ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwhf ikiganiro 1
  • Ingene wocungera ishavu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene wocungera ishavu
  • Icofasha umuryango
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico ukwiye kumenya
  • Ico wokora
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ishavu?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ingorane ijanye n’ishavu
    Be maso!—2012
  • Ukuntu wocungera ishavu
    Be maso!—2012
  • Iyo habaye ukutumvikana mu bubakanye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Icofasha umuryango
ijwhf ikiganiro 1
Umugore ashavuye kubera umugabo wiwe ariko araraba televiziyo aho kuza kumufasha kwoza ivyombo

ICOFASHA UMURYANGO

Ingene wocungera ishavu

Uwo mwubakanye aravuze canke arakoze ikintu kigushavuza, uciye ugerageza guhisha iryo shavu. Ariko uwo mwubakanye arabonye ko utameze neza agaca atangura kukubaza igituma. Uciye urushiriza gushavura. Wocungera gute ishavu ryawe mu bihe nk’ivyo?

  • Ico ukwiye kumenya

  • Ico wokora

Ico ukwiye kumenya

  • Gutwarwa n’ishavu birashobora kugirira nabi amagara yawe. Ubushakashatsi bwerekana ko ishavu ridacungerewe rishobora gutuma urwara ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, umutima, akabonge n’umushishito. Ishavu kandi riratuma umuntu abura itiro, akagira amaganya menshi, akagira ingorane z’urukoba canke z’udutsi two mu bwonko. Ni co gituma Bibiliya iduhanura iti: “Reka ishavu, uhebe ubushangashirwe.”​—Zaburi 37:8.

  • Kwigumizamwo ishavu na vyo nyene birashobora kukugirira nabi. Kwigumizamwo ishavu bimeze nk’ingwara igusinzikariza indani. Nk’akarorero, birashobora gutuma usanga usigaye uri umuntu ahemana canke aguma atora abandi amahinyu. Ivyo vyoshobora gutuma bikugora kubana n’abandi kandi bikagirira nabi umubano wanyu.

Ico wokora

  • Niwibande kuri kamere nziza uwo mwubakanye afise. Niwiyumvire kamere zitatu ushima ku wo mwubakanye. Ikindi gihe niyakora ikintu kigushavuza, uzoce uzirikana kuri izo kamere. Ivyo bizogufasha gucungera iryo shavu.

    Iciyumviro co muri Bibiliya: “Mwerekane ko mushima.”​—Abakolosayi 3:15.

    Umugore ariko arakora udukorwa yongera yiyumvira ingene umugabo wiwe ahora amufasha udukorwa two mu rugo, akamwumviriza kandi akamwitwararika iyo agwaye
  • Nube umuntu ababarira. Ubwa mbere, nugerageze kwishira mu kibanza c’uwo mwubakanye. Ivyo bizotuma ugira impuhwe. (1 Petero 3:8) Ubukurikira, niwibaze uti: ‘Iki kintu canshavuje coba gikomeye cane ku buryo ntomubabarira?’

    Iciyumviro co muri Bibiliya: “Kwirengagiza ikigabitanyo ni ubwiza.”​—Imigani 19:11.

  • Nuserure ingene wiyumva ubigiranye ubuntu n’ukwiyubara. Niwiyerekezeko ivyo uvuga. Nk’akarorero, aho kuvuga ngo “Igihe utanterefonye ngo umbwire iyo uri, uba unyeretse ko utanyitwararika,” nuvuge ngo “Ndahagarika umutima iyo mbonye bwije kandi nkaba ntazi ingene umerewe.” Kuvuga uko wiyumva ubigiranye ubwitonzi birashobora kugufasha gucungera ishavu.

    Iciyumviro co muri Bibiliya: “Imvugo yanyu yamane igikundiro, irunze umunyu.”​—Abakolosayi 4:6.

  • Nutege yompi ubigiranye icubahiro. Uhejeje guserura uko wiyumva, nureke uwo mwubakanye agire ico avuze kandi ntumuciremwo. Ahejeje kuvuga, numusubiriremwo ivyo avuze kugira urabe ko wabitahuye neza. Gutega yompi vyonyene birashobora gufasha gucungera ishavu.

    Iciyumviro co muri Bibiliya: “Umuntu wese atebuke kwumva, atebe kuvuga.”​—Yakobo 1:19.

Tim na Jennifer

“Nimba uwo mwubakanye akoze ikintu kigushavuza ariko ntubimubwire, azoguma agikora maze uhebe wumve woturika kubera ishavu. Vyoba vyiza rero umubwiye ico kintu ubigiranye urupfasoni. Iyo twe n’umunega wanje duhejeje kuganira ku kintu cadushavuje, duca tubwirana duti: ‘Reka rero dusubire twibere abagenzi.’”​—Jennifer n’umugabo wiwe Tim.

Jade na Corey

“Ikintu nshimira umugabo wanje ni uko yama anyumviriza kandi ntiyirengagize ibindaje ishinga. Naho ataba abona ibintu nk’uko ndabibona, araha agaciro ivyiyumviro vyanje. Ntiyigera atuma mboneka ko ndi ikijuju kubera uko niyumva.”​—Jade n’umugabo wiwe Corey.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika