ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/4 rup. 30
  • Woba uvyibuka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uvyibuka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ivyo bijanye
  • Samusoni atahukana intsinzi ku bw’inkomezi za Yehova!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Niwiheke kuri Yehova nka Samusoni
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Yaragize umutima rugabo igihe yagoyagoya
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Umugabo Akomeye Cane
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/4 rup. 30

Woba uvyibuka?

Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

• Ni imvo iyihe yatumye igenekerezo rya 25 Kigarama rifatwa nka wo musi wo guhimbarizako ivuka rya Yezu?

Ijambo ry’Imana nta genekerezo ritanga Yezu yavukiyeko. Igitabu kimwe (Enciclopedia Hispánica) kivuga giti: “Igenekerezo rya 25 Kigarama bahimbarizako Noweli ntiryavuye ku gihe gihura neza na neza n’umusi [Yezu] yavukiyeko. Ahubwo ryavuye ku gufata imisi mikuru bahimbaza mu Baroma mu rushana igihe baba batarasirwa n’imishwarara y’izuba bivanye n’ukuntu isi ihagaze, bakayigira iya gikirisu”. Abaroma ba kera bahimbaza iseruka ry’izuba mu kirere co mu rushana mu kwitereka ibifungurwa, mu kudandahirwa, no mu guhanahana utuganuke.​—15/12, urupapuro rwa 4-5.

• Mu Vyakozwe 7:59 hoba hasigura yuko Sitefano yasenze Yezu?

Oya. Bibiliya yerekana yuko isengesho ritegerezwa guturwa Yehova Imana wenyene. Kubera Sitefano yabonye Yezu mw’iyerekwa, biboneka yuko yumvise muri we ko ata comubuza kumwitura ata handi aciye, mu kuvuga ati: “Mwami Yesu, akīra ubugingo bganje”. Sitefano yari azi yuko Yezu yari yahawe ububasha bwo kuzura abapfuye (Yohana 5:27-29). Ni co gituma Sitefano yasavye, canke yatakambiye Yezu ngo azigame inguvu y’ubuzima yiwe gushika kw’izuka.​—1/1, urupapuro rwa 31.

• Tuzi dute yuko kazoza k’umuntu kataba karashinzwe imbere y’uko avuka?

Imana yahaye abantu umwidegemvyo wo kwihitiramwo, uwo na wo ukaba ukuraho iciyumviro c’uko ibibashikira baba baravyandikiwe. Vyari kuba bitaranga urukundo eka kandi bikaba akarenganyo iyo Yehova aza kuba yarashinze imbere y’uko tubaho ingendo tuzogira hanyuma akaduhora ibikorwa dukoze (Gusubira mu vyagezwe 32:4; 1 Yohana 4:8).​—15/1, urupapuro rwa 4-5.

• Ni kubera iki kuvuga yuko ibitangaro bidashoboka kwoba ari ukurenza urugero?

Kubera yuko abahinga bamwebamwe batahuye ko batazi vyose ku bintu bibajoreza biri mu vyo Imana yaremye, baremera yuko batagishoboye kwemeza neza ko ikintu kinaka kidashoboka. Bapfuma bavuga ko gisa n’ikitoshoboka.​—15/2, urupapuro rwa 5-6.

• Ni kubera iki Umucamanza Samusoni yabwiye abavyeyi biwe ko ashaka kwabira umwigeme w’Umufilisitiyakazi (Abacamanza 14:2)?

Kwabira umuntu asenga imana z’ikinyoma, vyari biteye kubiri n’amabwirizwa y’Imana (Kuvayo 34:11-16). Yamara, nya mwigeme w’Umufilisitiyakazi ‘yari ateye igomwe’ canke yari abereye kuri Samusoni. Samusoni “yarondera inyanduruko ku Bafilisitiya”, uwo mwigeme akaba yari abereye ku bw’uwo mugambi. Imana yarashigikiye Samusoni ikoresheje impwemu yayo (Abacamanza 13:25; 14:3, 4, 6).​—15/3, urupapuro rwa 26.

• Umukirisu yoba akwiye guha umukozi wa Leta agashirukabute canke akamuhera ku bw’ibikorwa yakoze?

Ni bibi guha igiturire umukozi wa Leta, kumuha ikintu c’agaciro kugira akore ikintu giteye kubiri n’amategeko, agoreke ubutungane canke kugira akwitwararike kurusha abandi. Mugabo nka hamwe wohera umukozi wa Leta canke ukamuha agashirukabute igihe aranguye igikorwa ashinzwe canke kugira ngo agukorere ikintu kidateye kubiri n’amategeko canke kugira ngo nturenganywe, ntiwoba utanze igiturire.​—1/4, urupapuro rwa 29.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika