ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/11 rup. 4-7
  • Ukwizigira ni ntahara mu vyo kugira ubuzima buhimbaye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukwizigira ni ntahara mu vyo kugira ubuzima buhimbaye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwizigize Yehova umutima wawe wose
  • Niwizigire Yehova maze ugire agahimbare
  • Abantu twokwizigira
  • Ntucibwe intege n’uguhemuka gucamwo rimwe na rimwe
  • Noba ndi umwizigirwa?
  • Niwizigire abavukanyi bawe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Niwizigire Yehova N’umutima Wawe Wose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Niwerekane ko uri umwizigirwa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Nokora iki kugira abavyeyi banje banyizigire?
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/11 rup. 4-7

Ukwizigira ni ntahara mu vyo kugira ubuzima buhimbaye

KUMERERWA nabi mu nda bivuye ku mfungurwa zononekaye birababaza cane. Umuntu biguma bishikira arakenera kurushiriza kuba maso cane ku vyo yama afungura. Mugabo, guheba imfungurwa buhere kugira yirinde ntazohave arwara mu nda si ryo hitamwo nyaryo. Kubigira gutyo vyotera izindi ngorane ziruta izo vyotoreye umuti. Nta muntu yobaho igihe kirekire adafungura.

Muri ubwo buryo nyene, guhemukirwa n’uwo wari wizigiye birababaza. Kuza turahemukirwa vyoshobora gutuma twiyumvira twitonze ivyerekeye abagenzi duhitamwo. Yamara, kwikura ku bantu bose kugira wirinde ko wohava uhemukirwa si wo muti. Kubera iki atari wo muti? Kubera yuko kutizigira abandi bitunyaga agahimbare twari twifitiye. Kugira ngo tugire ubuzima buryoshe, turakeneye ubucuti bushingiye ku kwizigiranira.

“Ukwizigira ni kimwe mu bintu nyamukuru bigira ico biterereye ku migenderanire isanzwe ya misi yose tugiranira n’abandi”, ukwo ni ko igitabu kimwe (Jugend 2002) kibivuga. “Umuntu wese aripfuza kwizigirwa”, ukwo ni ko ikinyamakuru kimwe na co (Neue Zürcher Zeitun) kivuga. “Kugira uwo wizigira biraryohora ubuzima” ku buryo bw’uko ari “ntahara kugira ngo [u]bandanye kubaho”. Nkako, ico kinyamakuru kibandanya kivuga yuko “umuntu adashobora kwirwanako mu buzima” mu gihe atagira uwo yizigira.

Kubera yuko dukeneye kugira uwo twizigira, ni nde none dushobora kwizigira atohava aduhemukira?

Niwizigize Yehova umutima wawe wose

Bibiliya itubwira iti: “Wizigize [Yehova] umutima wawe wose” (Imigani 3:5). Nkako, Ijambo ry’Imana riguma rituremesha kwizigira Umuremyi wacu Yehova Imana.

Ni kubera iki twokwizigira Imana? Ica mbere coco, ni kubera ko Yehova Imana ari mweranda. Umumenyeshakazoza Yesaya yanditse ati: “Mweranda, Mweranda, Mweranda ni Yehova Nyene ingabo” (Yesaya 6:3; NW). Iciyumviro c’ubweranda coba kitagukwegera? Ku bwa ngingo, gikwiye kugukwegera kubera yuko ubweranda bwa Yehova busobanura yuko atyoroye, ata kabi na kamwe kamurimwo, kandi ko ari umwizigirwa aherejeko. Ntashobora kwigera na rimwe aba uwononekaye canke uwukora inabi, kandi ntashobora kuduhemukira na gato.

Vyongeye, turashobora kwizigira Imana kubera ubushobozi be n’icipfuzo ifise vyo gushigikira abayisukurira. Nk’akarorero, ububasha bwayo butuma igira ico ikoze. Ubutungane n’ubukerebutsi vyayo bitagira agahaze birayobora uburyo ikora ibintu. Urukundo rwayo ntangere rurayivyurira umutima wo kugira ico ikoze. Intumwa Yohani yanditse ati: “Imana [ni] urukundo” (1 Yohana 4:8). Urukundo rw’Imana ruragira akosho ku kintu cose ikora. Ubweranda bwa Yehova be n’izindi kamere ziwe zibonekeje bituma aba Umuvyeyi mwiza ntangere, umuntu dushobora kwizigira tugaherezako. Nta kintu na kimwe kandi nta muntu n’umwe yoshobora kwizigirwa cane kurusha Yehova.

Niwizigire Yehova maze ugire agahimbare

Iyindi mvo yumvikana ituma twizigira Yehova, ni uko adutahura kurusha uwundi muntu uwo ari we wese. Arazi yuko umuntu wese akeneye kugiranira n’Umuremyi ubucuti burangwa itekane, buramba kandi bwo kwizigirwa. Abafise mwene ubwo bucuti bumva batekaniwe cane. Umwami Dawidi yashitse kuri iki ciyumviro: “Hahirwa umuntu ashira ivyizigiro vyiwe k’Uhoraho” (Zaburi 40:4). Abantu amamiliyoni muri kino gihe baremeranya n’umutima wabo wose n’ico ciyumviro ca Dawidi.

Rimbura uburorero bumwebumwe. Doris yarabaye muri République Dominicaine, mu Budagi, mu Bugiriki no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Avuga ati: “Ndahimbarwa cane no kwizigira Yehova. Arazi ukuntu anyitwararika mu vy’umubiri, mu vy’impwemu no mu vy’akanyengetera. Ni we mugenzi somambike twogira aruta abandi bose”. Wolfgang, umuhanuzi mu vy’amategeko, asigura ati: “Birahimbaye kuba ushoboye kwiheka ku muntu arazwa ishinga n’ineza yawe, umuntu ashobora kukugirira iciza, kandi koko azokikugirira!”. Ham, uwavukiye muri Aziya mugabo ubu aba i Buraya, avuga ati: “Ndizigiye ntakeka ko Yehova afise ibintu vyose mu minwe, kandi nta makosa agira, nkaba rero mpimbarwa no kumwihekako”.

Birumvikana ko umwe wese muri twebwe adakeneye kwizigira Umuremyi wacu gusa, ariko kandi akeneye kwizigira n’abantu. Ku bw’ivyo, Yehova, bwa mugenzi w’inkerebutsi kandi azi utuntu n’utundi, araduha impanuro ku bijanye n’abantu dukwiye kwizigira. Dusomye Bibiliya twitonze, turashobora kubona impanuro atanga kuri ico kintu.

Abantu twokwizigira

Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Ntimukishimire abahambaye, cank’umwana w’umuntu n’umwe, ata co yoshobora gukiza” (Zaburi 146:3). Ayo majambo yahumetswe aradufasha kubona yuko abantu benshi bidakwiriye ko tubizigira. Mbere n’abubahwa cane nk’“abahambaye” bo muri iyi si, nk’akarorero abahinga bakanongoreye mu bintu kanaka canke mu gikorwa kanaka, si ngombwa ngo duce tubizigira. Ubuyobozi batanga kenshi burazimiza, kandi kwizigira mwene abo bantu “bahambaye” bishobora kuvamwo bidatevye uguhemukirwa.

Mugabo ntiwumve, ivyo ntibikwiye gutuma tutizigira umuntu n’umwe. Ariko rero, biratomoye ko dukeneye kuba abantu barobanura igihe duhitamwo abo twizigira. Ni ibiki twofatirako? Akarorero dukura kw’ihanga rya kera rya Isirayeli koshobora kudufasha. Igihe vyaba ngombwa ko hagenwa abantu bategerezwa kurangura ibanga riremereye muri Isirayeli, Musa yahanuwe “[kurobanura] mu bantu bose abashoboye guca imanza, bubaha Imana, b’abanyakuri, banka ingurire” (Kuvayo 18:21). Ni igiki twokwigira kuri ivyo?

Abo bari abagabo bagaragaje kamere zinaka zishimwa n’Imana imbere y’uko bagenwa bagashirwa mu bibanza bituma bizigirwa. Bari baramaze gutanga ikimenyamenya c’uko batinya Imana; bari bafise ugutinya Umuremyi kwiza kandi bagatinya kutamuhimbara. Umuntu wese yarabona neza ko abo bagabo bakoze uko bashoboye kugira bashigikire ingingo mfatirwako z’Imana. Baranse inyungu mbi, ico kikaba cari icerekana ko bafise inkomezi mu vy’inyifato runtu zobarinze gukora nabi kubera ububasha bafise. Ntiboririye mbege muri ukwo kwizigirwa kugira bateze imbere inyungu zabo bwite canke iz’incuti canke iz’abagenzi.

Ntivyoba none biranga ubukerebutsi twisunze mwene ivyo bintu muri kino gihe igihe duhitamwo abo twokwizigira? Twoba tuzi abantu inyifato yabo iranga ko batinya Imana? Boba biyemeje kuguma ku ngingo mfatirwako zayo zerekeye inyifato? Boba ari intadohoka ku buryo birinda gukora ibintu bitagororotse? Boba ari inzirabugunge ku buryo batabonera akaryo ku kintu kanaka kibaye kugira bironkere inyungu yabo bwite canke kugira ngo bashike ku co bironderera? Nta gukeka ko abagabo n’abagore bagaragaza mwene izo kamere bakwiriye ko tubizigira.

Ntucibwe intege n’uguhemuka gucamwo rimwe na rimwe

Mu guhitamwo abo twokwizigira, dutegerezwa kwihangana kubera yuko umuntu yizigirwa haciye igihe kinaka. Ingendo iranga ubukerebutsi, ni uko twokwizigira umuntu buhorobuhoro, intambwe ku yindi. Uti gute? Emwe, twoshobora kwihweza inyifato y’umuntu kanaka mu kiringo kinaka, tukaraba ukuntu yifata mu bihe binaka. Uwo muntu yoba yizigirwa ku tuntu dutoduto? Nk’akarorero, yoba asubiza ibintu yatiye nk’uko yabisezeranye, kandi yoba ari umuntu adata isango? Niba ari ukwo, twoshobora kwumva yuko twomwizigira ata nkomanzi no mu bintu bikomeye kuruta. Ivyo birahuye n’iyi ngingo ngenderwako igira iti: “Ūkora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira artyo no ku gikomeye” (Luka 16:10). Tubaye abantu barobanura kandi bihangana vyoshobora kudufasha kwirinda guhemukirwa.

Bite none nimba umuntu aduhemukiye? Abatohoji ba Bibiliya bazokwibuka yuko mw’ijoro Yezu Kirisitu yafashwemwo, yahemukiwe bimwe bibabaje n’intumwa ziwe. Yuda Isikariyoti yaramugurishije, abandi na bo barahunga kubera ubwoba. Petero mbere yihakanye Yezu incuro zitatu. Mugabo, Yezu yaratahuye yuko Yuda wenyene ari we yabigize nkana. Kuba Yezu yarahemukiwe mu gihe nk’ico kitoroshe, ntivyamubujije gusubira kwemeza ko yizigira za ntumwa ziwe 11 zari zisigaye haciye gusa imishamvu mikeyi (Matayo 26:45-47, 56, 69-75; 28:16-20). Muri ubwo buryo nyene, niba twumva twahemukiwe n’umuntu twizigira, vyoba vyiza dusuzumye nimba ico tubona ko ari uguhemukirwa ari ikimenyamenya c’agatima k’ukutizigirwa, canke ari ubugoyagoye bw’umubiri bwaciyemwo.

Noba ndi umwizigirwa?

Umuntu afashe ingingo yo kuba uwurobanura ku vyerekeye abo yizigira, ategerezwa kubona ibintu uko biri maze akibaza ati: ‘Noba ndi umwizigirwa? Ni ingingo mfatirwako zitegereka izihe zijanye n’ivy’ukuba umwizigirwa nkwiye kwitega kuri jewe no ku bandi?’.

Nta gukeka ko umuntu w’umwizigirwa yama avuga ukuri (Abanyefeso 4:25). Ntahindura amajambo avuga bivanye n’abamwumviriza kugira yironderere inyungu yiwe bwite. Kandi n’igihe agize indagano, umuntu w’umwizigirwa arakora uko ashoboye kwose kugira ayishitse (Matayo 5:37). Nimba hari uwumwizigiye, umuntu w’umwizigirwa aragumya ibanga kandi ntakwiza urusaku. Umuntu w’umwizigirwa ni umwizerwa ku wo bubakanye. Ntaraba ivyerekana ubusambanyi, ntashira umutima ku vyiyumviro bivyura inambu y’umubiri kandi ntaja mu vy’ugukwegana n’abo badasangiye igitsina (Matayo 5:27, 28). Umuntu bibereye ko twizigira arakora agatama kugira yibesheho yongere abesheho n’umuryango wiwe, kandi ntarondera kuronka amahera atakoreye abanje kurya imitsi abandi (1 Timoteyo 5:8). Kugumiza mu muzirikanyi ingingo mfatirwako nk’izo zitegereka kandi zishingiye ku Vyanditswe bizodufasha kumenya abo twokwizigira. Vyongeye, kwumira kuri izo ngingo mfatirwako nyene zijanye n’inyifato bizofasha umwe wese muri twebwe kuba umuntu akwiriye kwizigirwa n’abandi.

Emwe, vyoba bihimbaye kuba mw’isi aho abantu bose ari abizigirwa kandi aho uguhemukirwa ari ikintu co muri kahise! Izo zoba ari indoto nsa? Si indoto ku bantu bafatana uburemere imihango yo muri Bibiliya, kubera yuko Ijambo ry’Imana rivuga ko hazobaho “isi nsha” y’akaroruhore itagiramwo uruhendo, ibinyoma, ukurya imitsi abandi be n’intuntu, indwara, eka mbere n’urupfu (2 Petero 3:13; Zaburi 37:11, 29; Ivyahishuriwe 21:3-5)! Ntivyoba bibereye none ko umenya vyinshi ku vyerekeye ico cizigiro? Ivyabona vya Yehova bazonezerwa no kukuronsa amakuru menshi ku vyerekeye ico cizigiro no ku bindi biganiro bihambaye.

[Ifoto ku rup. 4]

Kutizigira abandi bitunyaga agahimbare

[Ifoto ku rup. 5]

Yehova arabereye rwose ko tumwizigira

[Amafoto ku rup. 7]

Twese turakeneye ubucuti bushingiye ku kwizigiranira

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika