ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwfq ikiganiro 60
  • Ivyabona vya Yehova boba bahata abana babo ngo na bo babe Ivyabona?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyabona vya Yehova boba bahata abana babo ngo na bo babe Ivyabona?
  • Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyabona vya Yehova boba baca bareka kwifatanya n’abana babo iyo bahisemwo kutabatizwa?
  • Kubera iki Ivyabona vya Yehova bajana n’abana babo kuvuga ubutumwa?
  • Ivyabona vya Yehova boba bahimbaza imisi mikuru?
  • Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Nusenge Imana mu kuri
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Kubera iki Ivyabona vya Yehova badahimbaza imisi mikuru imwimwe?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
ijwfq ikiganiro 60
Agakobwa kariko karatwenga abavyeyi bako bariko barakigisha Bibiliya.

Ivyabona vya Yehova boba bahata abana babo ngo na bo babe Ivyabona?

Oya, kubera ko gusenga Imana ari ingingo umuntu wese yifatira. (Abaroma 14:12) Ivyabona vya Yehova barigisha abana babo ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ariko abo bana bamaze gukura ni bo bifatira ingingo yo kuba canke kutaba Ivyabona vya Yehova.​—Abaroma 12:2; Abagalatiya 6:5.

Cokimwe n’abandi bavyeyi bose, Ivyabona vya Yehova bipfuriza ineza abana babo. Barabigisha ibintu babona ko bizobagirira akamaro: nk’imyuga, ingingo zigenga inyifato runtu, bakabigisha n’ibijanye n’ukwizera kwabo. Ivyabona vya Yehova baremera ko kwisunga ivyo Bibiliya yigisha bituma umuntu agira ubuzima bwiza. Ku bw’ivyo, barayigisha abana babo, bakongera bakabajana ku makoraniro ajanye no gusenga. (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7) Umwe wese muri abo bana amaze gukura, arifatira ingingo yo kuguma mw’idini ry’abavyeyi canke kutarigumamwo.

  • Ivyabona vya Yehova boba babatiza inzoya?

  • Ivyabona vya Yehova boba baca bareka kwifatanya n’abana babo iyo bahisemwo kutabatizwa?

  • Kubera iki Ivyabona vya Yehova bajana n’abana babo kuvuga ubutumwa?

  • Ivyabona vya Yehova boba bahimbaza imisi mikuru?

  • Abarerewe mu Vyabona vya Yehova biyumva gute?

Ivyabona vya Yehova boba babatiza inzoya?

Oya. Bibiliya ntishigikira ivyo kubatiza inzoya. Nk’akarorero, yerekana ko imbere y’uko abakirisu bo mu kinjana ca mbere babatizwa, babanje kwumva ubutumwa, ‘barabwakira n’umutima wabo wose’ hanyuma barigaya. (Ivyakozwe 2:14, 22, 38, 41) Rero, kugira umuntu abatizwe ategerezwa kuba akuze bihagije ku buryo ashobora gutahura ivyo Bibiliya yigisha, akavyemera maze agahitamwo kubaho avyisunga. Ivyo na vyo inzoya nta vyo zishoboye.

Uko umwana akura, arashobora kwihitiramwo kubatizwa. Ariko ategerezwa kuba atahura neza uwo mwiyemezo aba agize.

Ivyabona vya Yehova boba baca bareka kwifatanya n’abana babo iyo bahisemwo kutabatizwa?

Oya. Naho abavyeyi b’Ivyabona bababara iyo umwana wabo atagumye mw’idini ryabo, babandanya kumukunda kandi ntibaca bareka kwifatanya na we ngo ni kubera gusa yanse kuba Icabona.

Umuhungu ahejeje kubatizwa mu kwibizwa mu mazi menshi.

Umuntu uwo ari we wese, naho yoba afise imyaka ingahe, ni we yifatira ingingo yo kubatizwa

Kubera iki Ivyabona vya Yehova bajana n’abana babo kuvuga ubutumwa?

Hariho imvo nyinshi zituma tujana n’abana bacu kuvuga ubutumwa.a

  • Bibiliya isaba abavyeyi kwigisha bana babo ivyerekeye Imana, bakabigisha no kuyisenga. (Abanyefeso 6:4) Kubera ko mu gusenga harimwo kuvuga icese ivyo umuntu yizera, kuvuga ubutumwa ni kimwe mu bintu bihambaye umwana yigishwa ku vyerekeye Imana.​—Abaroma 10:9, 10; Abaheburayo 13:15.

  • Bibiliya iraremesha mu buryo butomoye abakiri bato ‘gushemeza izina ry’Uhoraho.’ (Zaburi 148:12, 13, Bibiliya Yera) Uburyo nyamukuru bwo gushemeza Imana ni ukubwira abandi ibiyerekeye.b

  • Igihe abana bajanye n’abavyeyi babo kuvuga ubutumwa birabagirira akamaro. Nk’akarorero, baramenya kuganiriza abantu batandukanye kandi bakiga kugaragaza kamere nziza nk’impuhwe, umutima mwiza, icubahiro no kutikunda. Biratuma kandi batahura neza ibintu bemera bishingiye ku Vyanditswe.

Ivyabona vya Yehova boba bahimbaza imisi mikuru?

Ivyabona vya Yehova ntibahimbaza imisi mikuru y’idini canke iyindi misi mikuru idashimwa n’Imana.c (2 Abakorinto 6:14-17; Abanyefeso 5:10) Nk’akarorero, ntiduhimbaza imisi mikuru y’ivuka canke Noweli kubera ko idakomoka mu bakirisu.

Naho ari ukwo, turakunda guteramira hamwe n’umuryango kandi tugaha abana bacu ingabire. Turatunganya ivyo guteramira hamwe n’umuryango hamwe no guha ingabire abana bacu mu kiringo ico ari co cose mu mwaka. Ntiturindira ngo tubikore ku misi kanaka y’umwaka.

Sebibondo na inabibondo bazaniye agahungu kabo n’agakobwa kabo amakado atekeye.

Abavyeyi bakirisu barakunda guha ingabire abana babo

Abarerewe mu Vyabona vya Yehova biyumva gute?

  • “Kuvuga ubutumwa vyaranyigishije kwubaha abandi, ntarinze kuraba ivyo bemera canke ukuntu bamfashe. Vyongeye, igihe turiko turavuga ubutumwa, abandi baratubwira ibibaraje ishinga n’ingorane bafise. Ivyo vyaranyigishije kutiyumvira ivyanje gusa, ahubwo nkitwararika ukuntu abandi biyumva kandi nkihweza ivyo boba bakeneye.”​—Tara.d

  • “Abavyeyi banje ntibampase ngo mbe Icabona. Bama bambwira ko ari jewe nzokwihitiramwo. Igihe cose nabaza mama ikibazo kijanye n’ivyo Ivyabona bemera, yaca ambaza ati: ‘Waragize ubushakashatsi?’ Rero nama ngira ubushakashatsi, maze bituma njijuka neza ko iryo ari ryo dini ribereye kuri jewe, atari gusa kubera ko ari idini abavyeyi banje barimwo.”​—Ellie.

  • “Sinigeze numva ko hari ikintu ndiko ndahomba ngo ni uko tudahimbaza imisi mikuru. Imisi yose muri wikendi nama ndi kumwe n’ibindi Vyabona. Twarafungurira hamwe, tugatamba, tugakina n’udukino. Abana twigana bama bambwira ko niryohera kubarusha.”​—Melissa.

  • “Naho natahura igituma tudahimbaza Noweli, hari igihe numva umenga hari ico ndiko ndahomba. Icamfashije ni uko abavyeyi banje bama batumira incuti n’abagenzi. Ndibuka kandi ko bampa ingabire.”​—Miguel.

a Muri rusangi, abana b’Ivyabona ntibaja kuvuga ubutumwa batari kumwe n’abavyeyi babo canke uwundi muntu akuze.

b Bibiliya irimwo uburorero bw’abana batari bake banezereje Imana kubera ko babwiye abandi ibiyerekeye.​—2 Abami 5:1-3; Matayo 21:15, 16; Luka 2:42, 46, 47.

c Raba ikiganiro kivuga ngo “Kubera iki Ivyabona vya Yehova badahimbaza imisi mikuru imwimwe?”

d Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika