ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 3/15 rup. 7
  • Udukuru tw’irya n’ino

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Udukuru tw’irya n’ino
  • Be maso!—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uruhigi rutemewe rw’ibifaro
  • Ibiturire bitamenyekana
  • Internet muri Afrika
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Turwanye Ibiturire Dukoresheje Inkota y’Impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ni Kuki Ibiturire Vyimonogoje?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Internet—Nukoreshe neza ico gikoresho gitanga amakuru yo kw’isi yose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Be maso!—2015
g 3/15 rup. 7
Ibifaro bibiri

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Uko vyifashe muri Afrika

Abantu benshi n’amashirahamwe menshi nta ko batagira ngo batume ubuzima bwo muri Afrika burushiriza kuba bwiza. Ariko rero, ako karere k’isi karacarembejwe n’ingorane zisa n’izidashobora gutorerwa umuti.

Uruhigi rutemewe rw’ibifaro

Mu 2013, ibifaro 1.004 vyarishwe mu buryo butemewe n’amategeko muri Afrika y’Epfo, mu gihe mu 2007 hishwe 13 gusa. Naho igitigiri c’amahembe y’ibifaro agurishwa congerekanye, ayo mahembe aguma aronderwa cane ku buryo usanga ikilo cayo gishobora kuzimba gusumba ikilo c’inzahabu. Ihembe rimwe rishobora kugurwa igice c’umuliyoni w’amadolari.

UVYIYUMVIRAKO IKI? Intwaro z’abantu zoba zizoshobora gukuraho ubugarariji?​—Yeremiya 10:23.

Ibiturire bitamenyekana

Umuntu ariko araha uwundi igiturire

Ishirahamwe rirwanya ibiturire kw’isi yose rivuga yuko mu bihugu vyo muri Afrika yo mu Buseruko ari ho harangwa ibiturire gusumba mu bindi bihugu vyo kw’isi yose. Naho ari ukwo, ibice nka 90 kw’ijana vy’ababona abarya ibiturire, ntibabimenyesha abategetsi. Umuvugizi ry’iryo shirahamwe wo kw’ishami ryo muri Kenya, yavuze ati: “Biboneka ko abenegihugu batizigira ko amaleta yabo yogira ico akoze baramutse bayamenyesheje abarya ibiturire.”

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Igiturire gihuma amaso abantu babona neza.”​—Kuvayo 23:8.

Internet muri Afrika

Vyari vyitezwe yuko mu mpera zo mu 2014 ibice hafi 20 kw’ijana vy’Abanyafrika ari bo bobaye bakoresha internet. Ivyo vyashikirijwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ivy’ugutumatumanako amakuru. Igitigiri c’abakoresha internet ku twuma ngendanwa muri Afrika, kiriko kirongerekana incuro ziruta kabiri iyongerekana riba kw’isi yose.

1. Orodinateri yerekana ishusho y’umugabane wa Afrika; 2. Abantu 20 mu bantu 100; 3. Akamenyetso gasongoye kerekana iyongerekana ry’ibice 20 kw’ijana
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika