ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 1/11 rup. 4-5
  • Kwizigira abandi vyoba bigishoboka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwizigira abandi vyoba bigishoboka?
  • Be maso!—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingingo ngenderwako zigenga inyifato ibereye ziri hejuru
  • Ukwizigira ni ntahara mu vyo kugira ubuzima buhimbaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Vyoba ari vyiza kwiba kugira uronke amanota meza?
    Be maso!—2012
  • Niwizigire abavukanyi bawe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Niwerekane ko uri umwizigirwa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Be maso!—2011
g 1/11 rup. 4-5

Kwizigira abandi vyoba bigishoboka?

Uwo muganga yabonwa ko yashitse ku bintu bihambaye cane mu bijanye no kuvura ububabare. Yamara rero, mu kiringo c’imyaka irenga icumi, uhereye mu 1996, uwo muhinga mu vyo gusinziriza abarwayi yubahwa cane yari yaragiye aratororokanya amakuru yavuye mu bushakashatsi bwagizwe n’abandi yasohorwa mu binyamakuru bijanye n’ubuganga vyemerwa cane, agaca ayiyitirira.

DOGOTERI Steven L. Shafer, ivyo yavuze bikaba vyaranditswe mu kinyamakuru kimwe (Anesthesiology News), agira ati: “Sinshobora gutahura igituma umuntu yokora ibintu nk’ivyo.”

None ni igiki cotuma umuhinga yubahitse ahenda umuntu nka we? Rimbura ibintu bine vyoshobora kubituma.

● Umunoho. Muri raporo yo mu kinyamakuru kimwe (New York Times), Dogoteri Jerome Kassirer, akaba yahoze ari umwanditsi w’ikinyamakuru kimwe (The New England Journal of Medicine), asigura ati: “Igihe abashakashatsi babwirizwa kugira ico bamariye amashirahamwe ahingura imiti kubera ko ari yo bakesha menshi mu mahera binjiza, ivyo bashikako usanga ahanini biteza imbere ishirahamwe bakorera.”

● Kuroranirwa vyanse bikunze. Bivugwa yuko abanyeshure bo muri kaminuza zo mu Budagi basohora amahera ibihumbi n’ibihumbi y’amanyaburaya bakayaha abarimu kw’igiturire kugira ngo baronke urupapuro rw’umutsindo rwerekana ko ari Abadogoteri, kuba umudogoteri akaba ari ikintu cerekana ko umuntu azororanirwa muri ico gihugu. Itohoza rimwe ryagizwe, rikaba ryarasohowe mu kinyamakuru kimwe (The New York Times), ryerekanye yuko abanyeshure benshi bakoresha mwene ubwo buryo bwo kwiyorohereza bavuze ko baba “bafise intumbero yo kuzokurikiza badaca ku ruhande amategeko agenga inyifato ibereye,” mugabo ivyo bakazobigira bamaze kuroranirwa mu buzima.

● Kuba badafise uburorero bokwigana. Umuporofeseri umwe avugwa mu kinyamakuru kimwe (The New York Times) avuga ku bijanye n’abanyeshure bo mu mashure yisumbuye ati: “Twoshobora gusanga dufise impengamiro yo kuvuga yuko batakibona mu buryo butomoye ingingo mfatirwako zigenga inyifato ibereye . . . Vyorushiriza kuba vyiza tuvuze yuko abigisha babo be n’ababahanura mu bijanye n’amashure hamwe n’abandi bantu bo mu kibano batigeze kuva mu ntango babafasha gutsimbataza no kwisunga ingingo mfatirwako zigenga inyifato ibereye.”

● Imvugo itajana n’ingiro. Mw’itohoza ryagizwe ku banyeshure bashika ku 30.000, ibice 98 kw’ijana bavuze yuko bemera ko kuba inzirabugunge ari ikintu gihambaye cane mu migenderanire umuntu agiranira n’abandi. Ariko rero, abanyeshure 8 kuri 10 bagiye barabazwa bariyemereye yuko bari barabeshe abavyeyi babo, ibice 64 kw’ijana na bo bariyemerera yuko bivye ikibazo mu mwaka w’imbere y’aho.

Ingingo ngenderwako zigenga inyifato ibereye ziri hejuru

Nk’uko bivugwa mu ruzitiro ruri kuri uru rupapuro, abantu baremanywe agatima ko kwizigira abandi. Ariko rero, Bibiliya ivuga ata kwihenda yuko “impengamiro y’umutima w’umuntu ari mbi guhera mu buto bwiwe.” (Itanguriro 8:21) Ushobora gute none kurwanya iyo mpengamiro maze ukananira ingeso y’ubugunge yiraye muri iki gihe? Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zikurikira zirashobora kugufasha:

● “Nturementanirize mugenzawe ikibi na kimwe, mu gihe yumva yibereyeho atekanye kumwe nawe.”—Imigani 3:29.

Gukunda mugenzi wacu biratuvyurira umutima wo kumuronderera ineza, aho gukora mu buryo buranga ubugunge kubera atwizigira. Iyo ngingo ngenderwako yoshobora guhagarika uburyo butandukanye abantu bakoresha mu kurya imitsi abandi babitumwe n’umunoho, nko kudandaza imiti y’imyiganano, imwe twavuga mu ntango z’uru rukurikirane rw’ibiganiro.

● “Umunwa w’ukuri ni wo uzoshimangirwa ibihe bidahera, mugabo ururimi rw’ibinyoma ruzomara gusa akanya gato.”—Imigani 12:19.

Abantu benshi muri iki gihe biyumvira yuko abantu b’inzirabugunge ata co bimarira. Mugabo niwibaze uti: ‘Kuronka ivyiza bimara igihe gito vyoba ari vyo bihambaye kuruta kwironkera ivyiza biramba, harimwo no kwiyubahiriza?’ Umunyeshure yoshobora guhenda abandi ku bijanye n’ubumenyi afise canke ubuhanga mu kwiba ikibazo, mugabo azobigenza gute niyashika mu kazi?

● “Umugororotsi agendera mu gutungana kwiwe. Hahiriwe abana biwe mu nyuma ziwe.”—Imigani 20:7.

Nimba uri umuvyeyi, nuhe abana bawe akarorero keza mu “[ku]gendera mu gutungana.” Nubasigurire ukuntu wungukiye ku gukurikira ingendo igororotse. Igihe abana babona umuvyeyi agendera mu nzira y’ugutungana, na bo nyene boshobora kurushiriza gukurikira ingendo iranga ukwizigirwa.—Imigani 22:6.

Izo ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya zoba koko ari ngirakamaro? Abantu b’abizigirwa boba bashobora kuboneka muri iki gihe?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 4]

Nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru kimwe (Le Figaro), Abafaransa barushiriza kuba benshi “biyumvira yuko abantu b’imboneza mu kibano, ni ukuvuga mu vya politike, mu vy’ubutunzi, mu vy’imibano no mu vy’imico kama, batigenza runtu, bakaba rero batabona igituma ubwabo bakwiye kwigenza runtu.”

[Uruzitiro ku rup. 5]

TWOBA TWARAREMANYWE AGATIMA KO KWIZIGIRA ABANDI?

Ubushakashatsi bwahagarikiwe n’uwitwa Michael Kosfeld, uno akaba ari umuporofeseri w’icigwa kijanye no gukoresha neza ubutunzi kuri kaminuza y’i Frankfurt mu Budagi, bwatumye ashika ku ciyumviro c’uko kwizigira abandi ari “kimwe mu bintu umuntu yaremanywe, ko kiri mu bigize umubiri wiwe.” Kosfeld yabonye yuko igihe abantu babiri baza baramarana umwanya bakorera hamwe ibintu bongera baganira, ubwonko buca burekura inkabuzo zitwa ocytocine, zino zikaba zikabura agatima ko kwizigira abandi. Kosfeld avuga ati: “Nkako, ni kimwe mu bintu biranga abantu. Igihe tutizigira abandi, ntituba tukiri abantu.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika