Niwizigire Yehova N’umutima Wawe Wose
“Abazi izina ryawe bazokwizigira.”—ZABURI 9:10.
1, 2. Ni ibintu bimwebimwe ibihe abantu bizigira barondera gutekanirwa ata co bishobora kubafasha?
MURI iki gihe, iyo hari ibintu vyinshi cane bihanamiye ukumererwa neza kwacu, ni ibisanzwe ko turondera umuntu kanaka canke ikintu kanaka cotuma dutekanirwa. Abantu bamwebamwe biyumvira ko kugira amahera menshi bizotuma bagira kazoza gatekanye, ariko mu vy’ukuri, amahera si yo buhungiro bwo kwizigirwa. Bibiliya ivuga iti: “Uwizigira ubutunzi bgiwe azotemba.” (Imigani 11:28) Abandi na bo bahanga amaso indongozi z’abantu, ariko n’ababonwa ko ari indongozi nziza barakora amakosa. Kandi impera n’imperuka, bose barapfa. Bibiliya ivuga mu buryo buranga ubukerebutsi iti: “Ntimukishimire abahambaye, cank’umwana w’umuntu n’umwe, ata co yoshobora gukiza.” (Zaburi 146:3) Ayo majambo yahumetswe aratugabisha kandi kutizigira inguvu zacu bwite. Erega na twebwe turi ‘abana b’abantu.’
2 Umuhanuzi Yesaya yaraneguye indongozi zarongora ihanga rya Isirayeli mu gihe ciwe kubera yuko zizigira “ubuhungiro bg’ibinyoma.” (Yesaya 28:15-17) Mu kurondera umutekano, zaragiraniye amasezerano yo mu vya politike n’amahanga mabanyi. Amasezerano nk’ayo ntiyari ayo kwizigirwa, vyari ibinyoma. Mu buryo busa n’ubwo, indongozi z’amadini nyinshi muri iki gihe ziragiranira ubucuti n’indongozi zo mu vya politike. Ayo masezerano na yo nyene azoboneka ko ari “ibinyoma.” (Ivyahishuriwe 17:16, 17) Ntazozana umutekano uramba.
Uburorero bwiza bwa Yosuwa na Kalebu
3, 4. Inkuru Yosuwa na Kalebu bashikirije yari itandukaniye he n’iyo ba batasi cumi bandi bashikirije?
3 Ni hehe none dukwiye kuronderera umutekano? Ni ha handi nyene Yosuwa na Kalebu bawurondereye mu gihe ca Musa. Inyuma gatoyi y’aho Abisirayeli babohorewe bakava mu Misiri, iryo hanga ryari ryiteguriye kwinjira mu Gihugu c’Isezerano ari co Kanani. Abagabo 12 bararungitswe gutata ico gihugu, maze imisi 40 irangiye, baragaruka kugira ngo bashikirize raporo y’ivyo bari babonye. Babiri bonyene ari bo Yosuwa na Kalebu, ni bo bavuze yuko Abisirayeli batobuze kwererwa bashitse i Kanani. Abandi baremeje yuko ico gihugu cari ciza mugabo bavuga bati: “Abantu baba mur’ico gihugu n’abahizi, kand’ibisagara vyaho bizitijwe inzitiro z’amabuye, kandi ni binini-binini cane . . . Ntitwoshobora kudūga ngo turwanye abo bantu, kuko baturusha ubuhizi.”—Guharūra 13:27, 28, 31.
4 Abisirayeli barateze ugutwi ba batasi cumi maze baca batekerwa n’ubwoba gushika n’aho batangura kwidodombera Musa. Amaherezo, Yosuwa na Kalebu bavuganye ukujijuka kwinshi bati: “Igihugu twanyuragiyemwo tugitata, n’igihugu ciza c’agahebuza. Uhoraho namba tumuhimbaye, azotujana mur’ico gihugu, akiduhe; kandi n’igihugu gitemba amata n’ubūki. Mugabo ntimugararize Uhoraho, kandi ntimutinye ben’ico gihugu.” (Guharūra 14:6-9) Naho bavuze ivyo, Abisirayeli baranse kubumviriza, bituma batemererwa kwinjira mu Gihugu c’Isezerano ico gihe.
5. Ni kubera iki Yosuwa na Kalebu bashikirije raporo nziza?
5 Ni kubera iki Yosuwa na Kalebu bashikirije raporo nziza mu gihe ba batasi cumi bandi bashikirije raporo mbi? Bose uko bari 12 babonye ibisagara bikomeye bimwe be n’amahanga yari ahari amwe. Kandi bamwe cumi ntibihenze mu kuvuga ko Isirayeli itari ikomeye bihagije kugira ngo ishobore kwigarurira ico gihugu. Yosuwa na Kalebu na bo nyene ivyo bari babizi. Ariko rero, bamwe cumi baravye ibintu bafatiye ku kuntu abantu babibona. Yosuwa na Kalebu bobo bizigiye Yehova. Bari bariboneye ibikorwa vy’ububasha yakoreye mu Misiri, ku Kiyaga Gitukura no ku mucamo w’Umusozi Sinayi. Ni co gituma hashize nk’imyaka mirongo, inkuru gusa Rahabu w’i Yeriko yumvise zerekeye ivyo bikorwa zari zihagije kugira zitume yemera guhakwa kuhasiga ubuzima kubera abasavyi ba Yehova. (Yosuwa 2:1-24; 6:22-25) Yosuwa na Kalebu, abari bariboneye ivyo bikorwa vya Yehova, bari bizigiye badakekeranya yuko Imana yobandanije kurwanira abasavyi bayo. Hashize imyaka 40, icizigiro cabo caragaragaye ko ari ic’ukuri igihe iyaruka rishasha ry’Abisirayeli ryinjira i Kanani rirongowe na Yosuwa, hanyuma rikigarurira ico gihugu.
Igituma Yehova dukwiye kumwizigira tugaherezako
6. Ni kubera iki Abakirisu bari mu mukazo muri iki gihe, kandi ni nde bakwiye kwizigira?
6 Nka kumwe kw’Abisirayeli, na twebwe nyene turahangana n’abansi bakomeye kuturusha muri ibi “bihe bigoye.” (2 Timoteyo 3:1) Turashirwako umukazo mu vy’ukwigenza runtu, mu vy’impwemu, mbere rimwe na rimwe no ku mubiri. Ntidushobora kunanira iyo mikazo dukoresheje ubushobozi bwacu bwite, kubera yuko iva kw’isoko rirengeye umuntu ari ryo Shetani wa Mucokoranyi. (Abanyefeso 6:12; 1 Yohana 5:19) Ni hehe none dushobora kuronderera imfashanyo? Mw’isengesho umugabo umwe w’umwizerwa wo mu gihe ca kera yatuye Yehova, yavuze ati: “Abazi izina ryawe bazokwizigira.” (Zaburi 9:10) Niba tuzi Yehova vy’ukuri kandi tugatahura ico iryo zina ryiwe risobanura, tuzomwizigira nka kumwe nyene kwa Yosuwa na Kalebu.—Yohana 17:3.
7, 8. (a) Ivyaremwe biduha gute imvo zo kwizigira Yehova? (b) Ni imvo izihe Bibiliya iduha zo kwizigira Yehova?
7 Ni kubera iki dukwiye kwizigira Yehova? Kimwe mu vyatumye Yosuwa na Kalebu bamwizigira, ni uko bari bariboneye ukuntu yagaragaje ububasha bwiwe. Na twebwe twarabibonye. Nk’akarorero, rimbura ibikorwa vya Yehova vy’irema, ushizemwo isi n’ijuru be n’ibigwi bininibinini vy’inyenyeri vyitwa amagalagisi biri muri ryo. Inguvu zikomeye zigenga ibidukikije zigenzurwa na Yehova zirerekana ko ari Mushoboravyose koko. Uko twitegereza ibitangaza vy’irema, turakwiye kwemeranya na Yobu, we yavuze ku vyerekeye Yehova ati: ‘Ni nde yomurwanya? Ni nde yomubaza, ati: “Ivyo ugira n’ibiki?”’ (Yobu 9:12) Niba vy’ukuri Yehova ari ku ruhande rwacu, ntidukeneye gutinya umuntu n’umwe mu vyaremwe vyose.—Abaroma 8:31.
8 Rimbura kandi Ijambo rya Yehova ari ryo Bibiliya. Iryo soko ridahera ry’ubukerebutsi buva ku Mana riri n’ububasha bwinshi budufasha gutsinda ingeso mbi, maze tugahuza ubuzima bwacu n’ivyo Yehova agomba. (Abaheburayo 4:12) Biciye kuri Bibiliya ni ho dushika ku kumenya Yehova ubwiwe be n’ico iryo zina ryiwe risobanura. (Kuvayo 3:14) Turatahura yuko Yehova ashobora gucika ico ahisemwo cose kugira ashitse imigambi yiwe, kwaba ari ugucika Umuvyeyi munyarukundo, Umucamanza agororotse canke Umurwanantambara atigera aneshwa. Kandi turibonera ukuntu ijambo ryiwe ryama riranguka. Uko twiga Ijambo ry’Imana, turavyurirwa umutima wo kuvuga nk’uko umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Nizigira ijambo ryawe.”—Zaburi 119:42; Yesaya 40:8.
9. Incungu be n’izuka rya Yezu bikomeza gute ukwizigira Yehova kwacu?
9 Incungu ni iyindi mvo ituma twizigira Yehova. (Matayo 20:28) Ese ukuntu ari ikintu ciza igitangaza kuba Imana yararungitse Umwana wayo bwite ngo apfe kugira aducungure! Kandi incungu irafise ububasha koko. Ituma abo bose bigaya hanyuma bakagaruka kuri Yehova n’umutima nziraburyarya baharirwa ivyaha. (Yohana 3:16; Abaheburayo 6:10; 1 Yohana 4:16, 19) Kimwe mu vyakozwe kugira ngo iyo ncungu itangwe ni izuka rya Yezu. Ico gitangaro, icemezwa n’abantu amajana n’amajana bavyiboneye amaso mu yandi, ni iyindi mvo ituma twizigira Yehova. Ni icemeza yuko ivyo twizigiye bizoranguka ata kabuza.—Ivyakozwe 17:31; Abaroma 5:5; 1 Ab’i Korinto 15:3-8.
10. Ni imvo izihe ubwacu dufise zituma twizigira Yehova?
10 Izo ni zimwezimwe gusa mu mvo zituma dushobora kwizigira Yehova kandi tukaba dukwiye kumwizigira tugaherezako. Hariho n’izindi nyinshi, zimwezimwe muri izo zikaba ari izo umuntu afise ku ruhande rwiwe. Nk’akarorero, twese turahura rimwe na rimwe n’ibihe bigoye mu buzima bwacu. Uko turondera kuyoborwa na Yehova mu guhangana na vyo, turibonera ukuntu ubwo buyobozi ari ngirakimazi. (Yakobo 1:5-8) Uko turushiriza kwiheka kuri Yehova mu buzima bwacu bwa misi yose tukongera tukarushiriza kwibonera ivyiza bivamwo, ni ko ukumwizigira kwacu kuzorushiriza gukomera.
Dawidi yarizigiye Yehova
11. Dawidi yizigiye Yehova naho yari mu bihe bimeze gute?
11 Dawidi wo muri Isirayeli ya kera ni umwe mu bizigiye Yehova. Yari ageramiwe n’Umwami Sauli, uwashaka kumwica, yongera ageramirwa n’ingabo zikomeye z’Abafilisitiya zariko zigerageza kwigarurira Isirayeli. Naho vyari ukwo, yararokotse mbere aranatsinda. Kubera iki? We ubwiwe asigura ati: “Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza kanje: nzotinya nde? Uhoraho ni we gihome gikīngira ubu[zima] bwanje, ni nde azonca ivutu?” (Zaburi 27:1) Na twebwe tuzororanirwa ari uko twizigiye Yehova nk’ukwo nyene.
12, 13. Dawidi yerekanye gute ko dukwiye kwizigira Yehova naho abansi bacu bakoresha indimi zabo mu kuturwanya?
12 Igihe kimwe, Dawidi yasenze ati: “Mana umva ijwi ryanje mu majojwa yanje, kiza ubu[zima] bganje gutinya umwansi. Nnyegeza inama zo mu mpisho z’abakora nabi, n’imivurungano y’inkozi z’ibibi: bakubiriye indimi zabo nk’inkota, bagenekereje imyampi yabo, ni yo magambo arura: kugira ngo barase ūtunganye bari mu mpisho.” (Zaburi 64:1-4) Ntituzi neza icavyuriye Dawidi umutima wo kwandika ayo majambo. Ariko turazi yuko muri iki gihe, abaturwanya ‘bakubira indimi zabo’ mu buryo nk’ubwo nyene, imvugo ikaba ari co kirwanisho bakoresha. ‘Barasa’ Abakirisu b’intungane bakoresheje ivyo bavuga canke ivyo bandika nka yo “myampi” y’ukubasiga iceyi. Twizigiye Yehova dushikamye, bizovamwo iki?
13 Dawidi yabandanije ati: “Imana izobarasa, bazokomeretswa n’umwampi giturumbuka. Uko ni ko bazotsitazwa, urwabo rurimi bgite ruzobarwanya: . . . Umugororotsi azonezererwa Uhoraho, am[uhungireko].” (Zaburi 64:7-10) Egome, naho abansi bacu bakubira indimi zabo kugira baturwanye, impera n’imperuka ‘ururimi rwabo bwite ruzobarwanya.’ Amaherezo, Yehova arahindura ibintu bikagenda neza, kugira ngo abamwizigira bashobore kunezererwa muri we.
Ukwizigira Hezekiya yagaragaje ntikwabaye impfagusa
14. (a) Hezekiya yizigiye Yehova naho yari mu bintu vy’akaga ibihe? (b) Hezekiya yerekanye gute ko atemera ibinyoma vy’Abasiriya?
14 Umwami Hezekiya ni uwundi muntu ukwizigira Yehova yagaragaje kutabaye impfagusa. Ku ngoma ya Hezekiya, ingabo zikomeye z’Abasiriya zarahanamiye Yeruzalemu. Izo ngabo zari zaranesheje ayandi mahanga menshi. Mbere zari zarigaruriye n’ibisagara vy’i Buyuda, gushika n’aho i Yeruzalemu ari ho honyene hari hasigaye, Senakeribu araheza yirata avuga ko n’ico gisagara yocigaruriye. Biciye kuri Rabushake, Senakeribu yavuze ata kwibesha yuko kwizigira imfashanyo iva mu Misiri vyobaye ivy’ubusa. Ariko rero, yaciye avuga ati: “Iyo Mana wi[zigi]ye ntiz’iguhende, ngw I Yerusalemu ntihazotangwa mu maboko y’umwami w’i Ashuri.” (Yesaya 37:10) Yamara, Hezekiya yari azi ko Yehova atomutaye. Ku bw’ivyo, yasenze avuga ati: “Uhoraho Mana yacu, udukize, udukūre mu maboko [y’Abasiriya], kugira ngw ibihugu vy’abami bose bo mw isi bamenye kw ari wewe Uhoraho wenyene.” (Yesaya 37:20) Yehova yarumvirije isengesho rya Hezekiya. Mw’ijoro rimwe gusa, umumarayika yishe ingabo z’Abasiriya 185.000. Yeruzalemu ntiyabaye igiterwa, maze Senakeribu aca ava muri ico gihugu c’Ubuyuda, ntiyongera kuhahonyoza ikirenge. Abumvise ivyo vyabaye bose baramenye ko Yehova ahambaye.
15. Ni ikintu ikihe conyene kizodufasha kwitegurira igihe ico ari co cose kigoye twosanga turimwo muri iyi si idurumbanye?
15 Muri iki gihe, nka kumwe kwa Hezekiya, turi mu gihe c’intambara. Intambara twebwe turwana ni iyo mu buryo bw’impemu. Ku bw’ivyo, kubera ko turi abarwana intambara yo mu buryo bw’impwemu, turakeneye gutsimbataza ubuhanga bwotuma turokoka. Turakeneye kumenya imbere y’igihe ivyo bitero hanyuma tukitegura kugira tube abashoboye kubirwanya. (Abanyefeso 6:11, 12, 17) Muri iyi si idurumbanye, ibintu birashobora guhinduka bukwi na bukwi. Uruhagarara rw’abanyagihugu rurashobora kwaduka giturumbuka. Ibihugu vyahora vyubahiriza ivyiyumviro vy’abandi mu vy’idini birashobora kutaba bikivyubahiriza. Tuzoba abiteguriye ikintu ico ari co cose cokwaduka nitwakora gusa nka kumwe kwa Hezekiya, tukitegura mu gutsimbataza ukwizigira Yehova gushikamye.
Kwizigira Yehova bisobanura iki?
16, 17. Twerekana gute ko twizigira Yehova?
16 Kwizigira Yehova si ikintu kigirwa mu majambo gusa. Kumwizigira bishiramwo n’umutima wacu kandi bikagaragazwa n’ivyo dukora. Nimba twizigira Yehova, tuzokwizigira bimwe bishitse Ijambo ryiwe ari ryo Bibiliya. Tuzorisoma ku musi ku musi, turizirikaneko, hanyuma tureke ribe ari ryo riyobora ubuzima bwacu. (Zaburi 119:105) Kwizigira Yehova birimwo kandi n’ukwizigira ububasha bw’impwemu yera. Tubifashijwemwo n’impwemu yera, turashobora gutsimbataza ivyamwa bihimbara Yehova, kandi turashobora kuvavanura n’utumenyero tubi twashinze imizi. (1 Ab’i Korinto 6:11; Ab’i Galatiya 5:22-24) Ku bw’ivyo, impwemu yera yarafashije abantu benshi baraheba kunywa itabi no kwihereza ibiyayura umutwe. Abandi bararetse kubaho mu buryo buranga ubuhumbu. Vyemere, nimba twizigira Yehova, ntidukora ku bw’inkomezi zacu, ariko dukora ku bw’inkomezi ziwe.—Abanyefeso 3:14-18.
17 Vyongeye, kwizigira Yehova bisobanura kwizigira abo yizigira. Nk’akarorero, Yehova yararinganije ivy’uko “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yitwararika ivy’Ubwami vyo kw’isi. (Matayo 24:45-47, NW) Ntitugerageza kwicishiriza ahacu, kandi ntitwirengagiza uwo mushumba yagenywe kubera yuko twizigira indinganizo ya Yehova. Bisubiye, abakurambere barasukurira mu mashengero dukukira, kandi nk’uko intumwa Paulo ibivuga, bagenwa n’impwemu yera. (Ivyakozwe 20:28) Dukoze twisunga indinganizo abakurambere bashiraho mw’ishengero, tuba kandi twerekanye yuko twizigira Yehova.—Abaheburayo 13:17.
Dukurikire akarorero ka Paulo
18. Abakirisu bakurikira gute akarorero ka Paulo muri iki gihe, mugabo ni igiki batizigira?
18 Intumwa Paulo yarahuye n’imikazo myinshi mu busuku bwiwe nk’uko na twe duhura na yo. Mu gihe ciwe, Ubukirisu bwarasigwa iceyi imbere y’abategetsi, kandi rimwe na rimwe yarita ku rutare kugira akosore ivyo vyiyumviro bitari vyo, canke atume igikorwa c’ukwamamaza cemerwa n’amategeko. (Ivyakozwe 28:19-22; Ab’i Filipi 1:7) Muri iki gihe, Abakirisu bakurikira akarorero kiwe. Aho bishoboka hose, turafasha abandi kumenya neza ivyerekeye igikorwa cacu, tugakoresha uburyo bwose dufise. Kandi turakora cane kugira turwanire inkuru nziza twongere tuyitsimbataze mu buryo bwemewe n’amategeko. Ariko rero, ntitwizigira ngo duherezeko utwigoro nk’utwo, kubera tutabona yuko kuroranirwa canke kutaroranirwa kwacu kuvana n’uko twatsinze mu rubanza canke twaraswe neza n’abandi. Ahubwo twizigira Yehova. Turibuka iyi ndemesho Yehova yahaye Isirayeli ati: “Mu gutekereza no mu vyizigiro ni ho muzoherwa inkomezi.”—Yesaya 30:15.
19. Igihe abavukanyi bacu bari mu ruhamo, ni mu buryo ubuhe ukwizigira Yehova kwabo kutabaye impfagusa?
19 Muri ibi bihe vyacu, rimwe na rimwe igikorwa cacu carabujijwe canke kiratangirwa mu Buraya bwo mu Buseruko n’ubwo mu Burengero, mu mihingo imwimwe yo muri Aziya no muri Afirika be no mu bihugu vyo muri Amerika yo mu Bumanuko no mu Buraruko. Ivyo none vyoba bisigura yuko ukwizigira Yehova kwacu kwabaye impfagusa? Ihibambewe! Naho rimwe na rimwe Yehova yaretse abasavyi biwe bagashikirwa n’uruhamo rukaze kubera umugambi mwiza yari afise, yarakomeje abigiranye urukundo abacumukujwe n’urwo ruhamo. Muri urwo ruhamo, Abakirisu benshi baratumye ukwizera be n’ukwizigira Imana kwabo kuvugwa mu buryo bwiza igitangaza.
20. Naho twoshobora kwungukira ku mwidegemvyo turonswa n’amategeko, ntituzokwigera tudohoka mu biki?
20 Ku rundi ruhande, turemewe n’amategeko mu bihugu vyinshi, kandi rimwe na rimwe turavugwa neza mu bimenyeshamakuru. Ivyo turabikenguruka tukongera tukemera icese yuko na vyo nyene bifasha gushitsa umugambi wa Yehova. Biciye ku muhezagiro wiwe, ntidukoresha umwidegemvyo dufise mu kurondera kubaho neza kuruta, ariko tuwukoresha mu gusukurira Yehova ku mugaragaro no mu buryo bushitse. Ariko rero, ntituzokwigera tudohoka ku mpagararo yacu y’ukutagira aho duhengamiye, canke ngo tugabanye uruhara tugira mu gikorwa co kwamamaza, canke mbere ngo dutangure kugoyagoya mu murimo turangurira Yehova mu buryo na bumwe, ngo ni uko gusa tugomba ko abategetsi batubona neza. Turi abatwarwa b’Ubwami bwa Mesiya tukaba kandi dushigikira tugaherezako ubusegaba bwa Yehova. Icizigiro cacu ntikiri muri uru runkwekwe rw’ibintu, ariko kiri mw’isi nshasha, aho Ubwami bwo mw’ijuru burongowe na Mesiya buzoba ari yo ntwaro yonyene iganza kuri iyi si. Nta mabombe, nta mamisile canke ibitero na bimwe bigirwa hakoreshejwe ibirwanisho ruhonyanganda bizoshobora kunyiganyiza iyo ntwaro canke ngo biyikorore biyihanuye mw’ijuru. Ni intwaro itigera itsindwa kandi izoshitsa umugambi Yehova ashaka ko irangura.—Daniyeli 2:44; Abaheburayo 12:28; Ivyahishuriwe 6:2.
21. Twiyemeje gukurikira ingendo iyihe?
21 Paulo avuga ati: “Ntitur’abo mu biyonjorora bagahona, ariko tur’abo mu bizera, ubugingo bwabo bugakira.” (Abaheburayo 10:39) Ese rero twese twosukurira Yehova turi abizerwa gushika kw’iherezo! Turafise imvo yumvikana yo kwizigira Yehova tugaherezako ubu no bihe bidahera biri imbere.—Zaburi 37:3; 125:1.
Wize iki?
• Ni kubera iki Yosuwa na Kalebu bagarutse bazanye raporo nziza?
• Ni imvo zimwezimwe izihe zituma tuba abakwiye kwizigira Yehova tugaherezako?
• Kwizigira Yehova bisobanura iki?
• Kubera ko twizigiye Yehova, ni impagararo nyabaki twiyemeje kugira?
[Ifoto ku rup. 15]
Ni kubera iki Yosuwa na Kalebu bashikirije raporo nziza?
[Amafoto ku rup. 16]
Ivyaremwe biraduha imvo ikomeye ituma twizigira Yehova
[Abo dukesha ifoto]
Ayo masanamu atatu yose: yatanzwe na Anglo-Australian Observatory, akaba yafashwe na David Malin
[Ifoto ku rup. 18]
Kwizigira Yehova bisobanura kwizigira abo yizigira