Ivyabona vya Yehova bamenyerezwa gute kugira bakore igikorwa cabo co kwamamaza?
Ivyabona vya Yehova bama baronka ukumenyerezwa kubafasha kwigenza nk’abakirisu mu buzima bwa misi yose, ivyo bikaba birimwo n’igikorwa cabo co kwamamaza ku mugaragaro. Kwamamaza no kwigisha inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana ni igikorwa Yezu yategetse abigishwa biwe gukora. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Uko kumenyerezwa tukuronkera ku makoraniro tugira buri ndwi no ku bikorane tugira buri mwaka. Ivyabona vya Yehova bafise amabanga bajejwe mw’ishengero canke mw’ishirahamwe ryabo, bararonka ukumenyerezwa kwiyongereye mu mashure adasanzwe y’ivya Bibiliya.
Ibi ni vyo tugiye kubona muri iki kiganiro:
Ukumenyerezwa Ivyabona vya Yehova baronka kuba gushingiye ku ki?
Ivyabona vya Yehova boba basabwa kuriha amahera kugira baronke ukumenyerezwa?
Ukumenyerezwa Ivyabona vya Yehova baronse kwabagiriye akamaro gute?
Ivyabona vya Yehova bamenyerezwa gute?
Amakoraniro y’ishengero. Buri ndwi, turakoranira hamwe mu bibanza dusengeramwo vyitwa Ingoro z’Ubwami. Ikoraniro rimwe riba hagati mu ndwi, irindi rikaba muri wikendi. Nta wimiriwe kwinjira kandi nta mperezwa zitozwa.
Ikoraniro ryo hagati mu ndwi. Turahigira gusoma neza, ubuhinga bwo kuyaga, kuvugira imbere y’abantu, kwamamaza hamwe no kwigisha. Turonka ukwo kumenyerezwa biciye mu nsiguro, ibiganiro vyo guhana ijambo, imyerekano n’amavidewo. Biradufasha kwererwa mu gikorwa dukora co kubwira abantu bavyipfuza ubutumwa bwo muri Bibiliya no kubigisha ivyigwa bishingiye kuri yo. Ababa bitavye iryo koraniro bose barahigira vyinshi. N’ikiruta vyose, amakoraniro yacu arakomeza ukwizera kwacu n’urukundo dukunda Imana na bagenzi bacu.
Ikoraniro ryo muri wikendi. Iryo koraniro rigizwe n’ibice bibiri. Ritangurwa n’insiguro ishingiye kuri Bibiliya igenewe abantu bose. Igice ca kabiri c’iryo koraniro kigizwe n’ikiganiro c’ibibazo n’inyishu gishingiye ku kinyamakuru Umunara w’Inderetsi.a Ivyo biganiro birasigura ivyiyumviro hamwe n’impanuro dusanga muri Bibiliya bidufasha mu gikorwa co kwamamaza no mu buzima bwacu bwa misi yose.
Ibikorane. Mu biringo bitatu mu mwaka turagira ibikorane, bikaba vyitabwa n’Ivyabona vya Yehova bo mu mashengero menshi. Ivyo biringo biteye umunezero biba bishingiye ku ciyumviro kanaka co muri Bibiliya kandi biba birimwo insiguro, imyerekano, ibiganiro vyo kubaza ibibazo hamwe n’amavidewo. Nka kurya nyene twungukira ku makoraniro y’ishengero, n’ivyo bikorane bituma turonka ubumenyi bwiyongereye bwo muri Bibiliya bikongera bikadufasha kuba abigisha b’inkuru nziza babishoboye. No muri ivyo bikorane, nta wimiriwe kwinjira kandi nta mperezwa zitozwa.
Amashure y’ivya Bibiliya y’Ivyabona vya Yehova
Bamwe mu Vyabona vya Yehova baratumirwa mu mashure y’ivya Bibiliya atandukanye kugira baronke ukumenyerezwa kwiyongereye. None ayo mashure ni ayahe? Afise intumbero iyihe? Amara igihe kingana gute? Kandi ni bande bashobora kuyitaba?
Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi
Intumbero: Kumenyereza abigisha b’Ijambo ry’Imana b’igihe cose bitwa abatsimvyi,b kugira babe abahanga mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha. Mu vyigwa baronka haba harimwo guhana ijambo, udukino be n’imyimenyerezo.
Igihe rimara: Imisi itandatu.
Abaryitaba: Abamaze umwaka umwe ari abatsimvyi basanzwe baratumirwa kuryitaba. Abamaze igihe ari abatsimvyi basanzwe, bakaba kandi bamaze imyaka itanu batarasubira kwitaba iryo shure, barashobora gutumirwa.
Ishure ry’abamamaji b’Ubwami
Intumbero: Guha ukumenyerezwa kudasanzwe abasuku b’igihe cose. Abanyeshure bararushiriza kuba abahanga mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha, kandi bakiga Bibiliya mu buryo bugera kure. Bamwe mu basohoka iryo shure bararungikwa gukorera mu turere dukenewemwo abamamaji.
Igihe rimara: Amezi abiri.
Abaryitaba: Abatsimvyi barashobora gusaba kuryitaba igihe bakwije ibisabwa, kandi bakaba bashobora gukorera ahari inkenero bivanye n’uko ivyabo vyifashe.
Ishure ry’abakurambere b’ishengero
Intumbero: Gufasha abakurambere kwitwararika ibikorwa bajejwe mw’ishengero, nko kwigisha abagize ishengero, kubafasha no kubaremesha, hamwe no gukomeza urukundo bakunda Imana na bagenzi babo.—1 Petero 5:2, 3.
Igihe rimara: Imisi itanu.
Abaryitaba: Abaheruka kuba abakurambere hamwe n’abamaze igihe ari abakurambere bamaze imyaka itanu batarasubira kuryitaba.
Ishure ry’abahagarikizi b’imizunguruko n’abakenyezi babo
Intumbero: Kumenyereza abahagarikizi b’imizungurukoc kugira barushirize kwitwararika ibikorwa bajejwe. (1 Timoteyo 5:17) Ivyo vyigwa birafasha abo bakurambere n’abakenyezi babo kurushiriza gutahura Ivyanditswe.
Igihe rimara: Ukwezi kumwe.
Abaryitaba: Abahagarikizi b’imizunguruko bashasha n’abakenyezi babo baratumirwa kwitaba iryo shure inyuma y’umwaka umwe batanguye ico gikorwa. Mu nyuma, baza baratumirwa uko imyaka itanu ihaciye.
Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami
Intumbero: Gufasha abakurambere n’abakozi b’ishengerod kwitwararika ibikorwa bajejwe mw’ishengero hisunzwe inkenero z’ishengero hamwe n’ingene ibintu biba vyifashe. (2 Timoteyo 3:1) Iryo shure ryama riba inyuma y’imyaka mike.
Igihe rimara: Ikiringo rimara kiza kirahinduka. Kenshi rimara umusi umwe.
Abaryitaba: Abahagarikizi b’imizunguruko, abakurambere n’abakozi b’ishengero.
Ishure ry’Abanyabeteli
Intumbero: Gufasha abakorera kuri Betelie kuroranirwa mu bikorwa vyabo no kurushiriza gukunda Imana n’abo bakorana.
Igihe rimara: Imisi itanu n’igice.
Abaryitaba: Abaheruka gutangura gukorera kuri Beteli barasabwa kuryitaba. Abamaze igihe bakorera kuri Beteli bamaze imyaka itanu batarasubira kuryitaba, na bo nyene barashobora gutumirwa.
Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi
Intumbero: Gutuma abanyeshure bakunda cane ijambo ry’Imana no kubafasha gushira mu ngiro ivyo biga. (1 Abatesalonika 2:13) Abagabo n’abagore b’abizigirwa bitaba iryo shure bararushiriza kuba kirumara kw’ishirahamwe rya Yehova no mu gikorwa co kwigisha Bibiliya kirangurirwa kw’isi yose. Abasohoka iryo shure bararungikwa kwamamaza canke gukorera ku biro vy’ishami vyo mu gihugu bavamwo canke mu kindi gihugu.
Igihe rimara: Amezi atanu.
Abaryitaba: Ku biro vy’amashami baratumira abasuku b’igihe cose ngo basabe kuryitaba. Iryo shure ribera muri Leta zunze ubumwe za Amerika, mu Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova c’i Patterson, muri New York.
Ishure ry’abagize komite y’ishami n’abakenyezi babo
Intumbero: Kumenyereza abagize Komite y’ishamif kwitwararika igikorwa kirangurirwa ku biro vy’ishami vyo mu gihugu cabo hamwe n’ibikorwa bijanye no gusenga birangurwa n’Ivyabona vya Yehova bo muri ico gihugu canke mu bihugu vyegukira ishami ryabo.
Igihe rimara: Amezi abiri.
Abaryitaba: Ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova kw’isi yose baratumira abagize komite z’amashami bahisemwo n’abakenyezi babo kwitaba iryo shure, rikaba ribera mu Kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova c’i Patterson, muri New York.
Ukumenyerezwa Ivyabona vya Yehova baronka kuba gushingiye ku ki?
Bibiliya ni co gitabu nyamukuru bisunga mu kumenyereza Ivyabona vya Yehova. Turemera ko Bibiliya yahumetswe n’Imana kandi ko irimwo ubuyobozi bwiza cane budufasha kwigenza nk’abakirisu mu mice yose y’ubuzima.—2 Timoteyo 3:16, 17.
Ivyabona vya Yehova boba basabwa kuriha amahera kugira baronke ukumenyerezwa?
Oya. Bigishwa ku buntu. Ibikorwa birangurwa n’Ivyabona vya Yehoba bishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye.—2 Abakorinto 9:7.
a Bibiliya hamwe n’ibitabu bidufasha kuyiga, harimwo n’amavidewo, turabisanga ku rubuga rwacu rwa jw.org.
b Umutsimvyi ni Icabona ca Yehova yabatijwe w’intangakarorero (w’igitsina-gabo canke w’igitsina-gore) yipfuza kumara umwanya w’amasaha kanaka buri kwezi ariko arigisha abandi Ijambo ry’Imana.
c Umuhagarikizi w’umuzunguruko ni umusuku adasanzwe w’igihe cose yama agendera amashengero atandukanye buri ndwi. Araremesha abagize ishengero yagendeye biciye ku nsiguro ashikiriza zishingiye kuri Bibiliya no mu kujana na bo mu gikorwa co kwamamaza.
d Umukozi w’ishengero arakora ibikorwa bitandukanye mw’ishengero mu ntumbero yo gufasha abakirisu bagenziwe. Ivyo bituma abakurambere b’ishengero baronka umwanya uhagije wo kwigisha abagize ishengero, kubafasha no kubaremesha.
e Beteli ni izina rihabwa ibiro vy’amashami y’Ivyabona vya Yehova. Abasuku b’igihe cose bahakorera, barashigikira ibikorwa birangurwa n’Ivyabona vya Yehova mu karere k’iryo shami.
f Komite y’ishami igizwe n’abagabo b’abizigirwa batatu canke barenga.