5-11 NZERO
YESAYA 17-20
Ururirimbo rwa 153 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)
1. «Umugabane w’abatwambura»
(Imin. 10)
Bibiliya igereranya abantu bo mw’isi n’ikiyaga gisebagirika (Yes 17:12; w18.06 7 ing. 16)
Turiteze ko isi idufata nabi kubera tutaja muri politike canke mu mishamirano y’ino si (Yoh 15:18, 19; w16.04 28 ing. 4)
Vuba Yehova azodukiza «abatwambura» (Yes 17:13, 14; ip-1 198 ing. 20)
2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
(Imin. 10)
Yes 20:2—Yesaya yoba vy’ukuri yaramaze imyaka itatu agenda ari gusa? (w06 1/12 11 ing. 1)
Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
3. Igisomwa ca Bibiliya
(Imin. 4) Yes 19:1-12 (th icigwa ca 11)
4. Gutanguza ikiyago
(Imin. 3) INZU KU NZU. Nubwire umuntu yubatse ukuri ukuye mu nyongera ya A mu gatabu Nukunde abantu. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 3)
5. Gukurikirana abashimishijwe
(Imin. 4) INZU KU NZU. Numusabe mwige Bibiliya. (lmd icigwa ca 8 iciyumviro ca 4)
6. Insiguro
(Imin. 5) lmd inyongera ya A iciyumviro ca 14—Umutwe: Imana ishaka ko tuyisenga. (th icigwa ca 8)
Ururirimbo rwa 148
7. ‘Niwibuke ca Gitandara cawe kigukingira’
(Imin. 10) Guhana ijambo.
Yehova ni Igitandara kidukingira. (Yes 17:10) Ararokora abamuhungirako. (Zb 144:1, 2) Yehova ntiyama atuma uruhamo ruhera. Ariko, yama aduha twebwe abagenzi biwe ivyo dukeneye kugira turwihanganire.—1Kr 10:13.
Turerekana ko twibuka Yehova mu kumugamburukira. Nimurabe IVIDEWO Niwigire ku bagenzi ba Yehova—Hananiya, Mishayeli na Azariya. Nusabe abana wateguye baze imbere ubabaze ibi bibazo canke ubibaze abumviriza:
Yehova yarokoye gute abagenzi biwe Hananiya, Mishayeli na Azariya?—Dn 3:24-28
Hananiya, Mishayeli, na Azariya berekanye gute ko ari abagenzi ba Yehova?
Ni ryari bikugora kugamburukira Yehova?
None woca ukora iki kugira umugamburukire?
8. Nurondere umwanya buri musi wo kugira ivyo wigiye ku bagenzi ba Yehova
(Imin. 5) Guhana ijambo.
Utuvidewo tuvuga ngo Niwigire ku bagenzi ba Yehova tugenewe abana bariko bariga gusoma. Turababwira amakuru y’abantu bakunda Yehova. Buri kavidewo kararemesha abana ‘kurondera umwanya buri musi wo kugira ivyo bigiye ku bagenzi ba Yehova.’
Wokura he umwanya buri musi wo kwiga ivyerekeye Yehova n’abagenzi biwe?
Ni bande bavugwa muri Bibiliya woshima kumenya inkuru zabo, kandi kubera iki?
9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero
(Imin. 30) lfb icigwa ca 50, intangamarara y’igihimba ca 9, n’icigwa ca 51