ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/3 rup. 30-31
  • ‘Yagumye yumiye kuri Yehova’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Yagumye yumiye kuri Yehova’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Akarorero wokwigana—Hezekiya
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Imana Ifasha Hezekiya
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Abungere indwi, abatware umunani: Ico basobanura kuri twebwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • “Ewe Yehova, . . . ni wewe nizigiye”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/3 rup. 30-31

Niwigishe abana bawe

‘Yagumye yumiye kuri Yehova’

VYOBA bimaze gushika ukamadika agafoto ahantu hanaka?​—a Nimba uburembo ukoresha ari bwiza, ako gafoto gaca kaguma kumiye ku co wakamaditseko. ‘Kwumira’ ku kintu bisobanura kuguma ufashe kuri co. Tugira tuvuge ibijanye n’umuntu Bibiliya ivuga ko ‘yagumye yumiye kuri Yehova,’ Imana y’ukuri. Uwo muntu yitwa Hezekiya. Reka turabe ico twokwigira ku karorero kiwe.

Hezekiya akiri umwana, yaraciye mu bintu bibabaje. Se wiwe Ahazi, umwami wa Yuda, yararetse gukorera Yehova. Hezekiya akiri agahungu, Ahazi yari asigaye ari we aja imbere abandi mu gusenga imana z’ikinyoma. Ahazi yaranatanze n’imiburiburi umwe mu bana biwe, ni ukuvuga mwene wabo na Hezekiya, ngo yicwe ashikanirwe imana Ahazi yasenga!

Naho Ahazi yabandanije gukora ibintu bibi, Hezekiya we yagumye agamburukira Yehova. Woba wibaza ko vyamworoheye?​— Emwe, bitegerezwa kuba bitamworoheye. Ariko Hezekiya ntiyaciye aheba! Reka turabe icamufashije kuguma yumiye kuri Yehova n’ukuntu twomwigana.

Hezekiya yarize ivyerekeye abandi bari barumiye kuri Yehova. Umwe muri abo yari Dawidi. Naho hari haciye imyaka amajana n’amajana Dawidi abayeho, Hezekiya yarashobora kwiga ivyerekeye Dawidi mu Vyanditswe. Dawidi yanditse ati: “Hamwe data na mama bonta, Yehova ubwiwe yonyitorera.”

Woba ubona icafasha Dawidi kugamburukira Yehova?​— Ni ukwizera yari afise! Dawidi yari azi neza ko agumye agamburuka, Yehova yomufashije. Dawidi yaravyemera adakekeranya! Kuzirikana kuri Dawidi bitegerezwa kuba vyarafashije Hezekiya kwumira kuri Yehova mu kumugamburukira. Na wewe urashobora kwizigira udakeka ko Yehova azogufasha niwaguma umwumiyeko mu kumugamburukira.

Ariko wobigenza gute hamwe so wawe canke nyoko wawe yoba adasenga Yehova?​— Imana isaba abana kugamburukira abavyeyi babo. Nawe rero ukwiye kugamburukira abavyeyi bawe. Ariko rero, abavyeyi baramutse bakubwiye ngo ukore ikintu Imana ivuga ko udakwiye gukora, wobasigurira igituma udashobora kugikora. Ntukwiye kubesha, kwiba, canke gukora ikindi kintu na kimwe Imana ivuga ko ari kibi, naho uwukubwiye kugikora yoba ari nde. Kugamburukira Imana ni vyo vyiza!

Hari uburorero bwiza dushobora kwigana. Hezekiya ntiyari afise akarorero ka Dawidi gusa; yari afise n’aka sekuru Yotamu. Naho Yotamu yapfuye Hezekiya ataravuka, Hezekiya yarashobora kwiga ibimwerekeye nk’uko nyene natwe dushobora kuvyiga muri Bibiliya zacu muri iki gihe. Hari ubundi burorero wibuka dushobora kwigana?​—

Ni ivy’ukuri yuko Bibiliya ivuga amakosa amwamwe Hezekiya, Dawidi, Yotamu n’abandi bantu badatunganye bakoze. Ariko abo bantu barakunda Yehova, bakemera amakosa bakoze, kandi bakihatira gukora ivyiza. Wibuke ko Umwana w’Imana, Yezu, ari we wenyene yari atunganye. Ese twokwiga canecane ibimwerekeye hanyuma tukagerageza kwigana akarorero kiwe.

Soma muri Bibiliya yawe

  • 2 Abami 18:6; 2 Ngoma 28:1-3

  • Zaburi 27:10; Abanyefeso 6:1

  • Abakolosayi 3:20; 2 Ngoma 27:1, 2; 1 Petero 2:21

a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika