ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/12 rup. 10-11
  • Ushobora gute kwikiranura n’abandi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ushobora gute kwikiranura n’abandi?
  • Be maso!—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nubabarire abandi ata gahigihigi
  • Nimubiyage
  • Niwiyumanganye
  • ‘Mubandanye Guharirana Ata Kangonongono’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Nuharire Abandi Ubikuye ku Mutima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Nukurikirane amahoro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Mubabarirane ata gahigihigi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Be maso!—2012
g 4/12 rup. 10-11

Twisunze Bibiliya

Ushobora gute kwikiranura n’abandi?

BIBILIYA ivuga ku vyerekeye abantu iti: “Bose ba[ra]cumuye bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana.” (Abaroma 3:​23) Kubera yuko abantu barenga imiliyaridi indwi baba kw’isi badatunganye, habwirizwa kuba ukudahuza. Twoshobora gute none kwikiranura n’abandi ibintu vyifashe gutyo?

Bibiliya iratanga impanuro nziza. Ivuga ko Umuremyi wacu ari “Imana y’amahoro,” ikaba yitwa Yehova. (Abaheburayo 13:​20; Zaburi 83:​18) Imana yipfuza ko abana bayo bo kw’isi babana mu mahoro. Kandi iratanga akarorero muri ivyo. Igihe umugabo n’umugore ba mbere bacumura ku Mana, bagahagarika imigenderanire irangwa amahoro bari bafitaniye na yo, yaciye igira ivyo ikoze kugira ngo yisubize hamwe n’abantu yaremye. (2 Abakorinto 5:​19) Raba ibintu bitatu wokora kugira ngo wikiranure n’abandi.

Nubabarire abandi ata gahigihigi

Bibiliya ivuga iki? “Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi. Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo.”​—⁠Abakolosayi 3:​13.

Kubera iki bigora? Kumbure urafise ikintu cumvikana ‘widogera’ uwagukoreye ikosa, ukaba wumva ko ufise imvo yumvikana yo guhagarika imigenderanire wari ufitaniye na we. Woshobora kandi kwiyumvira yuko nyene kugukorera ikosa ari we akwiye kubanza gusaba imbabazi. Mugabo, mu gihe uwo muntu atazi ikosa yakoze canke akaba abona ko ari wewe uri mw’ikosa, iyo ngorane yoshobora kutazokwigera ihera.

Wokora iki none? Nukurikize impanuro Bibiliya itanga mu kubabarira uwo muntu ata gahigihigi, na canecane igihe iyo ngorane idahambaye. Uribuka yuko mu gihe Imana yoguma iharura amakosa dukora, tutokwigera duhagarara imbere yayo. (Zaburi 130:​3) Bibiliya ivuga yuko “Yehova [ari] umunyembabazi n’umunyempuhwe, ateba gushavura, kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo. Kuko ubwiwe azi neza ingene tubumbwe. Aribuka ko turi umukungugu.”​—⁠Zaburi 103:​8, 14.

Rimbura kandi uwu mugani wo muri Bibiliya ugira uti: “Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe; kandi kwirengagiza ikigabitanyo ni ubwiza kuri we.” (Imigani 19:​11) Ugutahura kwimbitse kuradufasha kubona kure, ni ukuvuga kumenya igituma abantu bavuga uku canke bakora uku. Niwibaze rero uti: ‘Uwo muntu yankoreye ikosa yoba yari arushe? Yoba yari arwaye canke yoba yari afise ibintu bimushuhije umutwe?’ Kumenya imvo nyakuri ziba zatumye abandi bakora ibintu, inyiyumvo bari bafise be n’uko ivyabo vyari vyifashe, vyoshobora gutuma udashavura cane bikongera bikagufasha kwihanganira amakosa yabo.

Nimubiyage

Bibiliya ivuga iki? “Nimba mwene wanyu acumuye, genda werekane neza ikosa ryiwe, hagati yawe na we mwenyene. Niyakwumviriza, uzoba ugaruye mwene wanyu.”​—⁠Matayo 18:​15.

Kubera iki bigora? Inyiyumvo zitabereye, nk’ubwoba, ishavu be n’ukumaramara, zoshobora kukubuza kwegera umuntu mufitaniye ingorane kugira ngo muyitorere umuti. Woshobora kandi kurondera ko abandi bagushigikira mu kubabwira ivy’iyo ngorane, ivyo bikaba vyotuma irushiriza gukomera.

Wokora iki none? Igihe ingorane iba ikomeye kandi ukaba ubona yuko udashobora kuyirengagiza, niwegere uwo muntu maze mubiyage. Nugerageze gutorera umuti iyo ngorane muri ubu buryo:

(1) Ntutebagane: Ntube nzobandabigira. Ubigenjeje gutyo, ingorane yoshobora kwunyuka. Nugerageze gukurikiza ya mpanuro Yezu yatanga igira iti: “Nimba . . . . uzanye ishikanwa ryawe ku gicaniro hanyuma ukahibukira ko mwene wanyu hari ico apfa nawe, nuce usiga ishikanwa ryawe ng’aho imbere ya nya gicaniro, hanyuma ugende; nubanze wikiranure na mwene wanyu, maze niwagaruka, ubone gushikana ishikanwa ryawe.”​—⁠Matayo 5:​23, 24.

(2) Muri mwenyene: Nunanire agatima ko kuvugavuga ibijanye n’iyo ngorane. “Niwiburanire kuri mugenzawe, kandi ntuhishure ikiyago c’akabanga c’uwundi.”​—⁠Imigani 25:​9.

(3) Mu mahoro: Nunanire agatima ko kurondera kumenya uwagirwa n’ikosa be n’uwo ritagira. Intumbero uba ufise ni iyo kwikiranura n’uwo muntu, si iyo gutsinda muri izo mpari. Nugerageze kuvuga ngo “jewe” aho kuvuga ngo “wewe.” Kubwira uwo muntu ngo “Nababajwe n’uko . . . ” vyoshobora kurushiriza kuvamwo ivyiza kuruta kuvuga ngo: “Wambabaje!” Bibiliya ibivuga muri ubu buryo iti: “Dukurikirane ibiremesha amahoro be n’ivyubaka abandi.”​—⁠Abaroma 14:​19.

Niwiyumanganye

Bibiliya ivuga iki ? “Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi. . . . Mugabo, ‘nimba umwansi wawe ashonje, mugaburire; nimba anyotewe, muhe ico anywa.’ ”​—⁠Abaroma 12:​17, 20.

Kubera iki bigora? Nimba mu ntango uwo muntu yanse ko mwikiranura, woshobora kwumva wotana n’akabando.

Wokora iki none? Niwihangane. Abantu usanga bafise inyiyumvo zitandukanye kandi badahumuye ku rugero rumwe. Bamwe usanga bibasaba igihe kinini kugira ngo baturure; abandi na bo ugasanga baraciga kugaragaza kamere zishimwa n’Imana. Nugume ubagaragariza umutima mwiza n’urukundo. Bibiliya ivuga iti: “Ntureke ngo utsindwe n’ikibi, ahubwo ugume utsinda ikibi ukoresheje iciza.”​—⁠Abaroma 12:​21.

Kugira ngo twikiranure n’abandi, turakeneye kwihatira kugaragaza ukwicisha bugufi, ugutahura kwimbitse, ukwihangana n’urukundo. Mugabo kubana n’abandi mu mahoro birabereye vy’ukuri yuko tuvyigorera!

WOBA UMAZE KUVYIBAZA?

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 11]

● Ni igiki kizogufasha kubabarira umuntu ata gahigihigi?​—⁠Abakolosayi 3:​13.

● Ni igiki cogufasha kwegera umuntu mwagiraniye ingorane kugira ngo mubiyage?​—⁠Matayo 5:​23, 24.

● Wokora iki mu gihe umuntu yanse ko mwikiranura?​—⁠Abaroma 12:​17-​21.

[Blurb ku rup. 11]

“Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe; kandi kwirengagiza ikigabitanyo ni ubwiza kuri we.”​—⁠IMIGANI 19:​11

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika