ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 8/12 rup. 26-28
  • Vyoba ari vyiza kwiba kugira uronke amanota meza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Vyoba ari vyiza kwiba kugira uronke amanota meza?
  • Be maso!—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki vyabaye ndanse?
  • Igituma udakwiye kubigira
  • Ukuri ni co kintu nyamukuru cotuma uroranirwa
  • Nokora iki hamwe noba ndiko ndananirwa kw’ishure?
    Urwaruka ruribaza
  • Bwoba vy’ukuri ari ubugunge?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Kwizigira abandi vyoba bigishoboka?
    Be maso!—2011
  • Kubera iki nkwiye kuba imvugakuri?
    Urwaruka ruribaza
Be maso!—2012
g 8/12 rup. 26-28

Vyoba ari vyiza kwiba kugira uronke amanota meza?

WOBA uri umunyeshure? Nimba uri we, ushobora kuba uzi abanyeshure mwigana batirisha kugira baronke amanota meza. Emwe, iyo ngorane ikwiye hose. Mu 2008, Ikigo citiriwe Josephson caragize itohoza ku banyeshure bashika 30.000 bo mu mashure yisumbuye yo muri Amerika. Ibice 64 kw’ijana bariyemereye ko muri uwo mwaka batirishije mu kibazo kanaka. Ariko rero, hari abavuga ko ico gitigiri coba kinarenga ibice 75 kw’ijana.

I Buraya na ho nyene gutirisha bisigaye ari ingorane ikomeye, canecane gukoporora ivyakozwe n’abandi. Ikiganiro casohowe mu kinyamakuru kimwe (Digithum) co kuri Internet kivuga giti: “Imihora ya Internet igurisha ibitabu vy’abahejeje kaminuza n’udukorwa tw’abanyeshure dusanzwe duteguye, ni ingorane nshasha kandi irushiriza gukomera.”

Ni kubera iki none gutirisha bisigaye vyabaye ndanse? Vyoba vyungura ababikora? Gucisha aho ukuri kuri vyoba ari vyo vyiza kuruta, naho vyoba bituma uronka amanota make?

Kubera iki vyabaye ndanse?

Itituka ry’indero. Ikinyamakuru kimwe (American School Board Journal) kivuga giti: “Abarezi benshi bavuga ko gutirisha vyagwiriye kubera itituka ry’indero ryo muri iyi si irangwa n’ubwikunzi.” Ku bijanye n’abanyeshure biganye mw’ishure ryakira abana b’incabwenge, umunyeshure umwe yiyemereye ati: “Twese . . . twaratirisha; twari dukeneye amanota yo kwinjira mu mashure mezameza. Twari abanyeshure beza kandi bisoneye; ntitwari abantu ata co bibanga . . . Twishakira gusa kuja muri kaminuza nzizanziza.” Hari n’abavyeyi bamaze kwandukirwa n’ako karanda. Kubera baba bashaka ko abana babo ngo baroranirwa, barashigikira ivyo gutirisha canke bakabirenzako uruho rw’amazi, bakaba barushirije gutitura indero y’abana babo.

Umukazo wo kuronka amanota. Nk’uko bivugwa n’uwitwa Donald McCabe, uwashinze Ikigo mpuzamakungu kijejwe gukingira akarangamutima mu mashure, abanyeshure batirisha babona ko babiretse bashobora kuburira aho abandi baronkera.

Ubuhinga bwa none. Ubuhinga bwa none buratuma abanyeshure boroherwa gutirisha kandi bakabigira mu buryo buhanitse. Barashobora gukoporora kuri Internet inyishu z’udukorwa bahawe kw’ishure bagaca bazihanahana n’abandi. Akenshi bake gusa ni bo bafatwa, kandi ivyo bituma n’abandi barinduka.

Akarorero kabi. Kwiba bisigaye ari ibisanzwe no mu bantu bakuze, nko mu rudandaza, mu vya politike, mu vy’inkino, eka mbere no mu ngo aho abavyeyi babesha mu bijanye n’amakori. Uwitwa David Callahan, uwanditse igitabu kimwe (The Cheating Culture) avuga ati: “Igihe abantu bafise ubukuru canke abobereye abandi akarorero biba, nibaza ko abakiri bato baca babona yuko kwiba ari vyiza.” Ubwo ni ko biri? Kuronka amanota meza vyoba koko ari imvo yumvikana yo gutirisha?

Igituma udakwiye kubigira

Niwibaze uti: ‘Kwiga bifise intumbero iyihe?’ None si ugutegura umunyeshure ku bijanye n’amabanga menshi yo mu buzima, nko kurimbura ingorane azogira mu kazi no kuzitorera umuti? Umunyeshure afise akamenyero ku gutirisha ntashobora kugira ubwo buhanga. Ku bw’ivyo, abantu bafise ingeso yo gutirisha baba bariko barirengagiza ubugoyagoye bwabo, bakaba bagabanije amahirwe bafise yo kuroranirwa mu mice myinshi y’ubuzima.

Vyongeye, Callahan avuga ati: “Abantu bakunda inzira za hafi mu buzima, nko gutirisha cane kw’ishure, n’iyo batanguye akazi ni uko babigenza.” Abo bantu bameze nk’impuzu canke isaha isondetse: ubona umengo irakomeye ariko mu nyuma ikakumaramaza.

Ariko kandi, abatirisha boshobora gufatwa maze bakibonerako. N’imiburiburi, ivyo vyoshobora gutuma bamaramara. Vyoshobora no gutuma birukanwa kw’ishure canke bakaronka igihano gikomeye kuruta. Bibiliya igabisha itarya umunwa iti: “Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.” (Abagalatiya 6:7) Ariko rero, ntukwiye kureka gutirisha ngo ni uko gusa utinya gufatwa. Hariho izindi mvo zihambaye kuruta.

Ukuri ni co kintu nyamukuru cotuma uroranirwa

Abakiri bato b’inkerebutsi barihatira gutsimbataza kamere zizobafasha kuvyifatamwo neza mu buzima, atari mu bibazo vyo kw’ishure gusa. Ku bw’ivyo, barakora cane kw’ishure kandi bakihatira kwisunga ingingo ngenderwako zituma bumva ko biyubashe, zikazotuma bashimwa n’abakoresha kandi bakagira agahimbare karamba.

Izo ngingo tuzisanga muri Bibiliya kandi uwukiri muto azisunga nta co ahomba. Ahubwo riho nk’uko bivugwa muri 2 Timoteyo 3:16, 17, aca aba “uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.” Umunyeshure yitwa Jorge avuga ati: “Abo twigana batirisha kubera ko bashaka kuronka amanota meza batiriwe barigora. Ariko jewe nshaka guhimbara Imana. Mu Migani 14:2, Bibiliya ivuga yuko ‘uwugendera mu kugororoka kwiwe atinya Yehova, mugabo ko uwuhetaraye mu nzira ziwe amusuzugura.’ Ndazi ko ata co dushobora kunyegeza Imana. Ni co gituma ntatirisha, kandi simfasha abandi kubigira.”

Abanyeshure bihatira kubaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya boshobora kuba baciye ubwenge kuruta abandi mw’ishure canke ugasanga si ko biri. Ariko baba ari inkerebutsi kuruta abandi, kuko bishingira umushinge ukomeye uzotuma baroranirwa mu buzima. (Zaburi 1:1-3; Matayo 7:24, 25) Vyongeye, barashobora kwemera badakeka ko Umuremyi abashima kandi abashigikira.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 28]

IVYIYUMVIRO WOZIRIKANAKO

● “Umunwa w’ukuri ni wo uzoshimangirwa ibihe bidahera, mugabo ururimi rw’ibinyoma ruzomara gusa akanya gato.”—Imigani 12:19.

● “Umuntu w’ibikorwa vy’ubwizigirwa azoronka imihezagiro myinshi.”—Imigani 28:20.

● “Imana y’ukuri ubwayo izoshira mu rubanza igikorwa c’ubwoko bwose, mu bijanye n’ikintu cose canyegejwe, ngo biboneke ko ari ciza canke kibi.”—Umusiguzi 12:14.

● “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”—Abaheburayo 13:18.

[Ifoto ku rup. 26, 27]

Ubuhinga bwa none buratuma abanyeshure boroherwa gutirisha kandi bakabigira mu buryo buhanitse

[Ifoto ku rup. 28]

Abanyeshure batirisha bameze nk’isaha isondetse iboneka neza inyuma gusa

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika