Abavukanyi babiri bongewe ku bagize Inama Nyobozi
KU WA 5 Gitugutu 2024, muri rya koraniro rya buri mwaka, harashikirijwe itangazo ridasanzwe ryavuga ko umuvukanyi Jody Jedele na Jacob Rumph bagenywe kuba mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Abo bavukanyi bompi baramaze imyaka myinshi bakorera Yehova badahemuka.
Jody Jedele n’umukenyezi wiwe Damaris
Umuvukanyi Jedele yavukiye muri leta ya Missouri muri Amerika, kandi abavyeyi biwe bari Ivyabona. Umuryango wabo waba mu karere karimwo abamamaji bake. Ivyo vyatumye amenyana n’abavukanyi batari bake baba bavuye mu bihugu bitandukanye baje kwamamaza muri ako karere. Urukundo rwabo n’ubumwe bari bafitaniye vyaramukoze ku mutima cane. Yabatijwe ku wa 15 Gitugutu 1983. Yarakunda cane indimiro, kandi amaze guheza amashure yisumbuye yaciye atangura ubutsimvyi busanzwe muri Nyakanga 1989.
Igihe Jedele yari akiri muto, abavyeyi biwe barakunda kumutwara we na mushiki we gutemberera Beteli. Ivyo vyatumye abo bana bishingira umugambi wo gukorera kuri Beteli, kandi bompi barawushitseko. Umuvukanyi Jedele yashitse kuri Beteli y’i Wallkill muri Nyakanga 1990. Yatanguye gukorera mu Rwego rujejwe isuku, mu nyuma na ho mu Rwego rwitaho amagara y’Abanyabeteli.
Ico gihe, amashengero akoresha igisupanyoli yari hafi ya Beteli yaguma atera imbere, kandi hari hakenewe abavukanyi bofasha. Umuvukanyi Jedele rero yaciye yifatanya na rimwe muri ayo, atangura kwiga igisupanyoli. Gatoyi inyuma y’aho, yarahuye n’umudada yitwa Damaris, akaba yari umutsimvyi muri uwo muzunguruko nyene. Bahavuye bubakana, aca aramuhamvya kuri Beteli.
Mu 2005, baravuye muri Beteli kugira baje kwitwararika abavyeyi babo. Muri ico kiringo, bagumye ari abatsimvyi basanzwe. Umuvukanyi Jedele yarafashije mu kwigisha amashure y’abatsimvyi, arafasha no muri Komite ija inama n’ibitaro be no muri Komite y’ubwubatsi y’akarere.
Mu 2013, umuvukanyi Jedele n’umukenyezi wiwe barasubiye gutumirwa gukorera kuri Beteli muri proje yo kwubaka i Warwick. Kuva ico gihe, barakoreye n’i Patterson be n’i Wallkill. Umuvukanyi Jedele yarakoreye mu Rwego rujejwe imigero n’ubwubatsi be no mu Rwego rutanga amakuru y’ivy’ubuvuzi. Muri Ntwarante 2023, yaragenywe kuba umufasha muri Komite y’umurimo y’Inama Nyobozi. Atereje amaso inyuma kuri ivyo bikorwa vyose, avuga ati: «Igihe ushinzwe ibikorwa bishasha urashobora kwumva urengewe. Ariko ico gihe nyene ni ho haba hageze ko wiheka kuri Yehova, kuko ari we atuma ushobora gukora ivyo agusavye vyose.»
Jacob Rumph n’umukenyezi wiwe Inga
Umuvukanyi Rumph yavukiye muri leta ya Kaliforniya muri Amerika. Igihe yari akiri umwana, nyina wiwe yari yarahororokewe. Ariko yarakora uko ashoboye akigisha Rumph ukuri kwo muri Bibiliya. Vyongeye, buri mwaka Rumph yaraja kuramutsa inakuru, wewe akaba yari Icabona w’umwizigirwa. Yaramufashije gukunda ukuri, ku buryo igihe yari afise imyaka 13 yasavye kwiga Bibiliya. Yabatijwe akiri umuyabaga, ku wa 27 Nyakanga 1992. Igishimishije ni uko nyina wiwe yasubiye kuvyura akariro mu vy’impwemu. Abavyeyi biwe be n’abo bavukana bagumye batera imbere maze barabatizwa.
Rumph akiri muto yarabona ingene abatsimvyi bahimbawe. Ni co gituma amaze guheza amashure yisumbuye, yaciye atangura ubutsimvyi muri Nyakanga 1995. Mu 2000, yarimukiye muri Équateur gukorera ahakenewe cane abamamaji. Yahahuriye n’umudada w’umutsimvyi yitwa Inga ava muri Kanada, mu nyuma barubakana. Baciye batangura gukorera mu gasagara ko muri Équateur karimwo abamamaji bakeyi. Ubu hari ishengero riteye imbere.
Umuvukanyi Rumph n’umukenyezi wiwe bahavuye bagenwa kuba abatsimvyi badasanzwe, mu nyuma na ho baza baragendera amashengero. Mu 2011, baratumiwe mu mugwi ugira 132 w’ishure rya Gileyadi. Inyuma y’iryo shure barakoreye mu bihugu bitandukanye hirya no hino kw’isi, kandi baratewe uduteka tw’umurimo dutandukanye, nko gukorera kuri Beteli, kuba abamisiyonari no kugendera amashengero. Umuvukanyi Rumph yaranatewe agateka ko kwigisha Ishure ry’abamamaji b’Ubwami.
Kubera ikiza ca Korona, umuvukanyi Rumph n’umukenyezi wiwe baciye basubira muri Amerika. Baratumiwe kuri Beteli y’i Wallkill, aho umuvukanyi Rumph yamenyerejwe mu rwego rw’umurimo. Mu nyuma barasubiye kurungikwa kuri Beteli yo muri Équateur, Rumph akaba yari mu bagize Komite y’ishami. Mu 2023, bimuriwe kuri Beteli y’i Warwick. Muri Nzero 2024, Rumph yagenywe kuba umufasha muri Komite y’umurimo y’Inama Nyobozi. Atereje amaso inyuma aho bagiye barakorera hose, avuga ati: «Igihambaye si aho ukorera, ahubwo n’abantu ukorera.»
Turashima ibikorwa bidasanzwe vy’abo bavukanyi, kandi ‘tuguma tubafatana iteka.’—Flp. 2:29.