Bibiliya Irahindura Ubuzima Bw’abantu
UMUVYEYI umwe yirerana abana wo mu Burusiya yari yariziziwe n’ibiyayuramutwe, yashoboye gute gutsinda iyo ngeso, araryohora ubucuti yari afitaniye n’abana biwe? Umugabo umwe w’i Kyoto mu Buyapani atagira aho aba, ni igiki camukomeje kikanamufasha kugira umutima rugabo ku buryo atsinda utugeso twari twatumye yugarizwa n’ubukene? Ni igiki cashoboje umwungere umwe wo muri Ositaraliya guheba ingeso yari afise yo kunywa birenze urugero? Rimbura ivyo abo bantu batuyagira.
“Naratahuye yuko njejwe ibanga ryo kwitunga no gutunga abana banje.”—NELLY BAYMATOVA
IMYAKA: 45
IGIHUGU AKOMOKAMWO: UBURUSIYA
IVYO YACIYEMWO: YARI YARIZIZIWE N’IBIYAYURAMUTWE
KAHISE KANJE: Nakuriye i Vladikavkaz, umugwa mukuru wa Repubulika ya Osetiya yo mu Buraruko (iyisigaye yitwa Alaniya). Umuryango wacu novuga ko wari utunze. Ariko naho twari tworohewe mu vy’umubiri, sinari mpimbawe mu buzima. Igihe nakwiza imyaka 34, nari maze kwubaka kabiri zisambuka. Nari maze imyaka cumi mfise ingeso yo gufata ibiyayuramutwe, nkaba naragiye kwa muganga kabiri kugira ngo bamfashe mu bijanye n’iyo ngeso. Naho nari mfise abana babiri, ico gihe nta rukundo namba nari ndabafitiye; eka nta n’imigenderanire isanzwe nari mfitaniye n’incuti be n’abagenzi.
Mawe yari amaze kuba Icabona ca Yehova, kandi narakunda kwumva ariko ararizwa n’ivyanje yongera asaba Yehova ngo amfashe. Naca niyumvira nti: ‘Ariko mawe na we arizera akarenza! Yehova yomfasha gute?’ Vy’ukuri naragerageje guheba ibiyayuramutwe. Ariko sinari nshoboye guheba iyo ngeso ata wubimfashijemwo. Igihe kimwe, nari namaze imisi ibiri ntafata ibiyayuramutwe. Naciye numva nkeneye kuva mu nzu, ni kwo guca nca mw’idirisha ndasimba. Ikibabaje ni uko nasimvye mvuye hejuru mw’igorofa. Naraguye mvunika ukuboko n’ukuguru, umugongo na wo urahasigara. Naciye mara ukwezi kurenga ndi ku musego.
Mu kiringo namaze ndiko ndatora mitende, mawe yaranyitayeho atantako umwikomo. Yaratahura yuko ntari meze neza mu mutima no mu bwenge. Ariko yaransigiye iruhande y’igitanda ibinyamakuru Réveillez-vous !a Nagiye ndasoma kimwekimwe, kandi ivyo binyamakuru nasanze bishimishije cane kandi vyigisha. Naciye mfata ingingo yo kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Kimwe mu vyo Bibiliya yanyigishije ni ukuba umuntu yitwararika ibanga ajejwe. Aho kuguma nitega ko mawe aba ari we amenya muri vyose, naratahuye yuko njejwe ibanga ryo kwitunga no gutunga abana banje. Kubera ko nari maze igihe kirekire nkora ivyo nishakiye, gukora akazi ntahorereza ntivyanyoroheye.
Ikindi camfashije vy’ukuri, ni impanuro iri mu Gusubira mu vyagezwe 6:5-7 iremesha abavyeyi kwigisha abana babo ibijanye n’Imana. Naratahuye yuko nari mfise ico mbazwa n’Imana ku bijanye n’ukuntu narera abana banje. Ico kintu caramvyuriye umutima wo gutangura kuza ndamarana umwanya na bo no kubakunda nk’uko bibereye.
Narakengurutse bivuye ku mutima kuba Yehova yarankundiye nkamenya ukuri ku bimwerekeye. Naciye rero ndamwiyegurira maze ndabatizwa mba Icabona ca Yehova.
IVYIZA NAHAKUYE: Kubera ko nize gucungera ibishavushavu nahorana, ubucuti mfitaniye na mawe bwararushirije kuba bwiza. Ubucuti mfitaniye n’abana banje na bwo nyene busigaye ari bwiza gusumba.
Kubera ko nize kwanka ivyo Imana yanka, nyinshi mu ngorane zanshikira kubera ukuntu nari mbayeho zaraheze. Ubu ndahimbarwa cane no gufasha abandi kumenya ukuri kwerekeye Yehova, ya Mana yacu yuzuye urukundo.
“Mbona yuko ubuzima bwanje bwarokowe koko.”—MINORU TAKEDA
IMYAKA: 54
IGIHUGU AKOMOKAMWO: UBUYAPANI
IVYO YACIYEMWO: YABA MW’IBARABARA
KAHISE KANJE: Nakuriye mu gisagara ca Yamaguchi ndi kumwe na dawe be na nyokuru. Mawe sinigeze ndamubona. Igihe nari mfise imyaka 19, nyokuru yarapfuye maze mbandanya kubana na dawe. Nakora akazi ko gukinjika, kandi na dawe nyene yakora mu bijanye n’ibifungurwa. Kubera ko amasaha yacu y’akazi yari atandukanye, twabonana gake. Nasanze nsigaye mfise akamenyero ko gukora amasaha menshi cane no gusangira inzoga n’abagenzi.
Uko igihe carengana, ni ko numva akazi nakora kandambiye. Twarashwanye n’umukoresha wanje, ntangura no kunywa cane kuruta uko nahora. Mu nyuma igihe nariko ndegereza imyaka 30, narafashe ingingo yo gufata urugendo nkava i muhira. Amahera amperanye naciye ntangura gukorera ahantu bakinira akamari. Narakundanye n’umwigeme umwe maze turubakana. Ariko haciye imyaka ibiri n’igice gusa twaratandukanye.
Nari mfise intuntu nkaba n’umuntu w’umunyabute, kandi nasigaye mfitiye amadeni menshi abangurana amahera. Narahunze abanyishuza nja kuba ndabanye na dawe mu gisagara canje c’amavukiro, ariko dawe naramubeshe maze bituma tutumvikana. Naramutwaye amahera, mara igihe ntunzwe n’akamari. Ubukene bwahavuye bunyugariza maze mara igihe mba ku gituro c’amagariyamoshi. Narimukiye i Hakata, mu nyuma nimukira i Himeji, amaherezo nja mu gisagara ca Kyoto. Naramaze imyaka nk’ingahe nibera mw’ibarabara.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Igihe kimwe mu 1999, nari mw’iparike hafi y’Uruzi Kamogawa i Kyoto, maze abagore babiri baranyegera. Umwe muri bo ambaza ati: “Woshima kwiga Bibiliya?” Nanje nti: ‘Egome.’ Abakirisu bahumuye bo mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ryo ng’aho baranyigishije Bibiliya, baramfasha kubona akamaro ko gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zayo. Bangiriye inama yo kurondera akazi be n’aho mba. Kugira ndabanezereze naragiye mu mibonano nk’ingahe yo kubazwa ibibazo vy’abasaba akazi, ariko mu ntango nta shaka nabishiramwo. Mugabo mu nyuma naratanguye gusenga nsaba imfashanyo nongera ndarondera akazi ata gufyina, kandi nahavuye ndakaronka.
Isengesho ryaramfashije no mu kigeragezo gikomeye cane canshikiye. Bamwe banyishuza nari narahunze barampize hasi hejuru barandonka maze bansaba kubishura. Vyaranshuhije umutwe. Mu busomyi bwa Bibiliya nagira ku musi ku musi naciye mbona icanditswe co muri Yesaya 41:10. Muri ico canditswe, Imana yasezeraniye abasavyi bayo b’abizigirwa iti: “Nzogutabara.” Uwo muhango warankomeje, utuma ngira n’umutima rugabo. Naragize akigoro gakomeye, ndahava ndatunganya ingorane nari mfise z’amahera. Mu 2000, narakwije ibisabwa ndabatizwa mba Icabona ca Yehova.
IVYIZA NAHAKUYE: Ivyo nize muri Bibiliya vyaramvyuriye umutima wo kugerageza kunagura imigenderanire yanje na dawe, kandi yarampariye ku nyifato nari naragize. Yararyohewe cane kubona narize kubaho nisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Mbona yuko ubuzima bwanje bwarokowe koko bivanye n’uko natanguye kubaho nisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.
N’ikindi kandi, ubu ndashoboye gukora kugira ndonke ikintunga. (Abanyefeso 4:28; 2 Abanyatesalonika 3:12) Nararonse n’abagenzi nyakuri mw’ishengero rya gikirisu. (Mariko 10:29, 30) Ndakenguruka bivuye ku mutima ivyo Yehova yanyigishije.
“Ntivyanyoroheye guhindura ivyo nari nkeneye guhindura.”—DAVID HUDSON
IMYAKA: 72
IGIHUGU AKOMOKAMWO: OSITARALIYA
IVYO YACIYEMWO: NARANYWA NKARENZA URUGERO
KAHISE KANJE: Nari uwa 11 mu bana abavyeyi banje Willie na Lucy bari baravyaye. Umuryango wacu waba mu kigwati c’abasangwabutaka bo muri Ositaraliya citwa Aurukun cari mu Buraruko bwa kure bw’akarere ka Queensland. Ico kigwati ca Aurukun cari cubatswe ku nkengera z’uruzi ruteye igomwe rwitwa Archer, hafi y’ikiyaga. Tukiri abana, abavyeyi bacu baratwigishije guhiga no kuroba kugira ngo tumenye ingene twokwibako. Ico gihe, hariho itegeko rya Leta ryabuza twebwe abasangwabutaka bo muri Ositaraliya gukoresha amahera, kandi ntitwemererwa kuba ahandi atari mu karere twaba twagenewe.
Abavyeyi banje nta ko batagize ngo bamfashe kugira imico myiza kandi baratwigishije twese abana babo kwubaha abageze mu zabukuru b’aho tubaye no gusabikanya n’abandi utwo dufise. Ivyo vyatumye abageze mu zabukuru bose tubafata nka ba mawe na ba dawe, abandi na bo nka ba datawacu na ba marume canke ba mamawacu na ba senge.
Dawe yapfuye mfise imyaka indwi, maze twimukira mu kigwati c’abasangwabutaka bo muri Ositaraliya cegukira abamenyeshamana cari i Mapoon, nko ku bilometero 150 mu Buraruko bw’i Aurukun. Mfise imyaka 12, naratanguye kwiga akazi ko kwitaho amafarasi n’inka, kandi narabaye umwungere ku mararo menshi gushika negereje imyaka 50. Ubwo buzima bwari bugoye. Naranywa cane kandi kenshi. Ivyo vyaranteje ingorane n’imibabaro.
Igihe kimwe naranyoye ndarenza urugero, maze mva mw’ihoteli imwe nandika umunani, nsanga niroshe mu muduga wariko ugenda nk’uwasaze. Imyaka ibiri yakurikiye nayimaze ndiko ndavurwa nongera menyerezwa kugira ngo nsubirane, ka kazi nakora k’ubwungere na ko mba ndasezeye.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Mu kiringo namaze bariko baramfasha gusubirana, hari umugenzi wanje w’umwigeme yanzaniye ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! vyo gusoma. Ariko kubera ko nari mfise amashure make, sinari nzi gusoma neza. Umusi umwe rero umutama w’imyaka 83 yarangendeye, uwo musi hakaba hari hashushe cane. Naramuhaye ikaze mu nzu ngo ndamuhe amazi akanye. Yarampaye ibitabu bishingiye kuri Bibiliya aca arambaza nimba yogaruka kunsigurira ibirimwo. Twahavuye dutangura kwigana Bibiliya tudahorereza. Naratanguye kubona ko nari nkeneye kugira ivyo mpinduye muri kamere yanje no mu buryo nari mbayeho kugira ngo nshobore guhimbara Imana.
Ntivyanyoroheye guhindura ivyo nari nkeneye guhindura. Ariko bivanye n’indero mawe yari yarampaye, narubaha cane uwo mutama twigana Bibiliya, nkubaha cane n’ivyo yamfasha gutahura bijanye n’Imana. Naho vyari ukwo, naragonanywe kwegurira Imana ubuzima bwanje. Nabona yuko mbwirizwa kumenya akantu kose kanditse muri Bibiliya.
Ariko rero mu nyuma, umuntu umwe twakorana yaramfashije kubona neza ibintu ku bijanye n’ico kibazo. Yari Icabona ca Yehova. Yaranyeretse iciyumviro kiremesha dusanga mu Bakolosayi 1:9, 10. Ico canditswe kivuga yuko dukwiye kubandanya “kugwira mu bumenyi butagira amakosa bw’Imana.” Uwo mukozi twakorana yaramfashije gutahura yuko nokwamye niga ibintu bishasha, akaba ari co gituma ata mvo vy’ukuri nari mfise yo kureka ubumenyi bwanje bubayabaye ngo bumbuze gutera imbere.
Nakozwe ku mutima canecane igihe natangura kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova. Nariboneye ingene abantu bakuriye mu mico itandukanye bunze ubumwe mu gusenga Imana. Ubwo bumwe bwaranjijuye vy’ukuri yuko nari nubuye idini ry’ukuri, maze mu 1985 ndabatizwa mba Icabona ca Yehova.
IVYIZA NAHAKUYE: Nararyohoye uburyo nsoma, ubu nkaba mara amasaha menshi buri ndwi mfasha abandi gusoma Bibiliya no kuyiga. Ikindi kandi, wa mugenzi wanje w’umwigeme yari yaranzaniye ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! vyo gusoma, na we nyene yariganye Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, arabatizwa, ubu akaba ari umukenyezi wanje anyikundira. Twempi turahimbarwa vy’ukuri no gufasha abandi bantu bo mu kigwati c’abasangwabutaka bo muri Ositaraliya kwiga ivyerekeye Yehova Imana.
[Akajambo k’epfo]
a Vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 21]
Twe n’umukenyezi wanje turahimbarwa vy’ukuri no gufasha abandi bantu bo mu kigwati c’abasangwabutaka bo muri Ositaraliya kwiga ivyerekeye Imana