Imana yarampojeje mu bigeragezo vyose vyanshikiye
NK’UKO VYAVUZWE NA VICTORIA COLLOY
Hari umuganga yabwiye mawe ati: “Nta kindi kintu twokorera umukobwa wawe. Azobwirizwa gukoresha ibibando no kwambara ibintu bishigikira amaguru imyaka yose asigaje kubaho.” Naravunitse umutima bimwe bikomeye! None nari gukora iki kandi ntashoboye kugenda?
NAVUKIYE i Tapachula muri Chiapas muri Megizike, ku wa 17 Munyonyo 1949. Nari umwana ahimbawe kandi afise amagara meza, nkaba nari imfura mu bana bane. Mugabo maze amezi atandatu nararetse bukwi na bukwi kwavura bikaba kandi bitanyorohera kuva aho ndi. Haciye amezi abiri sinari ngishobora na gato kuva aho ndi. Abaganga bo mu karere twabamwo barazazaniwe, kubera ko n’abandi bana b’i Tapachula bari bafise ibimenyetso vy’iyo ndwara. Ku bw’ivyo umuganga umwe w’amagufa wo mu gisagara ca Mexico yaraje maze aradusuzuma. Yasanze turwaye indwara y’ubukangwe.
Igihe nari mfise imyaka itatu, narabazwe mu mafyinga, mu mavi, no mu maso y’ikirenge. Mu nyuma urutugu rwanje rw’iburyo na rwo nyene rwarafashwe bimwe bikomeye. Igihe nari mfise imyaka itandatu, narajanywe mu gisagara ca Mexico kugira ngo mbandanye kuvurirwa ku bitaro vy’abana. Kubera ko mawe yakorera kw’iyororero-rimiro ryari i Chiapas, naciye ngumana na nyokuru mu gisagara ca Mexico. Ariko rero, umwanya munini nawumara mu bitaro.
Igihe nari mfise nk’imyaka umunani, naragize ka mitende. Mugabo mu nyuma ibintu vyarunyutse, ntivyaba bigishoboka ko mva aho ndi, ivyo bikaba vyagiye biraba buhorobuhoro. Abaganga baciye bavuga yuko nobwirijwe gukoresha ibibando hamwe n’ibintu bishigikira amaguru mu myaka yose nari nsigaje kubaho.
Igihe nari mfise imyaka 15, nari maze kubagwa incuro 25. Izo ncuro zose nabazwe uruti rw’umugongo, amaguru, amavi, amaso y’ibirenge, n’amano. Igihe cose naba mbazwe, naca mara igihe ndiko ndamenyerezwa kugira ngo nsubire kumera nk’uko nahora. Igihe kimwe maze kubagwa, amaguru yanje yaciye ashirwako isima. Igihe bankurako iyo sima, nategerejwe kuza ndagira imyimenyerezo ibabaza yo kuyanonora.
Ndonka uruhoza nyakuri
Igihe nari mfise imyaka 11, mawe yaraje kundaba nkaba nariko ndakira aho nari nabazwe. Yari yaramenye ko Yezu yakijije abarwaye yongera mbere arakiza ikimuga kiratambuka. Yarampaye ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi gisohorwa n’Ivyabona vya Yehova, kino kikaba ari co yari yarakuyemwo ivyo bintu. Naciye ndakinyegeza munsi y’umusego wanje, mugabo igihe kimwe ndabura aho cagiye. Abaforoma bari babonye aho ico kinyamakuru kiri maze baragitwara. Barampambariye bampora yuko ndagisoma.
Haciye nk’umwaka, mawe yaragarutse kundaba avuye i Chiapas. Ico gihe yigana Bibiliya n’Ivyabona. Yaranzaniye igitabu gifise umutwe uvuga ngo Du paradis perdu au paradis reconquis.a Mawe yambwiye ati: “Nimba ushaka kuba muri iyo si nshasha yasezeranywe aho Yezu azogukiza, utegerezwa kwiga Bibiliya.” Naho nyokuru yandwanya, naciye rero ntangura kwigana n’Ivyabona vya Yehova mfise nk’imyaka 14. Umwaka wakurikiye narasabwe kuva kuri ivyo bitaro kubera ko vyari bigenewe abana batoyi gusa.
Nihanganira ingorane
Naratuntuye cane. Kubera ko nyokuru yandwanya, vyarabaye ngombwa ko nsubira i Chiapas kubana n’abavyeyi banje. Ariko rero, i muhira hariho ingorane kubera yuko dawe yari imborerwa. Naramaze igihe mbona ko kubaho ata co bimaze. Nariyumviriye kwiha ishano. Mugabo kubera ko nabandanije kwiga Bibiliya, narahinduye ukuntu nabona ibintu. Umuhango Bibiliya itanga werekeye isi y’iparadizo waratumye ngira agahimbare.
Naciye ntangura kuyagira abandi ibijanye n’ico cizigiro ciza igitangaza Bibiliya itanga. (Yesaya 2:4; 9:6, 7; 11:6-9; Ivyahishuwe 21:3, 4) Amaherezo, narabatijwe mba Icabona ca Yehova ku wa 8 Rusama 1968, ico gihe nkaba nari mfise imyaka 18. Ndamara amasaha arenga 70 ndiko ndabwira abandi icizigiro catumye mbandanya kubaho, ivyo nkaba nabitanguye mu 1974.
Ubuzima burimwo agahimbare kandi buri n’ico buvuze
Mu nyuma, twe na mawe twarimukiye mu gisagara ca Tijuana, hafi y’urubibe Megizike ihana na Leta Zunze Ubumwe. Twe na mawe turabana, tukaba tuba ahantu dushobora kuronka ivyo dukeneye. Ndacashobora kugendagenda iruhande y’inzu yacu mfashijwe na vya bintu bishigikira amaguru be na vya bibando, kandi ndakoresha agakinga k’ibimuga, nkaba ndakicaramwo igihe ndiko ndateka, igihe ndiko ndamesura impuzu zanje be n’igihe ndiko ndazigorora. Mu kwamamaza inkuru nziza, ngendera mu kantu kameze nk’akaduga kakozwe hisunzwe uko ivyanje vyifashe.
Uretse ko mbwira abantu inyigisho zo muri Bibiliya ku mabarabara no mu mihana yabo, ndakunda kuja ku bitaro biri hafi y’aho tuba maze nkagiranira ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya n’abantu bari hanze barindiriye kubonana n’umuganga. Igihe mba mpejeje kuganira na bo, nca nyonga akaduga kanje nkaja kw’isoko gusuma ivyo dukeneye vyose ngaheza ngasubira i muhira gufasha mawe guteka no gukora utundi dukorwa tw’i muhira.
Kugira ngo turonke amahera yo kugura ivyo dukeneye, ndagurisha impuzu za kombokombo. Ubu mawe afise imyaka 78 kandi hari ivyo atagishobora gukora kubera yuko yafashwe n’indwara y’umutima incuro zitatu. Ku bw’ivyo, nditwararika ibijanye n’imiti be n’ibifungurwa afata. Naho dufise amagara make, turihatira kwitaba amakoraniro y’ishengero. Abantu barenga 30 twiganye Bibiliya uko imyaka yagiye irarengana na bo nyene basigaye bagira uruhara mu kwamamaza inkuru nziza.
Ndemera ntakeka yuko uwu muhango Bibiliya itanga amaherezo uzoranguka, na wo ukaba ugira uti: “Ico gihe [mw’isi nshasha y’Imana] uwucumbagira azonanagira nk’ifumbēri.” Mu kurindira ko ico gihe kigera, aya majambo y’Imana arampoza, ayagira ati: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe. Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri. Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi.”—Yesaya 35:6; 41:10.b
[Utujambo tw’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova mu 1958, mugabo ubu ntikigicapurwa.
b Victoria Colloy yapfuye ku wa 30 Munyonyo 2009, afise imyaka 60. Nyina wiwe yapfuye ku wa 5 Mukakaro 2009.
[Ifoto ku rup. 31]
Nambaye ibishigikira amaguru mfise imyaka indwi
[Ifoto ku rup. 32]
Igihe ndiko ndamamaza inkuru nziza, ngendera mu kantu kameze nk’akaduga kakozwe hisunzwe uko ivyanje vyifashe