike urutonde.​—Img 21:5.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO GIRA UMUTIMA RUGABO . . . MUTSIMVYI, MUCE MWISHURA IKI KIBAZO:

  • Ivyashikiye Aamand bitwigisha iki ku bijanye n’ukuntu Yehova yitwararikana urukundo abitanga bagakora ubutsimvyi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika