UBUZIMA BW’UMUKIRISU
“Ewe Yehova, . . . ni wewe nizigiye”
Birahambaye ko twizigira Yehova mu bihe vyiza no mu bihe bibi. (Zb 25:1, 2) Mu kinjana c’umunani imbere ya Kristu, abantu bo muri Yuda barahanganye n’ingorane yagejeje ukwizera kwabo. Ivyabashikiye biratwigisha vyinshi. (Rm 15:4) Umaze kuraba ividewo ivuga ngo “Ewe Yehova, . . . ni wewe nizigiye,” wokwishura gute utu tubazo?
- Ni ingorane iyihe yari ihanze Hezekiya? 
- Ibivugwa mu Migani 22:3 vyafashije gute Hezekiya kwitegurira abansi bashobora kubasugereza? 
- Kubera iki Hezekiya yanse kwishikana ku Bashuri canke kugiranira amasezerano na Misiri? 
- Hezekiya yasigiye akarorero akahe abakirisu? 
- Muri iki gihe ni ibiki bigeza ukwizera kwacu?