ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb26 Nzero rup. 2-16
  • 5-11 Nzero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 5-11 Nzero
  • Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2026
Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2026
mwb26 Nzero rup. 2-16

5-11 NZERO

YESAYA 17-20

Ururirimbo rwa 153 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. «Umugabane w’abatwambura»

(Imin. 10)

Bibiliya igereranya abantu bo mw’isi n’ikiyaga gisebagirika (Yes 17:12; w18.06 7 ing. 16)

Turiteze ko isi idufata nabi kubera tutaja muri politike canke mu mishamirano y’ino si (Yoh 15:​18, 19; w16.04 28 ing. 4)

Vuba Yehova azodukiza «abatwambura» (Yes 17:​13, 14; ip-1 198 ing. 20)

Umuvukanyi ari mw’ibohero ariko arasenga cane. Hanze hari umurinzi w’ibohero ariko aramuraba afise inkoho.

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Yes 20:2—Yesaya yoba vy’ukuri yaramaze imyaka itatu agenda ari gusa? (w06 1/12 11 ing. 1)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

(Imin. 4) Yes 19:​1-12 (th icigwa ca 11)

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) INZU KU NZU. Nubwire umuntu yubatse ukuri ukuye mu nyongera ya A mu gatabu Nukunde abantu. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 3)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) INZU KU NZU. Numusabe mwige Bibiliya. (lmd icigwa ca 8 iciyumviro ca 4)

6. Insiguro

(Imin. 5) lmd inyongera ya A iciyumviro ca 14—Umutwe: Imana ishaka ko tuyisenga. (th icigwa ca 8)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 148

7. ‘Niwibuke ca Gitandara cawe kigukingira’

(Imin. 10) Guhana ijambo.

Yehova ni Igitandara kidukingira. (Yes 17:10) Ararokora abamuhungirako. (Zb 144:​1, 2) Yehova ntiyama atuma uruhamo ruhera. Ariko, yama aduha twebwe abagenzi biwe ivyo dukeneye kugira turwihanganire.—1Kr 10:13.

Ifoto yakuwe mw’ividewo: «Niwigire ku bagenzi ba Yehova​—⁠Hananiya, Mishayeli na Azariya.» Hananiya, Mishayeli na Azariya banse kwunamira igishusho c’umwami Nebukadinezari. N’ishavu n’akantu, Nebukadinezari ariko ategeka umusoda ngo abafate.

Turerekana ko twibuka Yehova mu kumugamburukira. Nimurabe IVIDEWO Niwigire ku bagenzi ba Yehova—Hananiya, Mishayeli na Azariya. Nusabe abana wateguye baze imbere ubabaze ibi bibazo canke ubibaze abumviriza:

  • Yehova yarokoye gute abagenzi biwe Hananiya, Mishayeli na Azariya?—Dn 3:​24-28

  • Hananiya, Mishayeli, na Azariya berekanye gute ko ari abagenzi ba Yehova?

  • Ni ryari bikugora kugamburukira Yehova?

  • None woca ukora iki kugira umugamburukire?

8. Nurondere umwanya buri musi wo kugira ivyo wigiye ku bagenzi ba Yehova

(Imin. 5) Guhana ijambo.

Udufoto tw’abantu bavugwa muri Bibiliya twakuwe muri twa tuvidewo «Niwigire ku bagenzi ba Yehova.» Imbere hari Bibiliya nini n’umuntu ahora avuga muri twa tuvidewo.

Utuvidewo tuvuga ngo Niwigire ku bagenzi ba Yehova tugenewe abana bariko bariga gusoma. Turababwira amakuru y’abantu bakunda Yehova. Buri kavidewo kararemesha abana ‘kurondera umwanya buri musi wo kugira ivyo bigiye ku bagenzi ba Yehova.’

  • Wokura he umwanya buri musi wo kwiga ivyerekeye Yehova n’abagenzi biwe?

  • Ni bande bavugwa muri Bibiliya woshima kumenya inkuru zabo, kandi kubera iki?

9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

(Imin. 30) lfb icigwa ca 50, intangamarara y’igihimba ca 9, n’icigwa ca 51

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 73 n’isengesho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika