UDUKURU TW’IRYA N’INO
Ikigobe ca Megizike
Inyuma y’isanganya ryabaye muri Ndamukiza 2010 mu kibanza gicukurirwamwo igitoro mu mazi, igitoro cinshi be n’ivyuka vyinshi vyarisutse muri ayo mazi mu kiringo c’amezi hafi atatu. Icigwa cagizwe n’umugwi umwe w’abashakashatsi cerekanye yuko haciye amezi abiri n’inusu ivyo bibaye, ibicafu vyisutse muri ico kiyaga vyari vyagabanutse; bashitse ku ciyumviro c’uko ivyo bicafu vyariwe n’utunyabuzima dutoduto two mu mazi twitwa bagiteri tubangamira umwuka witwa metane. Ariko rero hari abahinga batemera ko ari ukwo vyagenze. Biyumvira ko igice kinini c’ico gitoro cibiye epfo mw’ibahari.
Mu Burusiya
Nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru kimwe (Rossiiskaya Gazeta), itohoza rimwe ryagizwe ryerekanye yuko ibice 59 kw’ijana vy’Abarusiya bari hagati y’imyaka 18 na 35 bemera ko “kugira ngo umuntu aroranirwe mu buzima, abwirizwa kuza aragacishamwo akarenga ku ngingo ngenderwako asanzwe yisunga zigenga inyifato runtu.”
Muri Peru
Bimwebimwe mu bitiritiri vya kera cane bubuye (nk’ico ubona aho hejuru) vyerekana yuko kera cane, ubu hakaba haheze n’imiburiburi imyaka 3.000, abantu bo mu buraruko bwa Peru baturitsa intete z’ibigori zikaba injugu bakongera bagahingura ifu y’ibigori.
Mu Butaliyano
Umusenyeri w’umugatolika w’i Adria-Rovigo yitwa Lucio Soravito De Franceschi abona ko mu gutanga ubutumwa bw’Imana hakwiye gushirwa imbere “ivyo gushikira abantu umwumwe ukwiwe” bamusanze aho aba. Avuga ati: “Bwa bungere ba Ekeleziya, dukwiye kuja kuvuza udukengeri two ku miryango iwabo, aho kuvuza inkengeri zo ku rusengero zibahamagara.”
Muri Afrika y’Epfo
Mu rudandazwa rwa magendo, ihembe ry’igifaro (rhinocéros), rino rikaba rikoreshwa mu kuvura, ryaraduze igiciro gushika aho ikilo kimwe caryo kigurwa amadolari 65.000 (nk’amarundi imiliyoni ijana). Mu 2011, muri Afrika y’Epfo honyene, raporo imwe yavuze ko abahigi batabirekuriwe n’amategeko bishe ibifaro 448. N’i Buraya, ibibanza vy’ubushinguro bw’utwa kera be n’ivyo badandarizamwo ibintu icamunara vyaratewe n’imigwi y’inkozi z’ikibi zirondera ayo mahembe. Vyiyumvirwa ko n’ibifaro vyo mu bibanza vy’i Buraya bitungiwemwo ibikoko na vyo nyene bigeramiwe.