ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/4 rup. 29
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ivyo bijanye
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Woba uvyibuka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udukuru tw’irya n’ino
    Be maso!—2015
  • Womenya gute ingabire iruta izindi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/4 rup. 29

Ibibazo vy’abasomyi

Umukirisu yoba akwiye guha umukozi wa Leta agashirukabute cabure akamuhera ku bw’ibikorwa yamukoreye, canke ivyo vyobonwa nk’igiturire?

Aho abakirisu baba hose, bararondera gukoresha ubukerebutsi ngirakimazi mu kuntu bavyifatamwo mu kibano babamwo, bakibuka yuko ibintu vyemerwa kandi bidateye kubiri n’amategeko mu gihugu kimwe bishobora kuba bitemerwa namba mu kindi gihugu, vyongeye bigashobora kuba biteye kubiri n’amategeko (Imigani 2:6-9). Birumvikana yuko umukirisu akwiye kwama yibuka yuko umuntu wese agomba ‘gusembera mw’ihema rya Yehova’ ategerezwa kwamirira kure ingurire ari co giturire.​—Zaburi 15:1, 5; Imigani 17:23.

Igiturire ni iki? Twisunze igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The World Book Encyclopedia), gutanga “igiturire bisobanura guha canke kugabira ikintu c’agaciro umuntu . . . ajejwe amabanga, uno na we agaheza agakora ibiteye kubiri n’amabanga ajejwe canke ibiteye kubiri n’amategeko kugira agire ico amariye nyene kumuha ico giturire”. Ku bw’ivyo, aho umuntu yoba aba hose, ahaye umucamanza canke inyamiramabi amahera canke akamuhera kugira ngo agoreke ubutungane cabure akabiha umugenduzi w’akazi kugira ngo arenze uruho rw’amazi kw’ikosa ryakozwe canke ngo areke guhana uwarenze ku mategeko, ico gihe aba atanze igiturire. Vyongeye, guhera umuntu kugira ngo akwitwararike kurusha abandi, nk’akarorero mu kwimurira izina ryawe imbere y’ayandi mazina ari ku rutonde rw’abarindiriye canke mu kugusimbisha umurongo ukaja imbere y’abandi, na vyo nyene ni ugutanga igiturire. Ingendo nk’iyo irerekana ko uwubigira atagira urukundo.​—Matayo 7:12; 22:39.

Ariko none nka hamwe wohera umukozi wa Leta canke ukamuha agashirukabute kugira ngo agukorere igikorwa kidateye kubiri n’amategeko cabure kugira ngo nturenganywe, coba ari igiturire? Nk’akarorero, mu bihugu bimwebimwe abakuru boshobora gusa n’abadashaka kwandika abana mw’ishure, kwakira umuntu mu bitaro canke gushira ikidodo ku makaratasi atanga uburenganzira bwo kuba mu gihugu, gushika baronse agashirukabute. Canke boshobora kwikwega mu kuntu bitwararika ivy’abasavye ko baronswa izindi nkaratasi zibaha uburenganzira bunaka.

Ivy’ugutanga udushirukabute be n’ukuntu abantu muri rusangi babibona usanga bigenda biratandukana bivanye n’ahantu. Aho usanga mwene ukwo gutanga ari ikintu cama kigirwa canke citezwe, abakirisu bamwebamwe boshobora kwiyumvamwo yuko magingo batarenze ku mategeko, bataba barenze ku ngingo ngenderwako za Bibiliya igihe bahaye agashirukabute umukozi wa Leta kugira ngo akore igikorwa ciwe. Mu bihugu bimwebimwe abantu boshobora mbere kubona yuko mwene ayo mahera batanga ari akantu kagenewe gusununura umushahara w’umukozi wa Leta uba usanzwe ari intica ntikize. Urama wibuka yuko guhera umuntu kugira agukorere igikorwa kidateye kubiri n’amategeko ata ho bisa bisana no gutanga igiturire kugira bagukorere ikintu kitemewe n’amategeko.

Ku rundi ruhande, igihe bamwebamwe mu Vyabona vya Yehova baba bariko barasaba ibintu bidateye kubiri n’amategeko, baranka guha agashirukabute abagenduzi b’akazi, abakozi bakora mu bijanye n’amaduwane canke abandi, n’ahantu nyene gutanga mwene utwo dushirukabute vyama bigirwa. Kubera ko Ivyabona bazwi mu kibano yuko bafata iyo mpagararo bisunze ijwi ryabo ryo mu mutima kandi bakaba ari inzirabugunge, rimwe na rimwe barakorerwa ibikorwa abantu benshi bakorerwa ari uko babanje kugira ico batanze.​—Imigani 10:9; Matayo 5:16.

Muri make, umusavyi wa Yehova wese ategerezwa kwifatira ingingo niba azotanga agashirukabute kugira ngo akorerwe igikorwa kidateye kubiri n’amategeko canke ntarenganywe. Ikiruta vyose, akwiye gukurikira ingendo ituma agumana ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi, idasiga iceyi izina rya Yehova, kandi idatsitaza abandi.​—Matayo 6:9; 1 Ab’i Korinto 10:31-33; 2 Ab’i Korinto 6:3; 1 Timoteyo 1:5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika