ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/12 rup. 16-18
  • Igihe wumva warambiwe n’ubuzima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe wumva warambiwe n’ubuzima
  • Be maso!—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uri mu bandi!
  • Igihe ivyo bidahagije
  • Sinokwiyahura bigahera biheze?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Bibiliya yoba yomfasha igihe noba numva nshaka kwiyahura?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Akabonge
    Be maso!—2013
  • Yehova ni we ‘buhungiro bwacu mu bihe vy’amagorwa’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Be maso!—2012
g 4/12 rup. 16-18

Igihe wumva warambiwe n’ubuzima

BURI mwaka, abantu ibihumbi mirongo mu baba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika honyene bararondera kwiyahura. Bibiliya iratanga imvo nyamukuru ituma abantu benshi bihebura gutyo. Isigura yuko turi “mu bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” Abantu barakarirwa cane n’imikazo yo mu buzima. (2 Timoteyo 3:​1; Umusiguzi 7:​7) Igihe umuntu arengewe n’amaganya yo mu buzima, yoshobora kwiyumvira ko kwiyahura ari bwo buryo bwo guhunga imibabaro. Wokora iki nimba warigeze kugira ivyiyumviro nk’ivyo?

Uri mu bandi!

Naho nyene woshobora kubona umenga ivyawe vyifashe nabi cane, uribuka yuko uri mu bandi be n’uko abantu nka bose bariko baranyinyana n’ingorane yinaka muri iki gihe, ico kikaba ari ikintu kibabaje. Bibiliya ivuga iti: “Ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe.” (Abaroma 8:​22) Naho mu ntango woshobora kubona umenga ingorane yawe ntizokwigera itorerwa umuti, akenshi ibintu birarushiriza kumera neza uko haca igihe. Mu kurindira ko bimera neza, ni igiki coba kiragufasha?

Niwiture umugenzi ahumuye kandi wizigiye. Bibiliya ivuga iti: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.” (Imigani 17:​17) Wa mugabo w’umugororotsi Yobu avugwa muri Bibiliya yaraseruriye abandi akari ku mutima igihe yari mu mubabaro mwinshi. Igihe yiyumvamwo ico yise ngo ni ‘ugushishwa n’ubuzima bwiwe,’ yavuze ati: “Nzosuka amaganya yanje y’ibinyerekeye. Nzovuga ndundumiwe mu mutima!” (Yobu 10:​1) Kwitura abandi birashobora kugabanya umubabaro ufise, kandi vyoshobora gutuma ubona mu bundi buryo ingorane ziriko ziragushikira.a

Nusuke ibiri mu mutima wawe imbere y’Imana mw’isengesho. Hari abiyumvira ko isengesho ari ikintu gusa abantu bishiramwo ko gishobora kubafasha, mugabo Bibiliya yo si uko ibibona. Muri Zaburi 65:​2 havuga yuko Yehova Imana ‘yumva amasengesho,’ muri 1 Petero 5:​7 na ho hakavuga yuko ‘ababara’ abantu. Bibiliya irashimika akatari gake ku kamaro ko kwiheka ku Mana. Nk’akarorero:

“Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite. Mu nzira zawe zose umwibuke, na we azogorora iminyuro yawe.”​—⁠IMIGANI 3:​5, 6.

“Icipfuzo c’abamutinya azogishitsa, kandi azokwumva ugutabaza kwabo, abakize.”​—⁠ZABURI 145:​19.

“Uku ni kwo guhera amazinda dufise kuri yo: ni uko ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva.”​—⁠1 YOHANI 5:​14.

“Yehova ari kure y’ababisha, mugabo yumva isengesho ry’abagororotsi.”​—⁠IMIGANI 15:​29.

Niwabwira Imana ingorane ufise, izogufasha. Ni co gituma Bibiliya ituremesha iti: “Nimuyizigire ibihe vyose . . . Imbere yayo nimusuke umutima wanyu.”​—⁠Zaburi 62:​8.

Igihe ivyo bidahagije

Ivyigwa vyagizwe vyerekana yuko benshi mu bantu biyahura baba barigeze kumara igihe badendebukiwe.b Ivyo birerekana ko vyoshobora kuba ngombwa ko umuntu aja kwa muganga. Umuganga yoshobora kumwandikira umuti canke akamutegeka gufungura ibifungurwa binaka. Mu bihe bimwebimwe, umuganga yoshobora kumusaba kuza arinonora imitsi, ivyo bikaba vyoshobora kumufasha. Kwivuza vyarafashije abantu benshi.c

Bibiliya irimwo amakuru menshi ashobora kugufasha akongera agatuma ugira icizigiro. Nk’akarorero, mu Vyahishuwe 21:​4, Bibiliya ivuga ku vyerekeye Yehova Imana iti: “Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.” Uwo ni umuhango Imana itanga, kandi kuwuzirikana birashobora kuguhumuriza.

Ivyabona vya Yehova bariko barabwira ico cizigiro gishingiye kuri Bibiliya abantu amamiliyoni bo h’irya no hino kw’isi. Ivyo biratuma abantu benshi bagira icizigiro nyakuri muri ibi bihe biteza amarushwa. Ushaka kumenya n’ibindi, nubaze Ivyabona vya Yehova b’aho uba mu kuja ku Ngoro y’Ubwami y’aho iwanyu, canke mu kwandika ukoresheje aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 5 rw’iki kinyamakuru. Urashobora kandi kuja ku muhora wacu wo kuri Internet ari wo www.watchtower.org.

[Utujambo tw’epfo]

a Hari abaronse imfashanyo mu gutera akamo ikigo kijejwe kubuza abantu kwiyahura canke ikigo citaho ingorane zo mu mutwe.

b Ushaka ayandi makuru ku bijanye no kudendebukirwa, raba Be maso! (mu gifaransa) yo muri Mukakaro 2009, urupapuro rwa 3-9.

c Ikinyamakuru Be maso! ntikiremesha uburyo bunaka bwo kwivuza. Umwe wese arakwiye gusuzuma yitonze uburyo yipfuza guhitamwo imbere y’uko afata ingingo.

[Uruzitiro ku rup. 16]

IMFASHANYO BIBILIYA ITANGA

● “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.”​—⁠Abafilipi 4:​6, 7.

● “Narasiguje Yehova, na we aranyishura, andokora mu binca ivutu vyose.” ​—⁠Zaburi 34:​4.

● “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.”​—⁠Zaburi 34:​18.

● “Akiza abavunitse umutima, agatubika ahantu habababaza.”​—⁠Zaburi 147:​3.

[Uruzitiro ku rup. 17, 18]

NIMBA WIYUMVIRA KWIYAHURA . . .

Nubwire umugenzi wizigiye uko wiyumva

Nusuke ibiri mu mutima wawe imbere y’Imana mw’isengesho

Nuje kwa muganga

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 18]

IBIMENYESHEJWE INCUTI N’ABAGENZI

Igihe umuntu atuntuye ariko ariyumvira kwiyahura, abo mu muryango wiwe be n’abagenzi somambike ni bo akenshi batangura kubimenya. Guca bagira ico bakoze birashobora kurokora ubuzima bwiwe! Nimumwumvirize mubigiranye impuhwe. Nimwemere ko ariko araca mu bintu bigoye. Bibiliya ivuga iti: “Muyagishe abadendebukiwe n’ijwi ryirura.” (1 Abatesalonika 5:​14) Nimuhimirize uwo muntu atuntuye kurondera imfashanyo, kandi nimba bikenewe, murabe neza ko aronka iyo mfashanyo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika