ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb14 rup. 112-113
  • Amashirahamwe akorera mw’ibanga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amashirahamwe akorera mw’ibanga
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
yb14 rup. 112-113

SIERRA LEONE NA GUINÉE

Amashirahamwe akorera mw’ibanga

AMASHIRAHAMWE akorera mw’ibanga arakwiragiye hirya no hino muri Afrika y’uburengero kandi agizwe n’abantu bo mu bwoko butandukanye, imico kama itandukanye be n’indimi zitandukanye. Ayo mashirahamwe aragenzura ivyo abanywanyi bayo bakora mu kibano, mu vy’indero be no mu vya politike. Yamara, igikorwa cayo nyamukuru kijanye n’ivy’idini. Abiri mu mashirahamwe manini akorera mw’ibanga ni iryitwa Poro (ry’abagabo) be n’iryitwa Sande (ry’abagore).a Nk’akarorero, ishirahamwe Poro ryihatira “kugenzura ibiremwa vy’impwemu rikiyemeza ko bifasha abantu mu buryo ngirakamaro.”​—Vyakuwe mu gitabu Initiation, 1986.

Abagabo baba ari ho bacinjira mw’ishirahamwe Poro barigishwa amabanga yerekeye ibiremwa vy’impwemu be n’ububasha bw’ubupfumu, kandi barabarasaga. Abagore baba ari ho bacinjira mw’ishirahamwe Sande na bo nyene bariga imihamuro kandi baragenyerwa, naho uwo mugenzo wahagaritswe mu turere tumwetumwe.

Ayandi mashirahamwe akorera mw’ibanga aracungera ibijanye n’igitsina kandi arakoresha ubupfumu mu kugerageza kuvura abantu barwaye mu mutwe canke izindi ndwara. Mu gihe c’intambara y’abanyagihugu yabaye muri Sierra Leone, hari ishirahamwe rikorera mw’ibanga ryavuga ko abanywanyi baryo badafatwa n’amasoro. Barabesha.

Abanywanyi b’ayo mashirahamwe barabuzwa guhishurira abandi ivyo mu mugwi wabo be n’imigirwa yabo. Umuntu atubahirije amategeko be n’akarangamutima k’ishirahamwe rikorera mw’ibanga arashobora kwicwa.

a Mu turere tumwetumwe, ishirahamwe Sande ryitwa Bondo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika