ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 1/13 rup. 3
  • Udukuru tw’irya n’ino

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Udukuru tw’irya n’ino
  • Be maso!—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ikigobe ca Megizike
  • Mu Burusiya
  • Muri Peru
  • Mu Butaliyano
  • Muri Afrika y’Epfo
  • Utunyabuzima tuzimanganya ibitoro
    Be maso!—2015
  • Udukuru tw’irya n’ino
    Be maso!—2015
Be maso!—2013
g 1/13 rup. 3

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Ikigobe ca Megizike

Inyuma y’isanganya ryabaye muri Ndamukiza 2010 mu kibanza gicukurirwamwo igitoro mu mazi, igitoro cinshi be n’ivyuka vyinshi vyarisutse muri ayo mazi mu kiringo c’amezi hafi atatu. Icigwa cagizwe n’umugwi umwe w’abashakashatsi cerekanye yuko haciye amezi abiri n’inusu ivyo bibaye, ibicafu vyisutse muri ico kiyaga vyari vyagabanutse; bashitse ku ciyumviro c’uko ivyo bicafu vyariwe n’utunyabuzima dutoduto two mu mazi twitwa bagiteri tubangamira umwuka witwa metane. Ariko rero hari abahinga batemera ko ari ukwo vyagenze. Biyumvira ko igice kinini c’ico gitoro cibiye epfo mw’ibahari.

Mu Burusiya

Nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru kimwe (Rossiiskaya Gazeta), itohoza rimwe ryagizwe ryerekanye yuko ibice 59 kw’ijana vy’Abarusiya bari hagati y’imyaka 18 na 35 bemera ko “kugira ngo umuntu aroranirwe mu buzima, abwirizwa kuza aragacishamwo akarenga ku ngingo ngenderwako asanzwe yisunga zigenga inyifato runtu.”

Muri Peru

Bimwebimwe mu bitiritiri vya kera cane bubuye (nk’ico ubona aho hejuru) vyerekana yuko kera cane, ubu hakaba haheze n’imiburiburi imyaka 3.000, abantu bo mu buraruko bwa Peru baturitsa intete z’ibigori zikaba injugu bakongera bagahingura ifu y’ibigori.

Mu Butaliyano

Umusenyeri w’umugatolika w’i Adria-Rovigo yitwa Lucio Soravito De Franceschi abona ko mu gutanga ubutumwa bw’Imana hakwiye gushirwa imbere “ivyo gushikira abantu umwumwe ukwiwe” bamusanze aho aba. Avuga ati: “Bwa bungere ba Ekeleziya, dukwiye kuja kuvuza udukengeri two ku miryango iwabo, aho kuvuza inkengeri zo ku rusengero zibahamagara.”

Muri Afrika y’Epfo

Mu rudandazwa rwa magendo, ihembe ry’igifaro (rhinocéros), rino rikaba rikoreshwa mu kuvura, ryaraduze igiciro gushika aho ikilo kimwe caryo kigurwa amadolari 65.000 (nk’amarundi imiliyoni ijana). Mu 2011, muri Afrika y’Epfo honyene, raporo imwe yavuze ko abahigi batabirekuriwe n’amategeko bishe ibifaro 448. N’i Buraya, ibibanza vy’ubushinguro bw’utwa kera be n’ivyo badandarizamwo ibintu icamunara vyaratewe n’imigwi y’inkozi z’ikibi zirondera ayo mahembe. Vyiyumvirwa ko n’ibifaro vyo mu bibanza vy’i Buraya bitungiwemwo ibikoko na vyo nyene bigeramiwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika